Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arsenal 3-1 Chelsea: Lampard abona ko umurwi wiwe udashoboye gutsinda ihiganwa
Ku bakunzi ba Arsenal, urukino rwa nijoro rwaraye rurangije urugendo rw'imisi 56 bari bamaze barindiranye n'umwiheburo mwinshi iyindi ntsinzi y'umurwi wabo mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League.
Ku bakunzi ba Chelsea, waraye ubaye umusi mubi muri ino misi mikuru ya Noweri.
Iyo aba bantu ba Frank Lampard batsinda, bari gusimbira mu kibanza ca kabiri, ubu bakaba bari kuba bari mu ca gatatu, ariko rero ntibavyifashemwo neza. Arsenal yaraye yikuye akagaye mu kubatsinda ibitsindo 3-1, ubu bakaba bisanga mu kibanza c'indwi.
Lampard avuga ko abakinyi biwe baterekanye inguvu n'ugushaka bikwiye, mu gihe Mikel Arteta avuga ati "abakunzi bari bamaze igihe kirekire bacitse intege".
None batera baja he inyuma y'igikorwa baraye berekanye nijoro?
Arsenal ntiyari bwigere isubira gutsinda muri Premier League kuva aho Pierre-Emerick Aubameyang atsindiye igitsindo co kuri wa mupira utererwa ku metero 11 (penalty) igihe itsinda Manchester United mu ntango z'ukw'icumi na rimwe.
Arsenal yaheruka kumara inkino umunani zose idatsinze muri Premier League mu 1993.
Yari imaze kandi gutsinda inkino zibiri gusa mu nkino 17 zose yari imaze guhura na Chelsea, ariko barikuye uwo muzigo wose maze igice ca mbere kirangira Arsenal ifise 2 ku busa bwa Chelsea, ibitsindo vyinjijwe na Alexandre Lacazette na Granit Xhaka.
Arteta ati: "Ni umusi udasanzwe koko. Ni ibintu bidakunze kuba mu karuhuko k'umusi wa Noweri, gushobora gukina urukino rukomeye nk'uru tugashobora gutsinda uko twatsinze".
"Twari mu mubabaro udasanzwe kandi twacitse intege kubera amanota mabi".
"Abakinyi bari bababaye, abakunzi bari bababaye ariko ndibaza ko ibintu bigiye guhinduka kandi bizotuma icizere congerekana kuko ndazi ko bashoboye kubandanya bakina nk'uko bakinye uyu munsi".
Iminota ya nyuma y'urukino yabaye igihuhusi kuri Arsenal inyuma y'igitsindo ca Chelsea - ibintu bikaba bitari kworoha iyo Jorginho ashobora kwinjiza penalty - ariko Arteta arishimira ugushaka kw'abakinyi biwe berekanye gushika ruhere.
Yabwiye BBC ati: "Kuva kw'ifirimbi ya mbere warabona ko abakinyi bafise inguvu nyinshi kandi bafise n'ishaka ryo gutsinda uru rukino".
"Umunezero wari mwinshi inyuma y'urukino, warabona ko bari banyotewe intsinzi. Nishimiye abakinyi ndetse n'abakunzi bacu - twabaciye intege mu ndwi zitari nke, rero uyu munsi wari umunsi mwiza wo gushobora kubaha ikintu co kwishimira".
Mu nkino zine ziri imbere, Arsenal izohura na Brighton, West Brom, Crystal Palace hamwe na Newcastle. Ubwo izoshobora kubandanya bakina uko baraye bakinye?
'Twaranebwe - numva ishavu'
Hari haciye indwi zibiri gusa urugendo rw'inkino 17 Chelsea yari imaze idatsindwa ruhagaze igihe Everton iyitsinda, mu rukino rwari gutuma ifata ikibanza ca mbere ico gihe iyo ikarutsinda.
Urukino rwa nijoro rubaye urukino rugize gatatu batsinzwe mu nkino zine gusa, ivyatumye Lampard asubiramwo amajambo y'uko umurwi wiwe ata bushobozi ufise bwo gutsindira rino higanwa.
Yabwiye BBC ati: "Imirwi ibandanya itsinda, itsinda, itsinda itaruha muri kino gihe si imirwi yahora itsinda cane mu myaka ibiri canke itatu iheze".
"Bifata igihe kandi ndabona ko tutarashika aho dushaka, ibi biraboneka. Naravyiyumvamwo igihe twamara iminsi tudatsindwa, kandi n'ubu ndavyiyumvamwo. Uno munsi vyatwankiye n'ukuri".
Lampard avuga ko yari yabwiye abakinyi biwe ico yipfuza, akabona ko bamuhemukiye mu minota 45 yanyuma.
Ati: "Numva ishavu kuko nashaka ko dutsinda urukino".