Ruto ati “twiteguriye gushinga reta”, kwa Odinga bati “intsinzi irataha iwacu”

William Ruto, umukuru w’igihugu yatowe muri Kenya, yavuze ubwa mbere kuva uwo bahiganywe, Raila Odinga, ahakanye ivyavuye mu matora – amenyesha ko ariko yitegurira gushinga reta.
Raila Odinga ariko araraba inzira zose zitegekanywa n’ibwirizwa nshingiro kugira hateshwe agaciro ivyavuye mu matora.
Ku wa mbere, umukuru w’umugwi ujejwe amatora (IEBC), Wafula Chebukati, yatangaje ko Ruto yatinze amatora ku majwi arenga 50% ku yarenga 48% ya Raila Odinga.
Ariko bane kuri ndwi mu bagize uwo mugwi bavuze ko badashora kwemenga ivyayavuyemwo.
Odinga yagirije umukuru w’uwo mugwi kwirengagiza ibwirizwa nshingiro n’amategeko mu gutangaza “ibitagira umutwe n’amaguru”.
'Intsinzi irataha iwacu' -Martha Karua
Ruto yasavye abakozi ba reta bari “bahatiwe kugira uruhande begamira muri poritike gusubira inyuma bakore akazi uko bisanzwe”.
Yemereye abanya-Kenya ko akazi ka reta kazokorwa ata nkunzi, hatisunzwe aho umuntu yegamiye muri poritike.
Ashikiriza ijambo abo mu runani rwiwe, Ruto yabasavye “gukura icigwa ku banya-Kenya bo barangije ikibazo”.
Yagarutse ku “kwigina kuriko kuraba mu gihugu cose” nk’ugushaka kuvuga ko abanyagihugu bemeye ivyavuye mu matora.
Akanya gato avuze ivyo, abo mu runani kwa Raila Odinga bashimangiye urugamba rwabo rwo kurondera ko ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu bigwizwa n’ubusa.
Martha Karua, yitoje hamwe na Raila Odinga ku giti co kuba icegera ciwe abaye umukuru w’igihugu, yabwiye abamenyeshamakuru urunani rwabo, Azimio La Umoja, ruhejeje kubonana ati: “Ku kibazo c’amatora, iyacu n’intsinzi ibaye irigizwa inyuma, ariko izotaha iwacu”.
Mw’ijambo yashikirije abanywanyi biwe, Ruto ntaco yavuze ko vyashikirijwe na Raila Odinga igihe yamenyesha ko yanse ivyavuye amatora.
Ubuzima bwa minsi yose iwabo na Odinga

Ibintu vyasubiye kuba ibisanzwe muri Migori, mu burengero bwa Kenya. Ni kamwe mu turere twabayemwo imyiyerekano irimwo intureka inyuma y’aho umukuru w’umugwi ujejwe amatora amariye gutangaza ko William Ruto ariwe mukuru w’igihugu yatowe ku wa mbere ku mugoroba.
N’akarere k’abashigikiye uwo bahiganwa, Raila Odinga, yanse ivyavuye muri ayo matora.
Jeffers Omondi, w’imyaka 24, mu gitondo yariko arateka ikawa yo kugurisha kw’ibarabara nk’uko yahora.
Yavuze ko anezerewe n’ukubona hatekanye inyuma y’intureka yo ku wa mbere. Ariko yavuze ko ashigikiye ingingo ya Odinga yo kuja muri sentare avuga ko ubutungane butegerezwa gukora.

Lillian Akinyi, w’imyaka 48, we agurisha ibirato.
Biteye kubiri na benshi mu bashigikiye Odinga, we avuga ko ivyo kwanka ivyavuye mu matora bikwiye kurangira.
Ati: “Abana bacu bakeneye gusubira kw’ishure, kandi dushaka gusubira mu bikorwa vyacu vya minsi yose.
Yongera ati: "Odinga arakwiye kureka ico kibazo kikarangira”.










