CNDD FDD ntiyemera ibivugwa na FRODEBU ku rugero rwa demokrasi mu Burundi

CNDD FDD ntiyemera ibivugwa na FRODEBU ku rugero rwa demokrasi mu Burundi
Yatangajwe

Inyuma y'aho ejo kuwa kane umugambwe Sahwanya FRODEBU utangarije ko mu Burundi imigambwe itagishobora guhiganwa mu bwisanzure, nk'uko biteganywa muri demokrasi, umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD wo siko ubibona.

FRODEBU wari uramutse ejo wibuka imyaka 30 utahukanye intsinzi mu matora yari ashingiye ku migambwe myinshi, yabaye mu 1993.

Icegera c'umukuru w'uwo mugambwe, Leonce Ndikumana, mu kiganiro yaduhaye ejo, yavuze ko n'imiburi buri ico gihe imigambwe yahiganywe mu buringanire ariko ubu atariko biri.

Leonce Ngendakumana yavuze ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD utemera iryo higanwa rirangwa n'ubwisanzure n'uburinganire.

Umva uko umuvugizi wawo Nancy Ninette Mutoni asubiza kuri ivyo, mu kiganiro yagiranye na Florentine Kwizera (umva ico kiganiro aho hejuru).