Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Frank Lampard: Ibintu bishobora kuba nabi muri Chelsea, niko Chris Sutton abibona
Ibintu "bishobora kuba bibi" kuri Frank Lampard muri Chelsea mu gihe itoronka intsinzi vuba bwango, nk'uko bivugwa na Chris Sutton yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza.
Mu nkino zitanu zose ikinye, Chelsea yatahiye amanota ane yonyene inyuma y'aho urukino rwa nijoro ku wa mbere rurangiriye inganya igitindo kimwe na Aston Villa, ica ija mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League.
Sutton yabwiye Radio 5 Live yegukira BBC ati: "Muri iki gihe, bari mu bibazo kuko bariko bakina nabi".
"Bacitse intege, Frank akeneye ko umurwi wiwe utsinda n'imiburiburi inkino nkeya vuba bishoboka kuko, nk'uko tubizi, ibintu bishobora kuba nabi muri Chelsea".
'Sinibaza ko Chelsea ishobora gutsinda iri higanwa'
Frank yahoze ari rurangiranwa muri uyu murwi yagenywe kuba umumenyereza wawo mu mwaka uheze, maze ashobora kuwushikana mu mirwi ine ya mbere, anawushikana mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'Ubwongereza, FA, catahukanywe na Arsenal.
Yarahawe uburyo bwinshi cane kugira ngo ashobore kugura abakinyi, aho yakoresheje imiriyoni zirenga 270 z'amadorari y'Abanyamerika mu kugura Hakim Ziyech, Timo Werner, Kai Havertz, Ben Chilwell hamwe na Edouard Mendy.
Ariko Sutton abona ko Lampard atarashobora gushikana uyu murwi ku rugero wategerezwa kuba uriko.
Sutton ati: "Tuvyanka tuvyemera, uyu mwaka si mwiza cane kuri Frank. Araremerewe; yakoresheje amahera menshi. Ubu ari mu mazi abira".
"Si nipfuza guca urubanza hakiri kare kuri Chelsea na Frank kuko nk'ubu ari nka hamwe botsinda inkino nka zibiri bikurikiranya, barashobora kwisanga mu kibanza ca kabiri, maze icizere co gutsinda ihiganwa kigaca gisubira kuvyuka".
"Ariko sinibaza ko Chelsea ishobora gutsinda iri higanwa. Ni babanze bagere ku rugero rwo gukina uko bategerezwa gukina".
N'aho Sutton abona nabi ibintu muri Chelsea, ikizwi ni uko mu nkino 14 zayo zose yakiniye ku kibuga cayo, yatsinzwe urukino rumwe rudende, itsinda 10, urwo rukino rukaba ari urwayihuje na Liverpool mu kw'icenda, rurangira itsinzwe 2-0.
Hanyuma kandi tugiye muri rya higanwa rya Buraya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, UEFA Champions League, Chelsea ni iya mbere mu murwi E, kandi mu nkino zose imaze gukina ntirigera itsindwa.
'Iki nico gihe kigoye'
Mu gihe Chelsea yamara inkino 17 zose idatsindwa - ivyarangiye itsinzwe na Everton - Lampard yavuze yijiriwe ko ibintu bitararangira.
Aho rero nijoro aho umurwi wiwe unganirije na Aston Villa kandi wari muhira, yasubiye kuvuga ko abakinyi biwe bakeneye kwongereza inguvu gusumba uko bariko barakina muri kino gihe.
Ati: "Iki nico gihe kigoye muri uno mwanya. Dutegerezwa gukura amaboko mu mpuzu tukarwana urugamba, kandi ndazi ko tuzosubira tukaduga".
"Mu gihe nk'iki c'umwaka, uba ukeneye amanota. Ndumva abakinyi bacitse intege kuko bakeneye gutsinda".
"Mu ndwi nkeya ziheze, abantu badufata nk'umurwi ushobora gutahukana iri higanwa. Ubu ibintu ntivyoroshe. Ndizeye ko abakinyi bashasha bazogenda bamenyera uko imisi izogenda".
Muri aba bakinyi baguzwe ku mahera y'umurengera mu ci riheze, Mendy na Chilwell ni bo bonyene batanguye mu kibuga.
Sutton ashira amakosa yose kuri uyu yahoze ari umusatirizi wa Leipzig, Timo Werner, ariko ngo na Kai Havertz ntiyavyifashemwo neza.
Werner yinjije ibitsindo 34 mu Budagi mu mwaka w'inkino uheze, ariko mu nkino 16 zose amaze gukina muri Premier League, amaze gutsinda bine gusa.
Bitegekanijwe ko ku wa Mungu Chelsea yakira Manchester City, ariko nta wuzi ko ruzoba, kuko na nijoro urukino rwari guhuza City na Everton rwingurujwe kubera abakinyi batari bake bayo banduye wa mugera wa coronavirus.