Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora muri Kenya

Ahavuye isanamu, Reuters
Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye muri Kenya mu ndwi iheze.
Mw'itangazo yasomye imbere vy'ibinyamakuru, Odinga yavuze ko azoca mu nzira zose zemewe n'amategeko kugira ivyavuye mu matora bibe impfagusa.
Ku wa mbere umukuru w'umugwi ujejwe amatora yatangaje ko ayo matora yatsinzwe na Willian Ruto ku majwi 50,49% ku ri 48,85% ya Raila Odinga.
Gusa imbere y'uko ivyavuye mu matora bitangazwa , bane kuri ndwi bagize umugwi ujejwe amatora batangaje ko badashobora "kwemanga ivyayavuyemwo kubera umwijima waranze intambwe ya nyuma yo gusuzuma amajwi".
Mr Odinga yagirije umukuru w'umugwi ujejwe amatora, Wafula Chebukati "kwirengagiza vyeruye ibwirizwa nshingiro".
Yavuze ati: "Turiyamirije twivuye inyuma ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu".
Odinga yari amaze kwanka ivyavuye mu matora abiri yaheruka, mu 2017 sentare ikaba yaremeje ikirego ciwe amatora arasubirwamwo.
Imbere y'uko Raila Odinga ashikiriza aho ahagaze, bane kuri ndwi bagize umugwi ujejwe amatora bari bahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira basigure igituma bavyanse.
Bavuze ko umukuru w'umugwi, Wafula Chebukati, yabakumiriye hageze gutangaza ivyavuye mu matora, hanyuma atangaza ibiharuro birimwo amakosa kandi "bitagira umutwe n'amaguru".
Icegera ciwe Julia Cherera yavuze ko uteranije ivyo kw'ijana Chebukati yatangaje utora 100,1% , ariko hari abavuga ko ivyo vyatewe no kwihenda mu kuduza igiharuro kiza inyuma y'agakwabu.
N'aho biri uko, ibihugu bitandukanye birimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyakeje abanya-Kenya uburyo bitwaye mu matora binakeza uwayatsinze, William Ruto.
Abakuru b'ibihugu bitandukanye ba Afrika nabo bakeje William Ruto ku ntsinzi yaraye atahanye.
Raila Odinga w'imyaka 77 bwari ubugira gatanu yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
William Ruto w'imyaka 55, yari asanzwe ari icegera c'umukuru w'igihugu, Uhuru Kenyatta, arangije ikiringo ca kabiri c'imyaka itanu, akaba atari arekuriwe gusubira kwitoza nk'uko amategeko ya Kenya abitegekanya.
Muri aya matora ariko, Uhuru Kenyatta yahisemwo gushigikira uwo batahora bavuga rumwe, Raila Odinga.










