Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Kane, Neymar, Ronaldo, Varane, Aguero, Bailly, Martinez

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi w'Umwongereza Harry Kane w'imyaka 27 yipfuza kuguma mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier League, ariko agashaka kuja muri Manchester United canke Manchester City mu gihe yoshaka kuva muri Tottenham. (Independent)
Umukinyi rurangiranwa wa Brésil/Brazil, Neymar ubu afise imyaka 29, avuga ko amasezerano yomutuma abandanya akinira Paris St-Germain "atakiri ikibazo" kandi ko yumva "amerewe neza cane" muri uno murwi watsindiye ihiganwa ry'umwaka uheze mu Bufaransa. (ESPN Brazil, via Goal)

Ahavuye isanamu, Reuters
Manchester United iripfuza kugarukana umusatirizi wa Portugal Christiano Ronaldo ubu afise imyaka 36 akaba asanzwe akinira Juventus, ikabona ko yoshobora kumuguza n'umukinyi wo hagati w'umufaransa Paul Pogba w'imyaka 28 agasubira muri Juventus. (Calciomercato - in Italian)
Manchester United kandi irashaka ko mu ci yoshika ku masezerano yoyituma igura umukinyi w'inyuma wa Real Madrid n'umurwi nserukiragihugu w'Ubufaransa Raphael Varane. Real iharura ko uyu mukinyi w'imyaka 27 ari ku giciro c'imiriyoni hafi 83 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United na Chelsea ziripfuza kugura umukinyi w'imbere wa Juventus, umunya Argentine Paulo Dybala w'imyaka 27. (Tuttosport - in Italian)
Tottenham iribaza ko umumenyereza wa Wolves Nuno Espirito Santo ashobora gusubirira Jose Mourinho asanzwe ayimenyereza muri kino gihe. (Express)
Chelsea iripfuza cane kugura umukinyi w'inyuma wa Atletico Madrid umunya Uruguay Jose Maria Gimenez w'imyaka 26, ariko kandi ikipfuza umufaransa Jules Kounde w'imyaka 22 asanzwe akina muri Seville. (La Razon - in Spanish)
Real Madrid iracafise icizere ko izoshobora kugura umusatirizi w'umufaransa Kylian Mbappe mu ci riza, ariko uyu mukinyi w'imyaka 22 ntakibuza ko ashobora kwigumira mu mugwi wiwe Paris St-Germain. (Goal)

Ahavuye isanamu, EPA
Barcelona igiye kurondera umusatirizi wa Manchester City Sergio Aguero w'imyaka 32, amasezerano afitaniye n'uyu murwi akaba azorangira mu ci riza, ariko ntibona ko izoshobora kumuriha umushahara yipfuza w'imiriyoni 10 z'ama Euros ku mwaka ziriko zitangwa na Juventus.(Sport)
Everton irashaka kugura umukinyi Max Aarons akina muri Norwich City no mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza w'abatarenza imyaka 21, ariko rero irashaka ko igiciro ciwe kingana n'imiriyoni 41 z'amadorari kigabanuka. (Times - subscription required)

Ahavuye isanamu, Getty Images
TottenhamSpurs iriko irarondera umusatirizi wa Autriche Sasa Kalajdzic w'imyaka 23 ubu asanzwe akina muri Stuttgart. (Eurosport)
Boca Juniors iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Arsenal Lucas Torreira. Uyu munya Uruguay w'imyaka 25 ubu asanzwe akina muri Atletico Madrid aho yatijijwe akaba adashaka kwimukira burundu muri uwo murwi. (TyC Sports - in Spanish)
Leeds iriko irarondera kugura umukinyi w'umufaransa Romain Perraud w'imyaka 23 asanzwe akina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu mu mugwi Brest, ariko iriko imurwanira na Lyon. (Mail)
Leeds iriko irihweza ingene yogura umukinyi w'inyuma wa Sampdoria umunya Gambia Omar Colley w'imyaka 28.. (Tuttomercato - in Italian)
Umukinyi w'inyuma wa Côte d'Ivoire Eric Bailly ubu afise imyaka 27 nta mugambi afise wo gutera igikumu ku yandi masezerano na Manchester United akaba ashaka kuva muri uyu mugwi mu ci riza. Amasezerano yiwe n'uyu mugwi azorangira mu mpera z'ihiganwa ry'umwaka uza. (ESPN)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aston Villa iriko yitegura kwakira ibifaranga vyinshi ku munyegori wayo Emiliano Martinez mu ci riza. Uyu munya Argentine w'imyaka 28 avugwa ko yoba ariko araronderwa na Manchester United. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Valencia yemeye guha Wolves umukinyi wayo akina ku ruhande, umunya Portugal Goncalo Guedes w'imyaka 24. (Mail)
Fulham, Monaco na Genk ziriko rirarondera umusatirizi wa Chelsea umwongereza Ike Ugbo w'imyaka 22, asanzwe yaratijijwe muri Cercle Bruges yo mu Bubirigi. (Goal)









