Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mourinho, Aguero, Messi, Cavani, Pulisic, Giroud, Sancho, Konsa, Henry

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'umurwi Tottenham, Daniel Levy avuga ko yipfuza kurindira gushika iri higanwa ry'uyu mwaka rirangire imbere y'ugufata ingingo ku bijanye na Jose Mourinho ko yobandanya amenyereza uyu murwi canke agasubirizwa. (ESPN)
Umusatirizi wa Argentina Sergio Aguero w'imyaka 32 avuga ko atazi nimba uyu mwaka uzoba ari wo wa nyuma akiniye Manchester City. (Times)
Umusatirizi wa Barcelona n'umurwi nserukiragihugu wa Argentina Lionel Messi w'imyaka 33 ntarafata ingingo y'umurwi azokinira mu mwaka uza mu gihe n'abamuserukira ata murwi n'umwe baratangura kuvugana. (ESPN)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Manchester United, Ole Gunnar Solskjaer yemeje ko agiye kugiriranira ibiganiro n'umusatirizi wa Uruguay Edinson Cavani afise imyaka 34 ubu, mu ntumbero yo kuraba ingene amasezerano uyu mukinyi afitaniye n'uyu murwi yokwongerezwa ikindi kiringo. (Sky Sports)
Umumenyereza wa Chelsea, Thomas Tuchel aripfuza ko umukinyi w'umunyamerika akina ku ruhande, Christian Pulisic w'imyaka 22 aguma muri Stamford Bridge, ariko akavuga ko ata ngingo irafatwa. (London Evening Standard)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tuchel avuga ko "hakiri kare cane" gufata ingingo ku bijanye na kazoza k'umukinyi Olivier Giroud, umusatirizi w'umufaransa w'imyaka 34 mu gihe yinjiye mu mezi ya nyuma y'amasezerano yiwe afitaniye na Chelsea. (Mirror)
Umunyegori wa Chelsea, umunya Esupanye Kepa Arrizabalaga w'imyaka 26 avuga ko atigeze yipfuza kuva muri uyu murwi kandi ko ata bwoba afise kubona atarashobora kuba nomero ya mbere mu gusamira uyu murwi. (Star)
Borussia Dortmund iripfuza kugurisha mu ci riza umukinyi w'imbere w'umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 20 maze ikagumana umusatirizi Erling Braut Haaland w'imyaka 20 ava muri Norvege. (Bild - in German)
Umumenyereza wa Aston Villa, Dean Smith aramirira kure amakuru avuga ko umukinyi w'inyuma w'umwongereza Ezri Ngoyo Konsa w'imyaka 23 yoba ariko aronderwa na Liverpool hamwe na Tottenham. (Birmingham Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyegori wa AC Milan, umutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 21 yipfuza kuba umunyegori wa mbere kw'isi ahembwa umushahara munini. Amasezerano yiwe n'uyu murwi azorangira mu mpera z'ihiganwa ry'uno mwaka, kandi imirwi PSG na Chelsea iriko iramurondera. (90min)
Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Arsenal Thierry Henry yoba ari hafi yo kuba umumenyereza mushasha wa Bournemouth inyuma y'aho uyu murwi wo mu cicaro ca kabiri uherewe uruhusha rwo gutangura ibiganiro n'umurwi asanzwe amenyereza muri kino gihe, Montreal Impact, wo muri Canada. (TalkSport)

Ahavuye isanamu, AFP
Uwigeze gutsindira ihiganwa ryo kwoga ubu akaba ari umushikiranganji w'inkino w'Ubufaransa, Roxana Maracineanu atakambira umusatirizi w'umufaransa Kylian Mbappe ubu afise imyaka 22 ko yoguma mu murwi Paris St-Germain, ni mu gihe hari amakuru avuga ko ariko aronderwa na Real Madrid. (AS)
Umuhungu w'imyaka 13 w'uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Everton N'Ubwongereza, Phil Jagielka, yagiriraniye amasezerano n'umurwi wa Liverpool, abakeba b'uyu murwi wahoze ukinamwo se wiwe.(Mail)
Umumenyereza waEverton Carlo Ancelotti arizeye ko azogura abakinyi beza mu myaka ibiri iri imbere ata buryo bwinshi cane akoresheje. (Liverpool Echo)









