Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru 07/09/2019: Messi, Neymar, Smalling, Rojo, Eriksen, Mbappe, Coutinho
Lionel Messi arashobora kuva muri Barcelona mu mwaka uza akaja gukinira ahandi atarinze kugurishwa , mu gihe uyo mukinyi wa Argentine w'imyaka 32 yovyiyumvamwo, nk'uko amasezerano abimwemerera. (El Pais, via L'Equipe)
Messi azoba afise uburenganzira bw'ukugiriranira amasezerano n'umurwi uwo ari wo wose kuva ku wa 01 z'ukwezi kwa mbere umwaka uza wa 2020. (Marca - in Spanish)
Mu mwaka uza w'inkino, Real Madrid ishobora kurondera umukinyi wa Paris St-Germain, umufaransa akina imbere Kylian Mbappe w'imyaka 20. (Sport - in Spanish)
Umukinyi mpuzamakungu wa Brezili Neymar ashobora kuzoguma mu murwi wa PSG kiretse ari nka hamwe yokwemera kugabanya umushahara asaba, nk'uko bivugwa na Javier Tebas, umukuru w'ihiganwa ryo muri Espanye, La Liga. (Mail)
Chris Smalling ariteguye kuva burundu muri Manchester United inyuma y'aho uyo mukinyi w'inyuma w'imyaka 29 atijirijwe mu murwi Roma wo mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A. (Mirror)
Eka n'umukinyi w'inyuma nyene wa Manchester United, umunya Argentina Marcos Rojo w'imyaka 29, ariteguye gukora ibishoboka vyose kugira ngo mu kwezi kwa mbere ave muri uyo murwi bibaye ngombwa, inyuma y'aho utwigoro tw'ukwimukira muri Everton muri iri ci riheze ataco twashitseko. (Ole - in Spanish)
Umurwi Juventus wo mu Butaliyano uriko wihweza ingene wogura abakinyi babiri ba Tottenham, umubirigi akina inyuma Toby Alderweireld w'imyaka 30, be n'umunya Danemark akina hagati Christian Eriksen w'imyaka 27. Inter Milan nayo nyene ikaba yipfuza umukinyi Alderweireld. (Mail)
Manchester City yashitse ku masezerano n'umurwi wo mu gihugu ca Serbia FK Cukaricki y'ugushobora kugura mu kwezi kwa mbere umukinyi w'imbere Slobodan Tedic w'imyaka 19 akomoka muri Montenegro. (Manchester Evening News)
D'Margio w'imyaka 17, umuhungu wa Shaun Wright-Phillips yigeze kuba umukinyi wo hagati wa Manchester City be n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, yateye igikumu ku masezerano ya mbere yo gushobora gukinira uyo murwi. (Manchester Evening News)
Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, yari yanse kurondera umunya Brezili Philippe Coutinho wa Barcelona imbere y'uko uyo mukinyi wo hagati w'imyaka 27 aja gukinira Bayern Munich nk'intizo. (Marca - in Spanish)
Chelsea iriteguye kugiriranira ayandi masezerano na Emerson Palmieri, umutaliyano yavukiye muri Brezili, bigashobora gutuma amasezerano y'uyo mukinyi w'inyuma w'imyaka 25 afitaniye n'uyo murwi yongerezwa uwundi mwaka inyuma ya 2022. (Gazzetta dello Sport, via Mail)
Henrikh Mkhitaryan umukinyi wa Arsenal w'imyaka 30 akomoka muri Armenia, ntamenya neza nimba azoshobora gusubira muri uyo murwi wiwe inyuma y'aho agiriye gukina mu murwi Roma wo mu Butaliyano nk'intizo gushika mu mpera z'uno mwaka w'inkino. (Sun)
Sir Alex Ferguson yaragerageje guhendahenda uwahoze ari umusatirizi w'umurwi w'Ubwongereza Michael Owen ngo yinjire muri Manchester United igihe yari akiri umukangara imbere y'uko yinjira muri Liverpool. (Mail)
Umukuru w'umurwi wa Paris St-Germain,Thomas Tuchel, aracari mu biganiro n'umukinyi w'imbere wa Barcelona, umufaransa Ousmane Dembele w'imyaka 22, n'aho bisa n'uko ataco biriko birashikako . (Express)
Bobby Duncan, umwongereza w'imyaka 18 yahoze ari mu murwi w'imikangara ya Liverpool yaranse kuja mu murwi Manchester United akaba yashimye kwimukira mu murwi wa Fiorentina wo mu Butaliyano. (Mail)