Burundi: Hagiye kuboneka ikarata y'aho hose hashobora kugeramirwa n'ibiza

Ahavuye isanamu, Presidence/ BURUNDI
Urwego rujejwe gukinga ibiza no gutabara abo bishikiye mu Burundi rufatanije n'abo vyega bose ruriko ruriga ikarata ruherutse gutunganirizwa n'abahinga ku turere twose dushobora kubangamirwa n'ibiza.
Mu ntango z'iyi indwi, abantu b'imiryango irenga 120 yo muri komine Isare yo mu Ntara ya Bujumbura ubu ntigira aho ikika umusaya. Amazu yabo bantu yatwawe n’umusozi wahindimutse ku mutumba wa Kibuye, watwaye amazu arenga 20 na hegitari zirenga 15 z’imirima yabo.
Ku wa gatatu muri commune Mugina mu ntara ya Cibitoke imvura yahitanye amazu arenga 20 isambura n'inyubakwa z'ishure shingiro.
Hasanzwe hari imiryango 6.771 imaze igihe yarateshejwe izabo n'imyuzure iturutse ku mazi y'ikiyaga Tanganyika yarenze inkombe.
Ku bwa Commissaire Anicet nibaruta, muri iyo iyishika 2855 yirykanywe n'amazi mu Gatumba kuva mu 2021 iracari mu bibanza vy'abateshejwe izabo mu Maramvya muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura.
Iyo irindiriye gusubizwa aho yahora iba, ariko hari ibibanza bimwe bimwe n'ubu bikirimwo amazi.
Imiryango irenga 1900 nayo yari yomowe n'amazi mu Gatumba nnyene yo reta yabaye irayiha uburyo bwo kuja gukotesha aho iba mu kuringo c'amezi atatu.
Mu Rumonge imiryango yomowe n'imyuzure ya Tanganyika ishika 1200, i Nyanza-Lac naho ni 800.
Ku bwa Commissaire Nibaruta, urwego rujejwe gukinga ibiza no kugarukira ku bo bishikiye ruherutse kuronka ikarata y'uturere twose turi ku mangenge yo gushobora guhura n'ibiza nk'imyuzure canke umuhindimuko w'imisozi.












