Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Bellingham, De Jong, Lindstrom, Mudryk, Gomes, Kiwior

Yatangajwe

Borussia Dortmund imenyesha ko umurwi uwo ari wo wose urondera umwongereza akina hagati Jude Bellingham w’imyaka 19, asanzwe aronderwa na Manchester United be na Liverpool, woba uregeranya imiriyoni zababa 130 z’amafaranga y'abongereza ,pound (ni ukuvuga imiriyoni zirenga 147 z’amadorari y’abanyamerika). (Athletic)

Ikintu ca mbere Bellingham ashira imbere mu ci riza ni uko yokwimukira muri Real Madrid. (El Chiringuito kibicishije muri Marca )

Arsenal yavuganye na Jesper Lindstrom w’imyaka 22 akina muri  Eintracht Frankfurt  kugira irabe ko yoronka uyu mukinyi wo hagati w’umunya-Danemark ku miriyoni 17 z’ama-pound mu kwa mbere. (Bild ).

Arsenal ishobora guhangana na Brighton mu rugamba rwayo rwo kurondera umunya-Ukraine akina ku ruhande, Mykhaylo Mudryk w’imyaka 21, asanzwe akina muri Shakhtar Donetsk, mu kwa mbere. (Express)

Igiciro c’imiriyoni 30 z’ama-euro zitangwa na Everton kuri Mudryk camiriwe kure mu gihe  Shakhtar imushakako imiriyoni zirenga 50 z’ama-euros, ariko Arsenal ikaba ataco iravuga. (Fabrizio Romano)

Umukinyi wo hagati Frenkie de Jong w’imyaka 25 akomoka mu Buhollande avuga ko "yamye yipfuza kuguma muri Barcelona" inyuma yo kwanka kwimukira muri Manchester United ku miriyoni £65 z’ama-pound mu gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi giheze. (Mirror)

Icegera c’umukuru w’umurwi Flamengo wo muri Brezili avuga ko ata murwi n’umwe urigera umushikira urondera Joao Gomes w’imyaka 21, uyu munya-Brezili akina hagati akaba aronderwa na Liverpool be na Manchester United. (ESPN)

Manchester United yaripfuje gutanga umubirigi akina hagati Andre as Pereira w’imyaka 28 kugira imuguze na Gomes mw’igura n’igurishwa riheze, imbere y’uko yimukira muri Fulham. (Talksport)

Umumenyereza wa Celtic Ange Postecoglou avuga ko guheba uyu murwi ngo aje kumenyereza Leicester City  bitari mu mutwe iwe. (Sky Sports)

Umukinyi wo hagati wa Barcelona  Sergio Busquets  w’imyaka 34 aripfuza kuja gukina muri Inter Miami ya David Beckham yo mw’ihiganwa Major League Soccer ryo muri Amerika amasezerano yiwe arangiye mu ci riza. (Sport) 

Umusatirizi wa Espagne Marco Asensio w’imyaka 26 ntarahebura ku mugambi wiwe wo kuva muri Real Madrid akimukira mu bakeba ba Barcelona. (Sport – kibicishije muri  El Partidazo de Cope)

Amasezerano y’imyaka ibiri yateweko igikumu mu kw’indwi n’umukinyi wo hagati wa Barcelona umufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 25, arimwo igice kivuga ko uwuzomwipfuza ashobora kuzomuronka ku miriyoni 50 z’ama-euro, iki kikazobandanya gushika mu ci riza. (L'Equipe)

Barcelona iragabisha ko ishobora kwitwarira ikinyamakuru El Mundo inyuma y’aho gitangarije amakuru aramvuye ku bijanye n’ibiganiro uyo murwi wagiriraniye na Lionel Messi ku bijanye n’amasezerano imbere y’uko yimukira muri Paris St-Germain. (Mail)

Nta murwi n’umwe washoboye gushitsa ibisabwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi riheze ku mukinyi wo ku ruhande wa PSV Eindhoven, umunya-Hollande Cody Gakpo  w’imyaka 23, yari asanzwe aronderwa na Manchester United, Southampton, Leeds United na Arsenal. (Voetbal International kibicishije muri TalkSport)