Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Lewandowski, Kane, Lampard, Neto, Raul, Ginter, Zerkane, Berge
Chelsea yatanguye imibonano na Bayern Munich kugira ngo irabe ingene yogura umusatirizi Robert Lewandowski, umunya Pologne w'imyaka 32, ariko uyu murwi wo muri Premier League uhanganye bikomeye na Paris St-Germain hamwe na Barcelona. (Sky Sport Germany - in German)
Umusatirizi w'umwongereza Harry Kane yiteze kwimukira muri Manchester City ku giciro c'miriyoni zirenga 140 z'amadorari y'abanyamerika mu ci riza inyuma y'aho amenyesherejeTottenham Hotspur ko ashaka kugenda. Manchester United nayo nyene iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda kuri uyu mukinyi w'imyaka 27, ni mu gihe Tottenham yijijanya imitima ku bijanye no kugurisha uyu mukinyi ku bakeba bayo bo mu gisagara ca London,Chelsea. (Mirror)
Kane ashaka ko ikibazo co kwimuka kirangira imbere y'ihiganwa ry'igikombe ca Buraya rihuza imirwi nserukiragihugu (Euro 2020 ) ritegekanijwe gutangura ku wa 11 z'ukwa gatandatu, ariko Tottenham yoyo ibona ko ibi bidashoboka. (Guardian)
Tottenham yatanguye kwitegurira igenda rya Kane mu kwa kabiri, ica itangura kurondera ingene yogura umusatirizi wa Borussia Dortmund, umunya Norvège Erling Braut Haaland w'imyaka 20. (Mail)
Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer avuga ko uyu murwi ugura umusatirizi mu ci riza, n'aho umukinyi w'imbere Edinson Cavani, umunya Uruguay w'imyaka 34 aherutse gutera igikumu ku masezerano mashasha n'uyu murwi. (Goal)
Liverpool igiye kwugurura ibiganiro ku bijanye n'amasezerano mashasha n'umunyegori Alisson Becker, w'imyaka 28, hamwe n'umukinyi wo hagati Fabinho w'imyaka 27, mu ci riza, ikaba itegura ibi biganiro igihe aba bakinyi bompi bakomoka muri Brésil (Brazil) bazoba bagarutse mu kw'indwi, mu myimenyerezo yo kwitegurira ihiganwa ry'umwaka w'inkino. (Mail)
Crystal Palace iri mu biganiro n'uwahoze amenyereza Chelsea mbere yahoze akina hagati muri uyu murwi no mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Frank Lampard w'imyaka 42, kugira ngo ashobore gusubirira Roy Hodgson. (Talksport)
Uwahoze amenyereza Bournemouth Eddie Howe w'imyaka 43 na we nyene ari ku rutonde rw'abaronderwa cane kugira ngo basubirire Hodgson w'imyaka 73, ni mu gihe kandi umumenyereza wa Swansea Steve Cooper w'imyaka 41 hamwe n'uwa Barnsley umufaransa Valérien Ismaël w'imyaka 45, na bo nyene baboneka ko bashobora guhiganira ico kibanza. (Sky Sports)
Umumenyereza wa Everton Carlo Ancelotti avuga ko umukinyi wese yumva ko "atagononokewe" muri uyo murwi ashobora kugenda, ni mu gihe uyu mutariyano yamiriye kure amakuru avuga ko ashobora gusubirira Zinedine Zidane nk'umumenyereza wa Real Madrid. (Guardian)
Real Madrid iriko irabaza uwahoze ari rurangiranwa muri uyu murwi yanabaye umusatirizi w'umurwi nserukiragihugu wa Espagne Raul w'imyaka 43, niba ashobora kwemera gusubirira Zidane nk'umumenyereza. (AS)
Hagati aho, icizere c'uko uyu murwi wo muri Espagne ushobora kugura umusatirizi wa Paris St-Germain, umufaransa Kylian Mbappé w'imyaka 22, gishobora kutagera kure mu gihe Zidane yova i Bernabeu. (Eurosport)
Umukinyi wa Arsenal,umunya Brazil Willian w'imyaka 32, aripfuza kuva muri uyu murwi akaja gukinira umurwi wa David Beckham Inter Miami muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. (Sun)
Barcelona ishobora kurekura umunyegori wayo, umunya Brazil, Neto akagenda mu ci riza, ni mu gihe Arsenal ishaka gusubira kurondera uyu mukinyi w'imyaka 31. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Southampton iriteguye kurondera umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund, umunya Danemark Thomas Delaney w'imyaka 29. (ESPN)
Tottenham yamaze gusaba umukinyi w'inyuma wa Borussia Monchengladbach, umudagi Matthias Ginter w'imyaka 27, ariko ikaba iriko imurwanira naLiverpool hamwe na Inter Milan. (Bild - in German)
Aston Villa yatanguye kuvugana n'abaserukizi b'umukinyu wo ku ruhande wa Bordeaux,umunya Algeria Mehdi Zerkane w'imyaka 21, inyuma y'amezi atari make imukurikiranira hagufi. (L'Equipe - in French)
Leeds United iriko irarondera umukinyi w'imbere wa Hertha Berlin, Matheus Cunha, umunya Brazil w'imyaka 21, ariko arakurikiranwa kandi n'imirwi Napoli, Atalanta yo mu Butariyano, hamwe na Monaco wo mu Burafansa. (Leeds Live)
Southampton yashize ku rutonde rw'abakinyi ishobora kurondera, umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu wa Reims,umunya Cote d'Ivoire Ghislain Konan w'imyaka 25, nk'uwushobora gusubirira umukinyi w'inyuma w'umwongereza Ryan Bertrand w'imyaka 31, amasezerano afitaniye n'uyu murwi akazorangira mu ci. Aston Villa nayo nyene iriko iramurondera. (Mail)
Southampton ishobora kandi kurondera umunyegori wa Lazio, Thomas Strakosha, umunya Albania w'imyaka 26. (Tuttomercatoweb - in Italian)
Chelsea irashaka umukinyi wo hagati wa Atalanta, Ruslan Malinovskyi, umunya Ukraine w'imyaka 28, ariko kandi araronderwa na Inter Milan hamwe na Paris St-Germain. (Sun)
Chelsea yerekanye kandi ko ishaka umukinyi w'inyuma wa Wolfsburg, Maxence Lacroix, umufaransa w'imyaka 21. (Sky Germany, via Sky Sports)
Arsenal yatanze amafaranga yababa imiriyoni 24 z'amadorari y'abanyamerika ku mukinyi wo hagati, umunya Norvège Sander Berge w'imyaka 23, ariko umurwi Sheffield United wamanutse mu cicero ca kabiri wowo umushakako n'imiburiburi imiriyoni 36.5 z'amadorari hamwe n'agashirukabute ko kumugurisha. (London.Football)
Newcastle United yongereje amezi 12 ku masezerano ifitaniye n'umukinyi w'inyuma wa Pays de Galles/Wales Paul Dummett w'imyaka 29.(Football Insider)
Umukinyi w'inyuma Diogo Dalot aripfuza kuvavanura burundu n'umurwi wiwe Manchester United kugira yinjire burundu muri AC Milan mu gihe amasezerano y'intizo afitaniye n'uyu murwi w'i San Siro azoba arangiye mu ci riza. (Calcio Mercato - via Sun)
Liverpool yongereje akariro mu kurondera umukinyi wo hagati wa Portugal Pedro Goncalves w'imyaka 22, ikaba yamaze gushikira umurwi wiwe Sporting Lisbon kugira ngo ishobore kumugura. (Record, via Team Talk)
Arsenal yakuwe mw'ihiganwa ryo kurondera umukinyi wo hagati wa Rennes Eduardo Camavinga w'imyaka 18, n'aho yari yerekanye ishaka rinini ryo kurondera uyu mufaransa akina mu murwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 21. (Express)