Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Shawcross, Gibbs, Martinez, Solskjaer, Klopp, Hodgson

Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Inter Miami, umurwi wo mw'ihiganwa ryo muri Amerika Major League Soccer washinzwe na David Beckham hamwe na Phil Neville, wipfuza kugura abahoze ari abakinyi mpuzamakungu b'Ubwongereza- Ryan Shawcross w'imyaka 33 akina hagati muri Stoke City hamwe na Kieran Gibbs w'imyaka 31 akina inyuma muri West Brom. (Sun)

Manchester City igiye kuva inyuma mu ruhigi rwo kurondera kugura umusatorizi wa Inter Milan Lautaro Martinez akomoka muri Argentine mu gihe uyu musatirizi w'imyaka 23 yiteze gutera igikumu ku masezerano mashasha n'uyu murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A. (Eurosport)

Lautaro Martinez

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lautaro Martinez

Jurgen Klopp ntiyishimiye poritike ya Liverpool ijanye no kugura abakinyi inyuma y'aho mu kwa mbere guheze uyu murwi unaniriwe no kugura umukinyi w'inyuma w'umunya Senegal Kalidou Koulibaly w'imyaka 29 asanzwe akina muri Napoli. (Sun)

Ander Herrera kina hagati muri Paris St-Germain avuga ko amategeko ajanye no kutarenza urugero mw'ikoreshwa ry'amafaranga (Financial Fair Play) azobuza uyu murwi kugura umusatirizi wa Barcelona Lionel Messi ubu afise imyaka 33. (El Larguero via AS)

Umukuru wa Bayern Munich Karl-Heinz Rummenigge avuga ko ryoba ari "iteka" ari nka hamwe boshobora kugura umukinyi Mohamed Salah wa Liverpool ariko agashimangira ko uyu murwi ata mugambi ufise wo kurondera uyo musatirizi w'imyaka 28 akomoka mu Misiri. (ON Time Sports via Mirror)

Mohamed Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mohamed Salah

Kizigenza wa Real Madrid Sergio Ramos yanse ayandi masezerano y'imyaka ibiri akaba afise integuro yo kuja gukinira uwundi murwi wo ku mugabane wa Buraya mu gihe amasezerano n'uyu murwi wiwe azoba arangiye mu mpera z'ihiganwa ry'uyu mwaka. (Cope - in Spanish)

Manchester United bizoyibera ngombwa ko irindira ihiganwa rirangire kugira ngo ishobore gutangura ibiganiro n'umumenyereza wayo, umunya Norgeve Ole Gunnar Solskjaer, amasezerani akaba azorangira mu mpera z'umwaka w'inkino wa 2021-22. (Sun)

Real Madrid niyo ifise amahirwe yo gutahukana umukinyi wo kuruhande rw'i buryo inyuma wa Bayern Munich, umunya Autriche David Alaba w'imyaka 28, mu gihe Chelsea idashaka gushitsa umusharaha asaba ungana na 400.000 y'ama pawundi ku ndwi. (ESPN)

David Alaba

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, David Alaba

AC Milan iriteguye gutangura ibiganiro n'umusatirizi wa Suwede Zlatan Ibrahimovic w'imyaka 39 kugira ngo irabe ko yotera igikumu ku yandi masezerano yomutuma akinira uyu murwi gushika ashikanye imyaka 41. (Sun)

Manchester City igiye gutangura ibiganiro n'umukinyi w'umwongereza John Stones w'imyaka 26 mu ci riza, icerekana ko afise uruhara ntangere muri uyu murwi uriko uhiganira gutahukana ihiganwa ry'Ubwongereza. (Times - subscription required)

John Stones
Insiguro y'isanamu, John Stones

Crystal Palace ntirabona neza nimba ikwiye kugiriranira ayandi masezerano mashasha n'umumenyereza Roy Hodgson w'imyaka 73 kugira abandanye amenyereza uyu murwi mu mwaka uza. Amasezerano afitaniye n'uyu murwi azorangira mu ci riza. (Mail)

Umusatirizi wa Newcastle United umwongereza Dwight Gayle w'imyaka 31 ntiyishimiye ingene ataronka umwanya wo gukina, agashobora kuva muri uyu murwi mu mpera z'iri higanwa igihe amasezerano afitaniye na wo azoba arangiye. (Chronicle)

Umunyegori wa Roma w'umunya Suwede Robin Olsen w'imyaka 31 aripfuza ko yokwinjira burundi muri Everton asanzwe akinira nk'intizo. (Goal)

Dwight Gayle

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Dwight Gayle

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola ariko araraba ingene yoreka umunyegori wa Brezili Ederson 27 akaba ari we atera ya mipira yo ku metero 11 (penalty) - ni mu gihe uyu murwi umaze gutakaza penalties zitatu muri indwi bamaze kuronka muri iri higanwa ry'uwu mwaka. (Independent)

Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Manchester United Gary Neville avuga ko uyu murwi ukeneye kugura umukinyi wo hagati ku ruhande rw'inyuma (milieu defensif) hamwe n'uw'inyuma mu ci riza. (Sky Sports, via Goal)