Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulaya 07/08/2019: Dybala, Eriksen, Coutinho, Ozil, Lukaku
Tottenham yashitse ku masezerano n'umurwi Juventus yerekeye kugura umukinyi wa Argentine Paulo Dybala, w'imyaka 25 ku giciro cababa imiliyoni 62 z'amapawundi. (Sky Sports Italia, via Mail)
Dybala yiteze kuganira na Tottenham ku biraba amasezerano imbere y'uko ikiringo cagenewe igura n'igurishwa ry'abakinyi rirangira kuri uyu wa kane. (Goal)
Tottenham iracarondera kandi Philippe Coutinho, umunya Brezili w'imyaka 27 asanzwe akina muri Barcelona, mu gihe Arsenal yoyo itigeze imurondera. (ESPN)
Uyo mukinyi Coutinho yahoze akinira Liverpool ashobora kuba yipfuza kwinjira mu murwi Manchester United. (Express)
Manchester City yitezwe gutangaza ko yamaze kugura Joao Cancelo avuye muri Juventus uno munsi ku wa gatatu, inyuma y'aho uyo mukinyi w'inyuma w'imyaka 25 akomoka muri Portugal ahereje ibipimo vyo kwa muganga muri uyo murwi watsindiye ihiganwa rya Premier League. (Star)
Manchester United iriko yongereza inguvu kugira ngo irabe ko yoshobora kuronka umukinyi w'inyuma wa Tottenham Christian Eriksen w'imyaka 27 akomoka muri Danemark. (Telegraph)
Kuva amenyeshereje ko yipfuza kuronderera ahandi, Eriksen ntakiri mu bakinyi umumenyereza Mauricio Pochettino afiseko imigambi miremire. (Mirror)
Manchester United yafashe ingingo y'ukurondera Eriksen kubera amakenga ifise ku Mufaransa Paul Pogba w'imyaka 26 akina hagati, batabona neza nimba azobandanya ari i Old Trafford mu mpera z'ikiringo cagenewe igura n'igurishwa ry'abakinyi. (Standard)
Igiciro c'amahera catanzwe na Arsenal kingana n'imiliyoni 55 z'amapawundi irondera umukinyi w'inyuma w'Umufaransa, Dayot Upamecano, ciyamirijwe n'umurwi wiwe RB Leipzig. (Bild)
Uyo murwi RB Leipzig wo mw'ihiganwa Bundesliga ry'Ubudagi wabwiye Arsenal ko ata mugambi ufise wo kugurisha Upamecano, mu gihe amasezerano ufitaniye nawe avuga ko ikiguzi ciwe ari imiliyoni 92 z'amapawundi. (Mirror)
DC United yiteguye kuganira n'abaserukira umukinyi wo hagati wa Arsenal, Umudagi Mesut Ozil w'imyaka 30, mu gihe iriko irondera uwoshobora gusubirira Wayne Rooney w'imyaka 33 yahoze ari kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza yagiye muri Derby County. (Mirror)
Paris St-Germain yemereye imirwi ya Manchester United, Juventus na Real Madrid ko ishobora kugura umukinyi Neymar. Uyo murwi usanzwe ariwo watsindiye ihiganwa ry'Ubufaransa, urarahira ukarengwa ko udashobora kwemerera Barcelona ngo yisubize uyo mukinyi w'imyaka 27 akomoka muri Brezili. (Sport)
Liverpool nta mugambi ifise yo kugurisha umunya Brezili Fabinho akina hagati, mu gihe hari ibihuha bivuga ko uyo mukinyi w'imyaka 25 ashobora kuja muri Real Madrid. (Echo)
Leicester City iriko irihweza ingene yogura umukinyi w'inyuma wa Celtic, umunya Norvège Kristoffer Ajer w'imyaka 21, kugira ngo asubirire Umwongereza akina inyuma Harry Maguire w'imyaka 26. (Star)
Manchester United iriko yihweza nimba yorondera umusatirizi wa Tottenham, Fernando Llorente w'imyaka 34 - ibitari vyitezwe - mu gihe uyo mukinyi wa Espanye yugururiwe imiryango yo kugenda ku buntu. (Sky Sports Italy, via Metro)
Everton iri hafi y'ugushika ku masezerano y'intizo n'umukinyi w'inyuma w'Umufaransa Djibril Sidibé w'imyaka 27 asanzwe akina mu murwi Monaco. (Mail)
Umusatirizi wa Manchester United, Umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 26, ntarasubira i Old Trafford mu myimenyerezo mu gihe havugwa vyinshi kuri kazoza kiwe muri uyo murwi. (Mirror)
Ku munsi wa kabiri, Lukaku yasubiye gukorana imyimenyerezo n'umurwi wa Anderlecht w'abatarenza imyaka 18, n'aho ata ruhusha yahawe na Man United rwo kuguma i Buruseri mu Bubirigi. (Mail)
Ubu Man U yiteguriye guca amande uyo mukinyi w'imbere kubera yasivye imyimenyerezo. (Star)
Manchester United na Manchester City, zompi zararungitse ba maneko kugira bihweze umukinyi wo hagati w'umunya Norvège Hakon Evjen w'imyaka 19 asanzwe akina mu murwi Bodo/Glimt wo muri ico gihugu. (TV2, via Manchester Evening News)
Watford yanse ikiguzi c'imiliyoni 36.7 z'amapawundi catanzwe na Everton ku mukinyi w'Umufaransa Abdoulaye Doucouré w'imyaka 26. (Sky Sports)