Ibikorwa vya CNL birahagaritswe vy’agateganyo, none ivyayo bizoherera he?

Yatangajwe

Ku musi wa Mungu itariki 04 Ruheshi (6), umugambwe CNL waguye mu gahundwe wikanguye usanga ingoro zawo zo kuri Mutanga Nord na Ngagara mu gisagara ca Bujumbura zikikujwe n’abapolisi, igikorwa catanguye ku wa 03 Ruheshi kikabandanya bukeye.

Muri ico gihe, nta winjira kandi nta wasohoka, mbere n’umukuru w’umugambwe we nyene umushingamateka Agathon Rwasa yarahishikiye ku wa 04 Ruheshi, ariko abapolisi baramwankira ko yinjira, kuko ni ryo tegeko bari bahawe nk’uko bamwishuye.

Abarongoye uno mugambwe mukuru utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi ntibatahuye iyi ngingo itabaguye neza, bakabona ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buriko burinjirira ibikorwa vyawo kandi atariko vyategerezwa kugenda, nk’uko bobo babibona.

Ihagarikwa ry’ibikorwa vyose vya CNL

Ivyo ari vyo vyose, ihagarikwa ry’ibikorwa vy’umugambwe CNL ku ngoro zawo muri Bujumbura ku wa Mungu biboneka ko ryari ryisunze ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere, ku wa 02 Ruheshi (6), yandikiye umushingamateka Rwasa amumenyesha ko “ibikorwa vyose biteguwe n’inzego zashizweho hadakurikijwe amategeko bihagaritswe mu gihugu cose gushika ibisabwa vyose bishizwe mu ngiro”.

Mw’iri kete, umushikiranganji Ninteretse amenyesha umukuru w’umugambwe CNL ko iyi ngingo yafashwe kugira ngo “ntihahave haduka imishamirano hagati y’abanywanyi banyu”.

“Amanama ashobora gukorwa ni ayazoba yerekeye gutorera umuti icuka kibi mu mugambwe wanyu, naho nyene abanje gusabwa no guhabwa uruhusha n’inzego zibijejwe”, niko iri kete rivuga.

Mw’iri kete BBC ibonye kuri uno wa 06 Ruheshi, umushikiranganji yishura ku ryo yandikiwe ku wa 19 z’ukwa gatanu rimusaba guhagarika ingingo itesha agaciro amakoraniro kaminuza y’uno mugambwe yo ku wa 12 Ntwarante (3) na 30 Ndamukiza (4), amakoraniro afatwa ko atari akurikije amategeko.

Umukuru w’umugambwe CNL wewe avuga ko ibivugwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere, ata shingiro bifise, ko amakoraniro yose yabaye hisunzwe amategeko y’umugambwe, kandi ko bwahenzwe n’uyu murwi w’abatavuga rumwe nawe bahoze bafatanije kurongora umugambwe.

N’aho avuga gutyo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwobwo bubandanya bumwereka ko atari mu kuri, bugashimikira ku rwandiko bwamwandikiye ku wa 17 Rusama 2023 rumwereka ingingo yarenze. Uru rurashimangirwa n’urwo uyu murwi utavuga rumwe na we mu mugambwe wamwandikiye ku wa 26 z’ukwa gatanu rumwereka ingingo yahonyanze imwe ku yindi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere, Martin Ninteretse asaba umushingamateka Agathon Rwasa gukurikiza iyi ngingo iri mw’ikete ryo ku wa 17 Rusama ata guhigimanga.

Ninteretse ntashima imvugo y’umukuru w’umugambwe CNL inyuma y’ingingo aherutse kuwufatira, aho amwagiriza kwivanga mu bikorwa vy’umugambwe.

“Ntivyumvikana ingene aho gukosora amakosa yakozwe mu kutubahiriza ibitegekanywa n’amategeko, murajwe ishinga no kuvuga n’ibigirankana ko twivanga mu bikorwa vy’umugambwe”, niko vyanditse mw’iryo kete ryanditswe mu gifaransa.

Ibiriko biraba muri uno mugambwe ugira kabiri muri poritike y’Uburundi, ni inkurikizi z’indyane zivugwa muri wo, haraciye amezi atari make, ubu ukaba ugizwe n’impande zibiri zirabana nk’akayabu n’imbeba.

None vyaje gute?

Vyose vyatanguye ku wa 14 Nyakanga (9) 2022 igihe haba itorwa ry’abashingamateka baserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, EALA.

Ayo matora yabaye abashingamateka ba CNL, irongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa basohotse, ariko nticabujije ko bemeza umushingamateka Cathy Kezimana, kw’izina ry’umugambwe CNL.

Imvo batanze, bavuze ko batagishijwe inama mu guhitamwo umwe mu bashingamateka batatu bagomba gutorwa kw’izina ry’uyu mugambwe CNL, bakavuga ko vyagizwe ibanga kandi amategeko avuga ko vyose bitegerezwa kubera ku mugaragaro. Agathon Rwasa yavuze ko amatora yakozwe mu kinyegero.

Abajijwe nimba amazina y’abantu batatu b’umugambwe CNL yatanzwe kugira hatorwemwo aboserukira umugambwe, Umushingamateka Agathon Rwasa yishuye ati: “Twebwe nta mazina atatu twatanze”, ariko ntiyavuze igitigiri n’amazina y’abo bari batanze.

Muri aya matora, icatangaje bamwe mu bagize ibiro bikuru vy’uyu mugambwe, ni izina ry’umutambukanyi wa Agathon Rwasa nyene, Annonciate Haberisoni, bakavuga ko batagishijwe inama mu gutora amazina y’abotorwa.

BBC ibajije umushingamateka Rwasa igituma mu mazina yatanze harimwo izina ry’umugore wiwe, yishuye ko ata mategeko yarenze.

Ati: “Icari gikenewe ni uko bari kutwereka bati itegeko warenze ni iri n’iri”.

Hagati aho, icuka kibi cabandanije cibonekeza mu bagize ibiro bikuru vy’uwo mugambwe, aho uruhande rutavuga rumwe n’umukuru wawo, Agathon Rwasa, rwamwagiriza ko afata umugambwe nk’itunga ryiwe bwite.

Ibintu vyagiye kwunyuka kuva ku wa 06 Munyonyo (11) 2022, aho amakuru ava mu banywanyi b’umugambwe CNL yavuga ko Rwasa yabwiye inama y’imvukira zikorera ibikorwa mu gisagara ca Bujumbura, ko hari akarwi k’abashingamateka bashatse gutoba, mu gushinga CNL - Nyakuri, no mu kumuhungabaniriza umutekano.

Ijambo “nyakuri” riramenyerewe cane muri poritike y’Uburundi, aho imigambwe yagiye icibwamwo ibice, hakaba uruhande rumwe ruba rwegereye ubutegetsi, n’urundi rutavuga rumwe n’ubutegetsi.

“Twebwe nta vya nyakuri turimwo, dushaka ko amategeko akurikizwa”, niko uruhande rw’abamurwanya ruvuga.

Kuva ico gihe, haciye harangwa icuka kibi hagati y’abanywanyi b’uyu mugambwe gushika n’aho vyabaye ngombwa ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati, agerageza gusukamwo mabisi, aho ku wa 15 z’ukwa kabiri yatumyeko umushingamateka Rwasa kugira ngo babiganireko.

Muri uyu mubonano, umushikiranganji Ninteretse yamenyesheje Rwasa “ko hari ingorane zikwiye gutorerwa umuti imbere yo gutunganya amakoraniro ahambaye”, ibi bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’ibiro bikuru vy’uyu mugambwe ku wa 18 z’ukwa kabiri, inyuma y’inama yabahuje ku magenekerezo ya 17 na 18 z’uko kwezi nyene.

“Bamaze kwihweza ivyavuzwe kuri bamwe n’abandi, abagize ibiro bikuru vy’umugambwe CNL basanze ari ibere ryayaze. Kakaba kabaye akaryo keza ko gutahurana no gusabana imbabazi kuri aho hose inyifato y’umwe n’uwundi yoba yaratirimukije uyu canke uriya”, nk’uko tubisoma muri iryo tangazo.

Rivuga kandi ko baciye bashiraho “urupapuro rw’inzira rwo kubandanya banoganza ingorane zatumye ico cuka kihaba kugira ngo indongozi n’abanywanyi babandanye basenyera ku mugozi umwe”.

Iki cuka kibi caranze CNL ntikiyorohereza mu bikorwa vyawo, mu gihe wari usanzwe ubandanya utegura amakoraniro atandukanye irya n’ino mu gihugu, ubutegetsi bugaca bugifatirako mu guhagarika ibi bikorwa nk’uko vyagiye vyibonekeza, aho umushikiranganji we nyene abihagarika canke abamuserukira mu gihugu.

Hagati aho, mu gihe abanywanyi kumbure bari biteze ko koko ryari ibere ryari ryayaze kandi ko ibintu vyari vyasubiye ku murongo, vyabonetse ko atariko bimeze kuko umurwi w’abari bagize ibiro bikuru vya CNL wari uhanganye na Rwasa, wasubiye umwagiriza ko yagumye arondera ingene yobigiza inyuma.

Ibi birashobora kubonekera muri bimwe mu vyavuye muri rya koraniro ridasanzwe ryo ku wa 30 z'ukwa kane - rifatwa ko ryakozwe hatisunzwe amategeko - aho, mu barongozi bashasha bagenywe kuri uwo musi mu bagize ibiro bikuru vy'uyu mugambwe, nta n'umwe yashizemwo muri bamwe batavuga rumwe na we, nk'uko bo nyene babivuga.

Bagiriza umushingamateka Rwasa ko yateguye ikoraniro kaminuza ryo ku wa 12 z’ukwa gatatu, co kimwe n’iri ridasanzwe ryo ku wa 30 z’ukwa kane, adakurikije amategeko agenga uyu mugambwe, ari co catumye baca bitura ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere, ari nabwo bubazwa ibibazo vy’imigambwe, kugira ngo bumutere igitsure akurikize amategeko, bwongere bufute ivyavuye muri ano makoraniro.

Umushingamateka Agathon Rwasa wewe abandanya yemeza ko amakoraniro yose yabaye hisunze amategeko y’umugambwe.