Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mourinho, Ziyech, Damsgaard, Puig, Sarr
Umumenyereza wa Tottenham Hotspur, Jose Mourinho, ntariko arirukanwa n'aho ibintu bitifashe neza kuri uyo murwi hamwe n'ibihuha bivuga ko abakinyi bakuru bakuru muri uyo murwi bafise impungenge . (Mirror)
Milan na Juventus bariko bakurikiranira hagufi umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea, Hakim Ziyech w'imyaka 27 akomoka muri Maroke. (Calciomercato)
Leeds United, Southampton na West Ham United zishobora guhangana na Tottenham mu kurondera kugura umukinyi wo hagati wa Sampdoria umunya Danemark Mikkel Damsgaard w'imyaka 20. (Star)
Imbere y'uko Arsenal itizwa umukinyi wo hagati, umunya Norvege Martin Odegaard wa Real Madrid afise imyaka 22, yari yananiwe no kuronka umunya Esupanye Riqui Puig w'imyaka 21 akina mu murwi Barcelona.(Express)
Umuhagarikizi wa Ismaila Sarr avuga ko ibiganiro bigeze kure kugira ngo uyu munya Senegal w'imyaka 22 akina hagati muri Watford no mu murwi nserukiragihugu w'igihugu ciwe ashobore kwinjira muri Liverpool mu kw'icenda. (Liverpool Echo)
Umukinyi w'inyuma wa Zenit St Petersburg, umunya Croatia Dejan Lovren w'imyaka 31 yahoze akina muri Liverpool, avuga ko umunya Misiri Mohamed Salah w'imyaka 28 bahoze bakinana kandi ari abagenzi pfa mpfe, agiye kumara iyindi myaka itari mike i Anfield. (Talksport)
Manchester United ntirafata ingingo nimba yokwongereza ikiringo c'umwaka amasezerano ifitaniye n'umusatirizi w'umunya Uruguay Edinson Cavani w'imyaka 34, mu gihe umunya Esupanye akina hagati Juan Mata w'imyaka 32. hamwe n'umunyegori w'umunya Argentina Sergio Romero,w'imyaka 33 bobo bazosezererwa mu ci riza. (Manchester Evening News)
Umukinyi w'inyuma wa Bayer Leverkusen, Timothy Fosu-Mensah w'imyaka 22 akomoka mu Buholande avuga ko vyabaye ngombwa ko ava muri Manchester United kugira ngo ashobore kubandanya n'umugwa wiwe. (Mail)
Tottenham iriko irategurira ikibanza mu murwi w'abakinyi ba mbere bayo umwongereza Oliver Skipp w'imyaka 20 akina hagati mw'ihiganwa ry'umwaka uza inyuma y'ugukora bigashimwa muri Norwich City aho yari yatijijwe. (Football Insider)
Umukinyi wo hagati wa Real Madrid na Croatia Luka Modric w'imyaka 35 yemeye ko ashobora gukatwa umushahara kugira ngo ashobore kuguma akinira uyo murwi. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Juventus yari yiyeyeje kugura umukinyi wo hagati wa Manchester United, umufaransa Paul Pogba mu kwa kane kw'umwaka uheze wa 2020, ikaba yari yemeye gutanga umunya Brezili akina ku ruhande Douglas Costa, umunya Bosnia akina hagati Miralem Pjanic, umunya Pays de Galles akina hagati Aaron Ramsey hamwe n'umufaransa akina hagati Adrien Rabiot kugira ngo ibaguze na Pogba - ariko Man U yarakuriye inkoni ku gishitsi uyu murwi wo mu Butaliyano mu kuwusaba imiliyoni 120 y'amadorari ya Amerika kugira ngo ishobore kubaha uyu mukinyi w'imyaka 27. (Calciomercato)
Umuserukiri wa Pogba, Mino Raiola, avuga ko "ategerezwa gukora mu bwitonzi bwinshi" iyo havyutse ikibazo c'uyu mukinyi wa Manchester United mu gihe hari amakuru avuga ko Juventus yipfuza kwisubiza uyu mukinyi wo hagati. (Talksport)
Manchester United itegerezwa kubanza ikihangana imbere y'ugukinisha umunya Cote d'Ivoire Amad Diallo w'imyaka 18 akina ku ruhande, mu gihe acimenyereza umukino wo mu Bwongereza, ibi bikavugwa n'umumenyereza w'uyu murwi w'abatarenza imyaka 23 Neil Wood. (Goal)
Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Manchester United n'umurwi nserukira gihugu w'Ubwongereza Paul Parker avuga ko amajambo y'umumenyereza Ole Gunnar Solskjaer ko umurwi wiwe utakiri mu yihiganira gutsindira ihiganwa ryUbwongereza ari "amajambo atagira mvura". (Sun)