Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: 10kg vy'amasenge y'inzovu bimujanye gupfungwa ubuzima bwose
Na Patience Atuhaire
BBC News, Kampala
Sentare yo muri Uganda yaciriye umuntu adandaza amasenge y’inzovu gupfungwa ubuzima bwiwe bwose – igihano ca mbere kinini ku caha nk’ico muri kahise k’ico gihugu.
Itegeko rishasha ryemejwe mu 2019 ryakajije ibihano ku bantu bakora uruhigi rutemewe n’amategeko canke bakora urudandazwa rw’inyamaswa zigeramiwe no guhona.
Pascal Ochiba yafashwe muri Nzero uyu mwaka afise ibimanyu bibiri vy’amasenge y’inzovu, bipima hafi 10kg.
Umucamanza yavuze ko Ochiba, asanzwe yari amaze kwagirwa n’icaha nk’ico muri kahise, akwiye umunyororo w’ubuzima bwose kugira muri kazoza inyamaswa zikingirwe.
Mu gusoma urwo rubanza, umukuru wa sentare y’igihugu idasanzwe ijejwe inyamaswa, Gladys Kamasanyu, yavuze ko “ivyaha vyo kutunga mu buryo butemewe n’amategeko ubwoko bukingiwe bisigaye ari vyinshi kandi hakenewe ko bituzwa”, nk’uko biri mw’itangazo ry’urwego rushinzwe inyamaswa muri Uganda (Uganda Wildlife Authority).
Umuyobozi nshingwabikorwa wa UWA Sam Mwandha yavuze ati: “Iki ni ikintu gikomeye cane mu rugamba rwacu rwo kurwanya urudandazwa rw’inyamaswa rutemewe n’amategeko.”
Mu 2020, umuhigi yishe inguge izwi nka Rafiki yahanishijwe imyaka 11 y’umunyororo.
Muri Nyakanga/Nzeri uyu mwaka, abagabo babiri umwe umwe yahanishijwe gupfungwa imyaka umunani ku caha co kwica intare zitandatu zidakunze kuboneka zo mu bwoko bwurira ibiti.
Mu mashamba ya Uganda hahurwa ko hasigaye inzovu 7.900 harimwo izo mu mashamba (forêts) n’izo mu gahinga (savane).
Ishirahamwe ryo kubungabunga ibibaho (Union for Conservation of Nature) zishira izo mu mashamba mu zigeramiwe cane mu gihe izo mu gahinga zishirwa mu zigeramiwe.
Igitigiri c’inzovu muri ico gihugu cagumye ciyongera kuva mu myaka ya 1990.
Ariko ivyo bikoko n’ubu biracageramiwe n’abantu babihiga kandi babicuruza bitemewe n’amategeko.
Ochiba yari amaze guphungwa muri kahise – mu 2017 – igihe yafatanwa ibimanyu bine vy’amasenge y’inzovu hamwe n’urushato rw’igikoko bita Okapi.
Okapi, giteye bwa mparage, n’igikoko kitagwiriye kiba gusa mu mashamba ya Repuburika ya Demokrasi ya Congo ihana urubibe na Uganda.