Sentare yatanze akaruhuko kugira abunganira Twahirwa na Basabose bategure urubanza

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
- Yatangajwe
Mu ntahe y'ejo ku wa kane, inyuma yo kwumviriza abarega Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994 mu rubanza ruriko rubera i Buruseli mu Bubirigi, abababuranira basavye sentare ko yobaha akaruhuko kugira bitegure.
Kuri uwo musi ugira 22 w'uru rubanza, sentare yatanguye yumviriza umugabo w'imyaka 52 yari yavuye i Kigali mu Rwanda, akavuga ko azi neza Séraphin Twahirwa kuko bompi baba i Gikondo.
Uwo mugabo yavuze ko yavunja amahera y'agaciro, yemeza ko Twahirwa atihisha mu batwara Interahamwe kuko n’uwagomba gucuruza wese yategerezwa kumwihekako (kumwiyambaza).
Avuga kandi ko yari azi Basabose, aho yemeza ko yari afise inkoho ntoya yo mu bwoko bwa pistolet mu biro (bureau) iwe, kandi ko aba bagabo bakorana mu kwica, umwe atanga uburyo, uwundi abukoresha mu kurōngōra Interahamwe, akavuga ko n'imodoka zakoreshwa n'Interahamwe zari iza Basabose.
Hakurikiye uwundi mugabo avuga ko yitwa Bernard Munyagishari yavutse mu 1958, ari mu munyororo mu Rwanda kubera ivyaha vya jenoside, akaba yumvirijwe hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.
Munyagishari avuga ko mu 1994 yari ajejwe abakozi mu mugambwe MNRD wari ku butegetsi, kandi ko mu ntango y'imyaka ya 1990 ari mu basohoye itangazo rihamagarira urwaruka kugira imyimenyerezo ya gisirikare abitumwe n'abamukurira.
Avuga ko urwo rwaruka rwari Interahamwe kandi ko yari mu bazirongoye i Gisenyi, akaba adahakana ko zakoreshejwe mu bwicanyi bwakorewe Abatutsi.
Abajijwe ku vya Séraphin Twahirwa, yavuze ko yamwumva mu barongoye Interahamwe i Gikondo ariko ko batari bwahure imbona nkubone, gusa ko bagiye guhura mu kwezi kwa 6 mu 1994 i Gisenyi mu Rwanda bariko barahunga.
Abajijwe ivya Pierre Basabose yavuze ko ataco amuziko.
Ku ruhande rw'abaregwa, umwunganirizi wa Basabose, Maître Jean Flamme, yasavye akaruhuko kugira bitegure. Sentare yabimwemereye, ica irasivya intahe yo kuri uno wa gatanu.
Bitegekanijwe ko urubanza ruzosubira kwumvirizwa ku munsi wa mbere.










