Iyicwa rya Ndadaye: 'Ntako ntagerageje, ariko ingingo yo kumwica yamaze gufatwa'- Rugigana

Jenerali de Brigade Joseph Rugigana avuga ko ingingo yo kwica Perezida Melchior Ndadaye mu 1993 yafatiwe hejuru mu bari barongoye igisirikare
Insiguro y'isanamu, Jenerali de Brigade Joseph Rugigana avuga ko ingingo yo kwica Perezida Melchior Ndadaye mu 1993 yafatiwe hejuru mu bari barongoye igisirikare
    • Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Jenerali de Brigade Joseph Rugigana avuga ko abishe Ndadaye ari bamwe mu basirikare bari bajejwe kuyoboka umukuru w’igihugu.

Uwo yahoze arongoye umurwi w’abasirikare ujejwe kurinda ikirimba ciwe (escadron) avuga ko yagerageje, ariko ingingo yo kumwica yafatiwe hejuru mu barongoye igisirikare.

Yabishikirije ejo ku wa gatandatu itariki 2 Munyonyo (11) 2024 i Paris mu Bufaransa, aho ino ntwazangabo yo mu gisirikare ca kera c’Uburundi yari irongoye abacungera ikirimba c’umukuru w’igihugu yari iramutse ishikiriza igitabo kigaruka ku rupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye ku wa 21 Gitugutu (10) 1993.

Perezida Ndadaye yagandaguwe amaze amezi atatu gusa arahiriye kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi, inyuma y’amatora yari yabaye ku wa 1 Ruheshi (6) 1993 atsindwa n’umugambwe Sahwanya- Frodebu yari arongoye, maze aca aba umukuru w’igihugu wa mbere w’Umuhutu muri kahise k’Uburundi, kandi yari yitorewe n’abanyagihugu mu nzira ya demokarasi.

Yarahiye ku wa 10 Mukakaro (7) 1993, aca agandagurwa mw’itembagazwa ry’ubutegetsi bw’umugambwe Frodebu mw'ijoro ryo ku 20 rishira uwa 21 Gitugutu (10) 1993, igihugu gica kija mu kaga.

Iki gitabo canditswe na Jenerali de Brigade Joseph Rugigana kigaruka ku masaha ya nyuma ya Perezida Ndadaye, Rugigana akaba ari nk’umwe mu bamubonye ubwa nyuma, benshi bakaba bari barindiranye igishika ko ashira ahabona ivyo yabonye.

Gushika ubu hari imvugo y'uko abishe Perezida Melchior Ndadaye ari akarwi gatoya k'abasirikare. Rugigana na we nyene yemeza ko abamwishe ari akarwi k'igisirikare cari kigizwe ahanini n’Abatutsi.

Ati: "Si Abatutsi bose bishe Ndadaye, si abasoda bose, ni akarwi gato ntivyokwitirirwa igisirikare cose.

"Jewe ubwanje ndi Umututsi ariko kwica Ndadaye vyakwegeye akaga igihugu cose harimwo Abatutsi bishwe bazira Ndadaye."

Ni ibiki biri muri iki gitabo ?

Igitabo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gitabo Jenerali de Brigade Joseph Rugigana yise “Ukuri Kwanje kw’Iyicwa rya Ndadaye” (Ma Vérité sur l’Assassinat de Ndadaye), kigaruka ku masaha ya nyuma ya Perezida Ndadaye, mw’ijoro ry’itariki 20 rishira 21 Gitugutu 1993 umunsi yiciweko, aho avuga n’abamwishe.

Rugigana yari arongoye umurwi w’abasirikare bacungera ikirimba ca Perezida Ndadaye yabwiye isinzi ry’abantu bari baje muri iryo murikwa ko ibiro bikuru vy’igisirikare vyari vyahejeje gufata ingingo ko Ndadaye yicwa babanje kubomora ikirimba n’ibikoho bikomakomeye.

Avuga ko barungitse amajana y’abasirikare avuye mu makambi y’abasirikare ya 11 Bataillon Blindés na 1ère Bataillon Para kuza gutera ikirimba ciwe cari hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho bateye n’amabombe atari make.

Lieutenant (ipete ryiwe ico gihe) Rugigana yaciye afata ingingo yo kurwana n’abateye ikirimba abasubiza inyuma akoresheje ibikoho vya muzinga n’ibiduga bitamenwa bizwi nka burende (blindés) n’amasasu asanzwe, vyari ku kirimba.

Avuga ko babonye ko yanse ko bica Ndadaye baciye bamucira uburyo bwo guhanahana amakuru, bamwe mu basirikare bari kumwe harimwo n’abamutwara baramuta, abandi banka kwubahiriza amategeko kubera bagomba ko Ndadaye yicwa.

Rugigana avuga ko abonye ko abamutwara bamuhevye, abo bakorana mu gucungera Ndadaye bamwihindutse, yaciye afata ingingo yo guhungisha Perezida Ndadaye muri burende, ari kumwe n’abo mu muryango wiwe, maze amuhungishiriza mw’ikambi yari ijejwe gucungera inzego USI (unité spéciale pour la protection des institutions) yari iherereye muri zone ya Musaga, ahazwi nka Camp Muha.

Avuga ko yashitse muri iyo kambi bigoranye, abanje kurasana n’abandi basirikare baje gutera ico kirimba.

Rugigana avuga ko yashitse muri iyo kambi ya Muha mu gitondo ca kare, ku wa 21 Gitugutu, inyuma y’ijoro ariko ararwana n’abaje kwica Ndadaye.

Amaze gushikana Ndadaye muri Camp Muha

Rugigana ashikanye Perezida Ndadaye muri Camp Muha abari barongoye igisirikare baciye batangura kumuryagagura no kumutuka
Insiguro y'isanamu, Rugigana ashikanye Perezida Ndadaye muri Camp Muha abari barongoye igisirikare baciye batangura kumuryagagura no kumutuka mu gihe we yibaza ko ahubwo bari kumushimira ko yarokoye ubuzima bw'umukuru w'igihugu

Rugigana avuga ko ashitse muri iyo kambi, mu gihe yarazi ko arokoye ubuzima bw’umukuru w’igihugu yatangaye asanze muri iyo kambi abari barongoye igisirikare, aho kumushimira ko yarokoye ubuzima bwa Perezida Melchior Ndadaye, bamuryagaguye, baramutuka. Aha, aratunga urutoke Majoro Alfred Nkurunziza ko yamuvumye amate mu maso kubera icaha yakoze co kurokora ubuzima bw’umukuru w’igihugu.

Rugigana avuga ko kw’irembo ry'iyo kambi amaze kuhahungishiriza Ndadaye, haje abasirikare benshi basa n’abariye amavubi bipfuza ko babaha Melchior Ndadaye, mu gihe n’abarongoye igisirikare bari bafashe ingingo ko Perezida Ndadaye yicwa.

Rugigana yavuze ko Perezida Ndadaye yasohotse ava muri ya burende yari yamunyegejemwo amaze kubona ko vyanse, aho yabwiye abasirikare bari baje kumwica ati:

“Basirikare duhejeje kuvugana n’ababatwara, ndabasavye nshimitse ntimukore amaraso, ntimunyice, ni munsabe ivyo mushaka vyose ndabibaha ariko ntimukore amaraso, ni mwibaze imiryango yanyu iri mu ntara zose z’igihugu, ni mwibaze abapfasoni banyu, ni mwibaze incuti zanyu, ndasubiye kubasaba ntimukore amaraso”.

Rugigana avuga ko abasirikare batamwumviye ahubwo bamuryagaguye, aho Liyetena Koroneli Jean Bikomagu yari arongoye ibiro vy’igisirikare yaciye amubaha, aho ryabaye irya nyuma amukubise ijisho.

Colonel Nzosaba yahoze cari Ntwazangabo mw’ikambi icungera inzego ari mu bari bitavye iki kiyago, aho yatanze umuco uko bashizeho ikambi (USI) icungera inzego yaheruka gushingwa
Insiguro y'isanamu, Colonel Nzosaba yahoze ari Ntwazangabo mw’ikambi icungera inzego ari mu bari bitavye iki kiyago, aho yatanze umuco uko bashizeho ikambi (USI) icungera inzego yaheruka gushingwa
Abari bitabiriye ikiganiro ciwe
Nadine Muhorakeye yahoze ari umumenyeshamakuru

General de Brigade Joseph Rugigana uno munsi asanzwe aba mu Bubiligi nk’impunzi yabandanije ari mu gisirikare aho yaranguye amabanga menshi, araba umuhanuzi mu vya gisirikare wa Perezida Pierre Nkurunziza.

Avuga ko yahatswe kugandagurwa kenshi n'abo bakorana kubera yabonye abishe Melchior Ndadaye, akavuga ko yahisemwo gusohora ico gitabo kugira afashe mu kumenya ukuri ku bwicanyi bwakorewe Perezida Ndadaye.

Bavuga iki?

Antoine Kaburahe asaba n’abandi bagize ico babona kwandika kugira babwire abariko bararuka ukuri ku vyabaye mu gihugu
Insiguro y'isanamu, Antoine Kaburahe asaba n’abandi bagize ico babona kwandika kugira babwire abariko bararuka ukuri ku vyabaye mu gihugu

Antoine Kaburahe, umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi arongoye inzu yo gusohora ibitabo “Edition Iwacu”, yamufashije kugisohora, avuga ko igitabo nk’iki canditswe n’Umurundi ari intererano ikomeye muri kahise k’Uburundi benshi batinya kuvuga.

Asaba n’abandi bagize ico babona kwandika kugira bamurikire abariko bararuka ku vyabaye mu ntumbero yo gucira i moso ubwicanyi.

Ivyo akaba abihurizako na Gratien Rukindiza na we nyene yahoze ari intwazangabo ry’ipete rya capitaine yari mu bacungera Melchior Ndadaye.

Gratien Rukindiza na we nyene yahoze ari mu bari barongoye abari bajejwe gucungera Perezida Ndadaye yemeza ko kwica Ndadaye vyari vyateguwe kera kuva agitorwa, akabona ko iki gitabo kije kwerekana ukuri benshi batinya kuvuga
Insiguro y'isanamu, Gratien Rukindiza na we nyene yahoze ari mu bari barongoye abari bajejwe gucungera Perezida Ndadaye yemeza ko kwica Ndadaye vyari vyateguwe kera kuva agitorwa, akabona ko iki gitabo kije kwerekana ukuri benshi batinya kuvuga

Rukindikiza, asanzwe ari umwanditsi akaba aba mu buhungiro mu Bufaransa, na we nyene yemeza ko kwica Ndadaye vyari vyateguwe kera kuva agitorwa, akabona ko iki gitabo kije kwerekana ukuri benshi batinya kuvuga, kandi ko kubona canditswe n’umusirikare w’Umututsi ari nkenerwa.

Ico gitabo ca Jenerali de Brigade Joseph Rugigana gifise impapuro 146 kikaba kiri mu gifaransa gusa. Ariko abacanditse bavuga ko bibaye ngombwa kizohindurwa mu zindi ndimi.