Odion Ighalo: Rutahizamu wa Manchester United yashitse ku ndoto yiwe n'igitsindo ca mbere

Odion Ighalo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Odion Ighalo yimukiye mu murwi wa Manchester United, ivyatangaje benshi mu bakunzi biwe.
Yatangajwe

Ukwimukira mu murwi Manchester United kwa Odion Ighalo kwabaye imwe mu nkuru zaranze abakunzi b'umupira w'amaguru ku mbuga ngurukanabumenyi, bitumwe n'uko bidansanzwe.

Kuva kuwa kane, yaravuzwe cane - kandi ubu hoho, bifise ishingiro.

Richard Arnold arongoye umurwi Manchester United, niwe yatanguye yishimira ko amasezerano umurwi wiwe wagiranye na Ighalo yatumye iba inkuru ya mbere mw'isi ku bakoresha urubuga rwa 'Twitter'.

Ivyo vyashitse umunsi umwe wa 'Brexit' n'urubanza rw'ugukura canke kugumiza icizere kuri Perezida Trump.

Ariko, abadakunda umurwi wa Manchester United bo babona atari ngombwa ko iba inkuru nziza kur'uwo murwi.

Umukinyi Ighalo w'imyaka 30 aturuka muri Nigeria yahagaritse gukinira umurwi wo mu Bushinwa - Shanghai Shenhua - ngo aje gukomeza umurwi w'Abongereza inyuma y'aho Marcus Rashford akomerekeye.

Iyimuka rya Ighalo ritangaje kuko ata vyinshi Ubwongereza bumuziko uretse ko yatsindiye ibitsindo 6 umurwi Watford yakiniye, mu mwaka wiwe wa nyuma.

Inyuma y'ukugaragara incuro zitatu nk'umukinyi w'umusubirizi w'umurwi Manchester United, yatanguranye neza n'uwo murwi kuwa 27 z'ukwa kabiri, asubirira Anthony Martial.

Yasubiriye kuvurwa ku mvo zitandukanye.

Abakunzi ba Manchester United, banemera Ighalo, bamuririmba igihe ari mu batsindiye umurwi wiwe, uhura na Bruges, 5-0.

Hari mu nkino zihuza imirwi ya Bulaya, urukino rwabereye mu gisagara ca Manchester, kuri kimwe mu bibuga vya kera ca Old Traffod, cubatswe mu 1909.

Ighalo yariyemeye anikeza avuga ati "Ni ibihe bidasanzwe kuri jewe, nari ndindiriye kuva kera".

Yongeye ati, "Ni urukino rutari rworoshe, ariko rwampaye amahirwe y'ugutangurana na Manchester United ku gitsindo. Ni n'iteka kuri jewe gutangurana uko n'umurwi nkunda kuva nkiri umwana."

Ijoro ntibagiranwa rya Ighalo

Odion Ighalo's touches

Ahavuye isanamu, Opta

Insiguro y'isanamu, Odion Ighalo yihaye iteka mu minota 30 yanyuma y'urukino.

Uretse ko rwari urukino rwa kane Ighalo akiniye Manchester United, bwabaye n'ubwa mbere atsinda mu nkino z'amahiganwa y'imirwi ya Bulaya.

Ubuhinga bwa Ighalo bwasize umurwi wa Bruges mu 'kantu'. Igihe cose yakoze ku mupira, vyatera akoba abakinyi b'inyuma b'umurwi wa Bruges.

Ighalo yatanguye yerekana ko agiye kubangamira umurwi wa Bruges kuva mu masekonda 60 ya mbere, ahawe umupira na mugenziwe Juan Mata.

Igitsindo ciwe cavuye ku mupira ahawe na Bruno Fernandes, ku metero 5 z'igori.

N'ica kabiri yari agiye kukironka iyo adahura na Simon Mignolet w'umurwi w'Ababirigi ba Bruges.

Akamwemwe katumye Ighalo yitirira ico gitsindo mushikiwe

Odion Ighalo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mushiki wa Ighalo yapfuye mukwa 12 kw'i 2019

Kabaye akaryo ko kwibuka mushikiwe, mu gushira ahabona agapira yari yambariyeko, gacapuyeko ifoto yiwe.

Mushikiwe Mary Atole yapfiriye muri Canada afise imyaka 42, indwi 7 imbere y'uko musazawe yirangurira indoto ziwe.

"Mushikanje nkunda yitavye Imana, yari umukunzi ruhebwa w'umurwi Manchester United." Ighalo yabibwiye imboneshakure MUTV.

"Twarakunda kuganira ivy'iyi ndoto yanje. Ikibabaje n'uko ibi binshikiye atakiriho. Nico kimbabaje. Niyemeje ko igitsindo cose nzokwama ndakimwitirira. Iyo ari mw'ijuru, arabona ivyiza ndimwo na Manchester United."

'Biraboneka ko ari igitsindo c'akamwemwe kavanze n'amarira'

Ole Gunnar Solskjaer, umutunganyabikorwa wa Manchester United - azwi ko yatsindiye uwo murwi incuro 126, agikina - yakeje Ighalo ko yishize ku rutonde rw'abatsindiye uwo murwi.

Solskjaer yavuze ati, "Ighalo yaronse ico yakoreye". Yongeye ati, "Ashinzwe ijisho na benshi".

"Nk'uwabaye umukinyi w'umusatirizi, ndazi uko umuntu yiyumva ku gitsindo ca mbere. Yagerageje kenshi. Yari yamotewe n'igitsindo ciwe."

"Igitsindo ciwe cerekanye uko mumutwe yari yiteguye. Kuva Juan agifise umupira, Ighalo yar'azi aho abwirizwa kuba ari. Ni igitsindo cari gitunganije neza."

Odion Ighalo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ighalo yatanganje abahinga

Ighalo yanatangaje abagabo babiri bahoze bakinira Manchester United, bariko bakorera inganda z'ibinyamakuru z'inkino.

Paul Scholes, umukinyi wo hagati we yavuze ati, "Yakoze neza cane, mu kwerekana ubukerebutsi bwiwe. Yaje muri uyu murwi hageze, nk'uko vyagenze kuri Bruno Fernandes. Hamwe Manchester United yoharura kuri we, ntagisivya azoshimisha umurwi n'abakunzi."

Owen Hargreaves, uwundi yahoze ari umukinyi rurangiranwa wo hagati, yongeye ati: "Nakunze ingene Ighalo yagabiye igitsindo c'akarorero Manchester United.

"Ni umugabo aboneka ko akomeye hageze nko gutsinda. Aratandukanye na Martial canke Rashford. Kandi nibaza ko agiye gutsindira n'ibindi bitsindo Manchester United, kuva ubu gushika mu mpera y'izi nkino z'imirwi ya Bulaya."