Igipolisi ca Kenya carashe imyuka ikoroza amosozi mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi w'ikigo ca Ebola

Abari mu myiyerekano batwaye isandugu. Ku ruhande rwayo handitsweko ijambo "Ebola", mu ndome nini zitukura. Bafise n'ivyapa vyanditsweko amajambo y'Igiswahili, asobanura ati: "turiyamirije Ebola", bikabandanya biti: "Ubwizigirwa bwa reta buvana n'ingene ikorera ku mugaragaro".

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagira imyiyerekano bavuga ko habuze ugukorera mu muco mu bijanye n'umugambi wo kwubaka ikigo gitegekanijwe kuzotaramurirwamwo abashobora kwandura Ebola
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Igipolisi muri Kenya carashe imyuka ikoroza amosozi kugira gishwiragize imyiyerekano yo kwiyamiriza iyubakwa ry'ikigo kizotaramurirwamwo Abanyamerika bashobora kwandura Ebola, yabereye mu gisagara ca Nanyuki, kiri hagati mu gihugu.

Abari muri iyo myiyerekano bagenda mu turwi duto duto, bazungagiza amabendera ya Kenya, batwaye isandugu yanditseko ijambo "Ebola", bakagira n'ivyapa, aho bagenda basaba ko uwo mugambi uhagarikwa.

Mu ndwi iheze, abantu babiri barishwe barashwe igihe igipolisi casanzaza imyiyerekano nk'iyo.

Uwo mugambi wa Amerika watumye abantu benshi bagira amakenga ku kaga k'irandagata rya Ebola hagati y'ibihugu, hamwe no ku kuba reta itaratanga insiguro zihagije kandi zitomoye ku bijanye n'ico kigo kizovurirwamwo canke kigataramurirwamwo abantu.

Mu kwezi guheze, sentare nkuru yategetse ko iyugururwa ry'ico kigo rihagarara, inyuma y'aho ishirahamwe riharanira uburenganzira rishingishije urubanza rivuga ko ico kigo gishobora kugira "ingaruka zikomeye kandi zishobora gushika vuba" ku magara y'abanyagihugu.

Umwe mu bari mu myiyerekano, Priscilla Imani, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko uwo mugambi wa Amerika wamaze kugira ingaruka ku gisagara ca Nanyuki no ku ntara yose ya Laikipia, kubera abantu batanguye gutinya kuhagendera.

Yagize ati: "Ubutumwa bwanje ni ubu, Laikipia si iyarara, kandi amajwi yacu ategerezwa kwumvirizwa."

Ikigo gitegekanijwe kuzotaramurirwamwo abashobora kwandura Ebola kizoba gifise ibitanda 50 n'abaganga b'Abanyamerika. Vyongeye, kizoba kigenewe kuvura canke kwakira Abanyamerika bazoba banduye Ebola iherutse kwaduka muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umutegetsi wo muri Amerika yabwiye BBC ko Kenya yatowe kubera iri hafi y'akarere kadutsemwo ico kiza, mu gihe ibibuga vy'indege vyo muri ako karere cadutsemwo bidafise ubushobozi bukwiye. Asigura kandi ko guhitamwo Kenya ari kugira Abanyamerika bashobora kwandura Ebola bashobore kuvurwa bidatevye.

Igisagara ca Bunia muri DRC, ari na ho iki kiza ca Ebola catanguriye, kiri ku bilometero 780 uvuye i Nanyuki, hagati hakaba hari igihugu ca Uganda gitandukanya DRC na Kenya.

Abategetsi bajejwe amagara muri DRC bamenyesha ko gushika kw'itariki ya 7 Ruheshi (6) 2026, igihugu cari kimaze kwandika abantu 550 bemejwe ko banduye Ebola. Ni ukuvuga ko abayanduye biyongereyeko 35 mu masaha 24 aheze.

Ico kiza kimaze guhitana abantu 101 muri DRC, mu gihe abantu 309 bakiri mu bitaro canke mu bibanza bataramuriwemwo.

Ebola imaze gukwiragira mu turere tw'ubuvuzi 25 two mu ntara zitatu za DRC: Ituri (uturere 17), Kivu ya Ruguru (uturere 7) na Kivu y'Epfo (akarere kamwe).

Ariko, nta muntu n'umwe yanduye Ebola arigera atorwa muri Kenya.

Perezida wa Kenya William Ruto yarashigikiye uwo mugambi, avuga ko ivyo kwubaka ico kigo yabisabwe na Amerika, kandi ko kwanka kwari kuba ari nko "kutagira ubuntu".

Yahamagariye Abanyakenya kutinjiza politike muri ico kibazo "gikomeye cane" nka Ebola, asaba n'abanyapolitike kwirinda amajambo "atagiramwo ukwiyubara" kuri iyo ndwara.

Amashusho BBC yabonye yafashwe n'ibigendajuru yerekana ko ibikorwa vyo kwubaka ico kigo vyabandanije ku kibuga c'indege ca gisirikare, n'ubwo sentare yari yategetse ko bihagarara.

Mu ndwi iheze, umwe mu bategetsi ba Amerika yavuze ko ubutegetsi bwa Amerika buzi ico kirego kiri muri sentare, ariko ko bizeye ko bashobora kugitorera inyishu.