Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Gordon, Kante, Martinez, Pickford, Juranovic, Saka
Everton iri hafi yo gushika ku masezerano n’umukinyi wo ku ruhande umwongereza Anthony Gordon w’imyaka 21 kugira ngo Chelsea ntibandanye imwirondeza. (Telegraph)
Umukinyi wo hagati w’Ubufaransa, N'Golo Kante w’imyaka 31 ariko arasatira kugira ngo arabe ko yokwimukira muri Barcelona igihe amasezerano afitaniye na Chelsea azoba aragiye mu ci riza, ibiganiro vy’intangamarara bikaba bigeze kure. (Sport – mu ki Espagnol)
Paris St-Germain igiye gutangura ibiganiro n’umusatirizi wa Argentina Lionel Messi w’imyaka 35, inyuma y’ibikorwa bidasanzwe yakoreye mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, mu gihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci riza. (RMC iciye kuri Mail)
Bayern Munich iripfuza kugura umunyegori wa Argentina na Aston Villa Emiliano Martinez w’imyaka 30. (MediaFoot – mu gifaransa)
Ariko umunyegori wa Borussia Monchengladbach n’Ubuswisi Yann Sommer, w’imyaka 34 na we ari mu biganiro na Bayern Munich vyo kumugura inyuma y’aho Umudagi Manuel Neuer avunikiye ukuguru. (Goal)
Umumenyereza wa Real Madrid Carlo Ancelotti yitandukanije n’ibivugwa ko Brezili imukeneye, agashimangira ko yipfuza kuguma muri uno murwi uherutse gutahukana igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (European champions). (Rai Radio 1 iciye kuri Mail)
Kuri uno wa kabiri, umusatirizi w’Ubufaransa Kylian Mbappé w’imyaka 24 ashobora gutangaza mu kanya kari imbere ko azova muri PSG uno mwaka w’inkino urangiye, Real Madrid ikaba imwipfuza. (Sport – mu ki Espagnol)
Barcelona iripfuza kugura umukinyi w’inyuma wa Celtic na Croatia Josip Juranovic w’imyaka 27, ariko ikaba imurwanira na Atletico Madrid hamwe n’imirwi yo muri Premier League. (Sky Sports)
Umukuru wa Napoli Cristiano Giuntoli yankiye Newcastle amahirwe yo kugura umusatirizi wa Georgia Khvicha Kvaratskhelia w’imyaka 21. (Sport Express, iciye kuri Fabrizio Romano)
Tottenham iriko irihweza ingene yoronka umunyegori wa Everton, umwongereza Jordan Pickford w’imyaka 28 nk’uwushobora gusubirira umufaransa Hugo Lloris w’imyaka 35. (Football Insider)
Arsenal igiye gutangura ibiganiro n’umusatirizi wayo, umwongereza Bukayo Saka w’imyaka 21, mu “ndwi n’amezi ari imbere” mu ntumbero yo kumuha ayandi masezerano. (Caught Offside)
Uwahoze ari umumenyereza wa Real Madrid Zinedine Zidane ashobora gusubirira umufaransa mugenziwe Didier Deschamps nk’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa inyuma y’aho butsindiwe na Argentina mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose. (Mundo Deportivo – mu ki Espagnol)
Arsenal na Leeds yinjiye mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Brezili Matheus Cunha,w’imyaka 23, mu gihe Atletico Madrid iriko irategura kumugurisha. (Goal)
Chelsea irafise icizere ko ishobora kuronka umukinyi w’inyuma wa RB Leipzig na Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 20, n’aho izi ko hari umukeba amurondera. (90 min)
Chelsea kandi iri mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Borussia Dortmund umudagi Youssoufa Moukoko w’imyaka 18 mu kwa mbere. (Give Me Sport)
Inter Milan iriko irihweza nimba yogura uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Watford Roberto Pereyra w’imyaka 31, igihe amasezerano y’uyu munya-Argentina afitaniye na Udinese azoba arangiye. (Fichajes – mu ki Espagnol)
Uwahoze akina inyuma muri West Ham na QPR Anton Ferdinand avuga ko yari kuba yaragiye gukinira Barcelona ariko ko uwahoze ari umumenyereza w’aba Hammers (West Ham ) Alan Pardew atamwemereye. (TalkSPORT)