Ayavugwa mu mupira w'amakuru 30.06.2019:Zaha, Pogba, Mbappe, Rabiot, Eriksen, Ndombele, Adams, Morata

Mbappe (kushoto)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Arsenal itegerezwa kuriha Crystal Palace amapawundi imiliyoni 100 kugira ngo ishobore kuronka umusatirizi wa Côte d'Ivoire Wilfred Zaha w'imyaka 26. (Mail on Sunday)

Ariko umukuru wa wa Eagles, Steve Parish afise ubwoba ko mu gihe yogurisha Zaha ko vyogira ingaruka mbi ku mugambi w'ukurondera abandi boshingwa uwo murwi . (Sun)

Umusatirizi wa Borussia Dortmund Jacob Bruun Larsen aripfuzwa cane n'imirwi ya Liverpool, Manchester United na Arsenal.(Mail)

Umukuru w'umurwi wa Tottenham Daniel Levy yahamagaye abajejwe Real Madrid kuri terefone kugira abahe umukinyi Christian Eriksen yanse gusinya ayandi masezerano muri Tottenham ihiganwa rya 2019/2020 rirangiye. (Marca)

Christian Eriksen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umusatirizi w'Ubufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 20, asigaje imyaka itatu mu masezerano afitaniye na Paris St-Germain kandi nta mugambi afise wo kwongereza amasezerano ngo abandanye akinira uwo murwi. (Marca)

Icegera c'umukuru wa Manchester United Ed Woodward yabwiye abakozi biwe ko uwo murwi ufise umugambi wo kwongereza abandi bakinyi "bakomeye" uno mwaka inyuma y'aho azaniye umukinyi Aaron Wan-Bissaka. (Sunday Telegraph)

Alvaro Morata

Ahavuye isanamu, Getty Images

Paul Pogba azobonana n'umumenyereza Ole Gunnar Solskjae mu ndwi iza ku mugambi wiwe wo kuva muri uwo murwi. (Sun)

Umusatirizi wa Birmingham City n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Che Adams yasezeye bagenziwe imbere y'uko yimukira mu murwi wa Southampton. (Mail on Sunday)

Southampton yemeye kugurisha umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo, Matt Targett kwa Aston Villa ku ma pawundi imiliyoni 14. (Sunday Telegraph)

Liverpool na Tottenham yahevye umugambi w'ukurondera umukinyi Bruno Fernandes, akaryo kuri uwo mukinyi wo hagati w'umurwi wa Sporting Lisbon ko gushobora kuja muri Manchester Unted. (Sunday Express)

Umumenyereza wa Tottenham Mauricio Pochettino avuga ko adafise ijambo rya nyuma ku vyerekeye abakinyi baronderwa. (Independent on Sunday)

Tottenham kandi yiteze guheraheza amasezerano y'ukugura umukinyi wo hagati wa Lyon Tanguy Ndombele w'imyaka 22 ku ma pawundi imiliyoni 60. (Standard)

Ndombele

Ahavuye isanamu, Getty Images

Chelsea iragabisha Atletico Madrid ko izohagarika amasezerano ku musatirizi Alvaro Morata, mu gihe Atletico Madrid itotanga amapawundi imiliyoni 50 ngo imugure burundu. (Sunday Telegraph)

Inter Milan ikeneye kwegeranya amapawundi imiliyoni 75 kugira ngo ishobore kuronka umusatirizi w'Ububirigi Romelu Lukaku w'imyaka 26 asanzwe akinira Manchester United, ayo mahera agashobora kuboneka ugurishije umukinyi wo hagati Joao Mario w'imyaka 26 be n'uwundi w'inyuma Dalbert w'imyaka 25. (Sun on Sunday)

Umrwi wabaye uwa mbere mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Juventus bashitse ku mwumvikano n'umukinyi wa Paris St-Germain, Adrien Rabiot w'imyaka 24. (Sky Italy, Sky Sports)

Umunyegori wa Ajax akomoka muri Kameruni Andre Onana w'imyaka 23 avuga ko yipfuza kuguma muri uwo murwi wo mu Buholande n'aho Manchester United iboneka ko imwipfuza. (Voetbal International, via Metro)

Watford yashitse ku masezerano yo kugura umukinyi w'inyuma w'umwongereza w'umurwi West Brom Craig Dawson w'imyaka 29 ku ma pawundi imiliyoni 5 n'igice. (Sky Sports)

Millwall na Bristol City yo mu cicaro ca kabiri bariko barwanira umusatirizi wa Barnsley Kieffer More.(Mail on Sunday)

Leeds United wanakaribia kumnasa winga wa Wolves, Helder Costa 25.(Birmingham Mail)