Igura n’igurishwa ry’abakinyi riratanguye icese, amwe mu yavugwa: Mbappe, Sancho, Kane, Lukaku, Pepe

Yatangajwe

Ikinyamakuru Metro, candika ko imirwi ikomakomeye y’ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League iriko iramiramitwa inyuma y’aho hasohokeye amakuru avuga ko Kylian Mbappe ata mugambi afise wo gutera igikumu ku masezerano yo kwongereza ikiringo c’uwundi mwaka muri Paris-Saint-Germain.

Ari nka hamwe Mbappe yogurishwa muri rino ci, ikizwi ni uko Real Madrid imaze igihe kirekire yipfuza uno mufaransa, n’aho avuga ko adashaka kwimukira i Bernabeu kugira ngo akinire PSG umwaka wa nyuma asigaje mu masezerano yiwe.

Inyuma y’aho Karim Benzema yemereye kwimukira muri Arabia Saoudite, bisigura ko Real ikeneye umusatirizi, n’aho Harry Kane wa Tottenham ari we yaza ubwa mbere ku rutonde rw’abo yarondera.

Umunyamakuru Loic Tanzi w’ikinyamakuru L’Equipe yabwiye BBC ko ikintu gikomeye cane mu vyashikirijwe na Mbappe ari uko yasubiye kwemeza ko adashaka kuva mu murwi wiwe muri rino ci kandi ko atariko arongereza ikindi kiringo c’umwaka. Rero ibibazo vyose biri mu minwe ya PSG.

Loic Tanzi avuga ko PSG ari ngombwa ko yugurura imiryango kugira ngo imirwi imukeneye ishobore kumugura. Ati: “Ku vyo mbona, azogenda kuko adashaka ayandi masezerano mashasha kandi ntariko arahindura…rero nibaza ko bazokwugurura imiryango imbere y’uko ikiringo c’igura n’igurishwa ry’abakinyi kirangira.

“Ikintu kigoye ubu ni ugushika ku masezerano na Real Madrid kuko PSG ntizoshobora kumuha Real ku buyeyembe, mu gihe uno murwi wa Espagne nawo uzogerageza kurondera ingene womuronka ku giciro gito cane kuko ishobora kutemera gutanga amafaranga y’ikirenga ku mukinyi asigaje umwaka umwe gusa.

“Ndibaza ko yipfuza kuja muri Real Madrid ariko Liverpool nayo nyene imaze imyaka itari mike imucungishije ijisho. Yagumye ivugana n’umuryango wiwe kuva imyaka itari mike. Hariyongerako kandi na Manchester United kuko abaherutse kuyifata mu minwe bafise imigambi mishasha”.

Nta biganiro biraba hagati ya West Ham na Arsenal kuri Rice

Hari vyinshi bimaze kuvugwa kuri Declan Rice na Arsenal ku buryo womenga amasezerano asa n’ayamaze gushikwako.

Ariko biboneka ko gushika ubu ata biganiro biraba amaso mu yandi hagati ya Arsenal na West Ham, mbere nta n’ibiratangura.

Bishoboka ko aba ba-Gunners bariko baregeranya vya nkenerwa vyose kugira ngo bazokwegere aba Hammers bafise amafaranga akwiye batazohava banka kugira ngo baronke uyu mwongereza akina hagati.

Mu yandi makuru avugwa:

Manchester United iripfuza kugurisha Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 23 akina ku ruhande, ariko n’aho Aston Villa imwipfuza cane, ntishaka kuriha imiriyoni 60 z’amapawundi zimusabwako. (Football Transfers)

Manchester United ishobora gufata iya mbere mu mirwi irondera umusatirizi w’Ubufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 asanzwe akinira Paris St-Germain mu gihe uyu murwi wa Premier League uzoba ufashwe na Sheikh Jassim bin Hamad Al Thani. (Metro)

Chelsea nayo nyene yiteze kwinjira ku rutonde rw’imirwi irondera Mbappe inyuma y’aho uno musatirizi abwiriye PSG ko adashaka kwongereza amasezerano yiwe azorangira mu 2024. (Times)

Real Madrid iripfuza kugura Mbappe muri rino ci, ibi bigashobora kwongerereza amahirwe Tottenham yo kugumya umusatirizi wayo, Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29, asanzwe ari ku rutonde rw’abo uno murwi wo muri Espagne urondera. (Mail)

Hagati aho, abaserukizi ba Kane baramaze kandi no kubonana n’abarongoye PSG. (Mirror)

Manchester City irarindiriye kugira ngo irabe nimba Umudagi Ilkay Gundogan w’imyaka 32 akina hagati, hamwe n’umusatirizi wa Portugal Bernardo Silva w’imyaka 28, bazoguma muri uno murwi inyuma y’aho uzoba urangije integuro zawo mu bijanye no kugura no kugurisha abakinyi. (MEN)

Barcelona iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Villarreal Alex Baena w’imyaka 21, mu kibanza ca Gundogan. (ESPN)

Arsenal nta migambi ifise yo kugarukana umukinyi wayo wa mbere azimvye umunya Côte-d’Ivoire Nicolas Pépé w’imyaka 28 yaguzwe imiriyoni 72 z’amapawundi ikaba ishaka kumwikura muri rino ci. (Telegraph)

West Ham igiye kurondera umukinyi wo hagati wa Valencia Umunyamerika Yunus Musah w’imyaka 20 kugira ngo azosubirire Umwongereza Declan Rice w’imyaka 24 yiteze gusezera uno murwi. (CBS)

Umusatirizi wa Chelsea Umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30 yemerewe amasezerano n’umurwi Al-Hilal wo muri Arabia Saoudite yomuha umushahara w’imiriyoni 20 z’amapawundi ku mwaka. (Guardian)

Aston Villa na Wolves ziripfuza umukinyi wo hagati wa Borussia Monchengladbach umufaransa Manu Kone w’imyaka 22, akaba asanzwe kandi aronderwa na Liverpool. (Mail)

Tottenham iri hafi yo gushika ku mwumvikano n’umunyegori wa Brentford umunya-Espagne David Raya w’imyaka 27, ikaba yiteze ko ishobora kumuronka ku giciro gito, mu gihe aba ba-Bees bobo bamuronderako imiriyoni 40 z’amapawundi. (Standard)

Hagati aho, Manchester United ishobora kugerageza kugora Tottenham mu rugamba rwo kurondera Raya, mu gihe umumenyereza Erik ten Hag yipfuza kurondera umunyegori mushasha n’aho umunya-Espagne David de Gea yoguma muri uno murwi. (Mirror)

Inter Miami ihanganye bikomeye na Atletico Madrid, Inter Milan be n’imirwi yo muri Arabia Saoudite mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Barcelona umunya-Espagne Jordi Alba w’imyaka 34. (ESPN)