Burkina Faso yasavye uwuserukiye Ubufaransa gutaha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Burkina Faso yasavye Ubufaransa guhamagaza uwubuserukiye, Luc Hallade, nyuma y’uguterana amajambo gukomeye n’umugwi w’abasirikare uramutswa igihugu bigatosekaza imigenderanire y’ibihugu vyombi.
Ivyo vyatangajwe ejo kuwa mbere n’igitangazamakuru Jeune Afrique gifise icicaro i Paris, kikavuga ko iyo nkuru yavuye ku muntu atashatse kumenyekana.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Burkina Faso, Olivia Rouamba, biravugwa ko yandikiye ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa "mu mpera za Kigarama (12)" asaba ko uwuserukiye Ubufaransa ahindurwa.
Ibi bibaye haciye hafi indwi zibiri gusa Burkina Faso yirukanye uwujejwe ibikorwa vya ONU muri ico gihugu, Barbara Manzi.
Mu kwezi kwa Munyonyo (11), ibiro biserukiye Ubufaransa i Ouagadougou vyaragirije Burkina Faso kunanirwa kurinda bibereye ibigo vyavyo, vyagabweko ibitero n’abiyamiriza Ubufaransa mu mwaka uheze.
Muri Mukakaro (7), Ambasaderi Hallade yabwirijwe gusaba imbabazi ku kuba yarasanishije ibikorwa vy’abigaragamvya n’intambara yo hagati mu gihugu.
Burkina Faso muri iki gihe iriko iregerana cane n’Uburusiya, bikibonekeza yuko isa n’iyiriko irakora ivyakozwe na Mali, mu gihe iki gihugu caciye umubano n’Ubufaransa mu mwaka uheze nyuma yaho Paris yiyamirije gukoresha abacangero b’Abarusiya.






