Cristiano Ronaldo, waciye umuhigo wa Euro, yaba akurikijeho guca uwa Ali Daei?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ijoro ryo ku wa kabiri ryabaye irindi ryo guciramo umuhigo w'ibitego kuri Cristiano Ronaldo, nubwo Robbie Keane wari uwusanganywe yari yagerageje uko ashoboye kose ngo amurangaze abimubuza.
Uyu rutahizamu wa Juventus yatsinze ibitego bine mu mukino Portugali yanyagiyemo Lithuania ibitego 5 - 1.
Byatumye ibitego amaze gutsinda mu mikino y'amajonjora y'imikino y'igikombe cya Euro bigera kuri 25, ahita arusha bibiri uwari usanzwe afite umuhigo w'ibitego byinshi - Keane wahoze ari rutahizamu wa Ireland.
Mbere y'uwo mukino, Keane yari yasabye Cristiano "kureka uyu muhigo" akawumuharira, nyuma yo kuvuga ko uyu kapiteni wa Portugali watwaye igihembo cya Ballon d'Or inshuro eshanu yaburagaho ibitego bibiri ngo amuhigike.
Yaba akurikijeho guca uwa Ali Daei?
Ku rubuga rwa Instagram, Keane, atebya, yagize ati: "Ndatekereza ko umaze guca imihigo ihagije, Cristiano!"

Ahavuye isanamu, Robbie Keane Instagram
Ariko nyuma yaho yari atsinze mu ikipe ya 150 itandukanye haba mu ma-'clubs' no mu makipe y'ibihugu, Cristiano nta gitangira yari ihari yo kumuhagarika ubwo yatsindaga, ku nshuro ya munani mu mikino y'ibihugu, ibitego bitatu mu mukino umwe akaba ari we ugarukwaho cyane muri uwo mukino.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubu Cristiano amaze gutsinda ibitego 93 mu mikino y'ibihugu, akaba arushwa 16 n'igihangange Ali Daei ukomoka muri Irani ufite umuhigo w'isi wo gutsinda ibitego byinshi mu mupira w'amaguru mu bagabo.
Cristiano w'imyaka 34 y'amavuko, ubu kandi ni we mukinnyi ukomoka i Burayi wa mbere umaze gutsindira igihugu cye ibitego 90.










