Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyikazanuro y'urukino rw'Ubufaransa na Portugal
Urukino rwa nyuma rwo guhiganirwa igikombe ca Bulaya c'uyu mwaka, ruza kubera ku kibuga 'Stade de France' mu muji wa Paris.
Stade de France ni hamwe mu bibanza vyagabweko ibitero n'abiyitirira idini rya Islamu mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.
Ubufaransa burondera gutwara ico gikombe ku ncuro ya gatatu.
Nayo mu murwi wa Portugal, ifise kizigenza Cristiano Ronaldo, bifuza ko ico gikombe cotaha iwabo.
Abapolisi n'abasirikare baharurwa mu bihumbi bashizwe mu bibanza bitandukanye bacunga umutekano imbere y'urwo rukino.
Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko abapolisi 1900 bagenzura agace karimwo abafana, 3400 bakaja ku nyubakwa y'umukuru w'igihugu -Champs Eysees.
Umukuru w'ibiro vy'ingabo mu muji wa Paris, Mathias Vicherat, avuga ko buri mu Polisi afise nk'igitigiri c'abantu 50 acungereye umutekano.
Ariko abategetsi bavuga ko Ubufaransa buramutse butwaye ico gikombe, ata birori bizokorerwa kuri Champs Elysees ku mvo z'umutekano.
Igihe Ubufaransa bwatwara igikombe c'isi mu 1998, abantu barenga muriyoni baragiye mu birori vyo kucigina aho ku kibanza c'umukuru w'igihugu, Champs Elysees.