Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya kuri uyu wa gatandatu: Pogba, Zaha, Aubameyang, Lampard, Falcao, Camacho

Ahavuye isanamu, Reuters
Arsenal iriteguye kugurisha umusatirizi wayo akomoka muri Gabon, Pierre-Emerick Aubameyang w'imyaka 30, ariko atari muri Manchester United canke Liverpool. (90min.com)
Manchester United barizeye ko bazoshobora kugura abakinyi Sean Longstaff w'imyaka 21 wa Newcastle, na Bruno Fernandes w'imyaka 24 wa Sporting Lisbon ya Portugali. (Evening Standard)
Umusatirizi wa Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w'imyaka 26 asaba umurwi wiwe wa Crystal Palace kumuha uruhusha ngo yimukire muri Arsenal. Palace ivuga ko uwumukeneye ategerezwa kumugura imiliyoni 80 z'amapawundi. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Reuters
Gareth Bale w'imyaka 29 ashobora kuguma muri Real Madrid inyuma y'aho uwo murwi uburiye uwundi murwi woshobora kumugura. (Mirror)
Real Madrid itegerezwa kuzoriha imilioni 150 z'amapawundi kugira ngo ishobore kuronka umusatirizi w'umufaransa Paul Pogba w'imyaka 26 asanzwe akinira Manchester United. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Reuters
Chelsea itegura gutangaza ko Frank Lampard, yari asanzwe amenyereza umurwi Derby, nk'umumenyereza wayo mushasha imbere y'uko abakinyi bava mu buruhuko mu ndwi iza kugira ngo bitegurire amahiganwa yo mu mwaka uza. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool yashitse ku masezerano n'umurwi Sporting ku mahera ashika imilioni indwi z'amapawundi kugira ngo ishobore kugura umusatirizi Rafael Camacho w'imyaka 19. (Evening Standard)
Hari inama yahuje abarongozi bakuru b'imirwi ya Atletico na Real Madrid kugira ngo bumvikane ingene umusatirizi Antoine Griezmann w'imyaka 28 yokwimukira muri Real Madrid. (L'Equipe)

Umusatirizi wo mu gihugu ca Kolombiya, Radamel Falcao w'imyaka 33, aripfuza ko yokwimukira mu murwi wa David Beckham muri Amerika i Miami mu gihe amasezerano afitaniye n'umurwi Monaco yorangira. (Sun)
Aston Villa iriteguye gusaba ko yogura umukinyi w'inyuma wa Southampton, Matt Targett. (Express na Star)
Umumeyereza wa West Brom Slaven Bilic aripfuza ko Julian Dicks bigeze gukinana muri uwo murwi yogaruka muri uwo murwi kugira ngo bafashanye mu vyo kuwumenyereza. (Express na Star)
Umukinyi wo hagati wa Tottenham hotspur Christian Eriksen w'imyaka 27 akomoka muri Danemark aripfuza kuja muri Real Madrid, umuryango wiwe ukaba wabonywe mu gisagara ca Madrid bariko barondera inzu. ( (Times))
Ayavugwa ejo ku wa gatanu

Manchester United iriko iraraba ko yogura umukinyi w'inyuma wa Barcelona, Samuel Umtiti w'umufaransa w'imyaka 25. (Mundo Deportivo)
Umusatirizi w'umurwi Manchester City, Leroy Sane w'imyaka 23 akomoka mu Budagi, abandanya aronderwa cane n'umurwi wo muri ico gihugu Bayern Munich, n'aho wari wabanje gutenyenya. (Sky Sports)
Umumenyereza wa Sporting Marcel Keizer abona ko kugumya umukinyi wo hagati wa Portugal Bruno Fernandez bitoroshe, Manchester United ni umwe mu mirwi yerekanye ko yipfuza uyo mukinyi w'imyaka 24. (Record, Manchester Evening News)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Se w'umusatirizi wa Juventus Moise Kean w'imyaka 19, amenyesha ko umuhungu wiwe yipfuza kwimukira mu murwi Inter Milan. (Mirror)
Atletico Madrid iriko yiyumvira ko yogura umukinyi wa Real Madrid, James Rodriguez w'imyaka 27 akomoka muri Kolombiya, asanzwe atagikenewe cane muri uwo murwi wa Real. (Cadena SER, via AS)

Umwongereza Wayne Rooney yabaye rurangiranwa muri Manchester United arizeye ko azoteba aronka akazi nk'umumenyereza, akaba yanasavye Domenec Torrent yigeze kuba ari icegera ca Pep Guardiola ubu akaba arongoye umurwi New York City ko yotangura kumumenyereza muri ico gikorwa. (Sun)










