Leopards za RD Congo zanditse amateka mu gushika mu gice co gukuranamwo c'Igikombe c'Isi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Muri make

  • RD Congo yashitse mu gice ca 16 gishira ica nyuma ubwa mbere inyuma y'intsinzi yabo ya mbere mu gikombe c'isi
  • Rutahizamu wa Newcastle Yoane Wissa yinjije kabiri hanyuma Fiston Mayele arashimangira mu kwinjiza ica gatatu, gutyo batsinda Uzbekistan
  • Kurangiza ari iya gatatu vyatumye ija mu migwi 32 izokina igice gikurikira, ikazohura n'Ubwongereza ku wa gatatu (17:00 GMT; 19:00 mu Burundi no mu Rwanda)
  • RD Congo yaheruka mu gikombe c'isi mu 1974

Leopards za Repuburika ya Demokarasi ya Congo zaraye zanditse amateka mu gushika ubwa mbere ku ntambwe ya kabiri y'igikombe c'isi mu kwirahira Uzbekistan 3-1.

Uzbekistan niyo yari yabanje kuja imbere muri urwo rukino yinjirijwe na Eldor Shomurodov ku munota wa 10 habaye ukutavugana neza hagati ya Axel Tuanzebe na Aaron Wan-Bissaka.

Uzbekistan niyo yagumye yiganziye umupira mu gice ca mbere c'urukino kandi barasatiriye cane mu kugerageza kuguma bari imbere.

Ariko inyuma y'igice ca mbere, RD Congo yagarutse mu kibuga n'inguvu nshasha kandi nyinshi n'umwete wo kurondera ko botahana ayo manota atatu.

Igitsindo ca mbere cabonetse ku munota wa 68 cinjijwe na Yoan Wissa wa Newcastle. Inyuma y'iminota 10 (ku munota wa 78) Fiston Mayele yakubisemwo ica kabiri.

Wissa yaciye ashimangira intsinzi mu gushirayo ica gatatu ku munota wa 91.

Iyo ntsinzi yatumye umurwa mukuru wose wa Kinshasa ubamwo ibirori vyo kwigina.

Ku gihugu cari kimaze imyaka irenga 50 kitaja mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi – caherukayo mu 1974 – ni gihe gifise ico kivuze cane – kugarukana agateka no gusubiza umutima ku gihugu cari gisigaye kizwi ahanini nk'ikirangwamwo ibibazo vy'umutekano muke.

Ubu amaso ahanze urukino ruzohuza Leopards n'Ubwongereza i Atlanta ku wa gatatu.

  • MP: Inkino zakinywe
  • GD: Ikinyuranyo c'ibitsindo winjije n'ivyo winjijwe
  • PTS: Amanota