Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubufaransa mu ca kabiri c'igikombe c'isi 2018
Ubufaransa buronse itike yo kuja mu ca kabiri c'ihiganwa ry'igikombe c'isi ribera mu Burusiya, nyuma yo gutsinda Uruguay bitayigoye cane ibitisindo 2-0.
Ikipe izwi cane nka Les Bleus, izoca ikina n'iyiza gutsinda hagati y'Ububirigi na Brezile mu rukino rukurikira mukanya.
Ubufaransa bwatanguranye urukino ingoga nyinshi, abakinyi b'imbere berekana ubunyarutsi n'ubuhinga, Raphael Varane yinjiza ica mbere n'umutwe kuri coup frank.
Ica kabiri cinjijwe na Antoine Griezmann mu gice ca kabiri, ku mupira yateye ari kure cane ariko umunyegoli wa Uruguay biramugora, aho gufata umupira awiyinjirizamwo.
Uruguay yagarukanye ingoga mu gice ca kabiri, eka mbere ntiyanatinya gukoresha igikenye ariko abakinyi b'Ubufaransa bihagararako urukino rurangira ari 2-0.
Ubufaransa bugiye mu ca kabiri c'ihiganwa ry'igikombe c'isi, ubwa mbere kuva mu 2006.