Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: CVR igiye gutangura kwumviriza abantu ku mugaragaro ku bwicanyi bwa 1972-73
Umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira mu Burundi umenyesha ko ugiye gutanguza igice gishasha co kwegeranya ibimenyetso ku bwicanyi bwabaye mu 1972 na 73, biciye mu kwumviriza ku mugaragaro abafise ico bazi kuri ubu bwicanyi.
Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uyu murwi yabwiye BBC ko ikintu gishasha muri izi nama zizohuriramwo abantu benshi (audiences publiques) ari uko ari inama zizofasha abacitse kw’icumu, ivyabona, aboba barabikoze bashimye kwitabira ibi biganiro hamwe n'abazoba baje kuvyumviriza, bavugira ku mugaragaro ivyo bazi n‘ivyo babonye.
Avuga ko mu gihe bamaze bakora bagiye bumviriza umuntu umwe umwe mu mwiherero, inzira itandukanye n’iyi nshasha kuko izoba irimwo abantu benshi, kandi ko ari ikiringo gitegekanijwe n’ibwirizwa umurwi arongoye ukoresha.
Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira utegekanijwe mu biganiro vy’amahoro vyahuje abanyaporitike i Arusha muri Tanzania, ariko bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bagiye banegura ingene utunganijwe n’ingene ukora.
BBC yashatse kumenya nimba aya makoraniro adashobora kubangamira umutekano w‘abantu bamwe bamwe bivanye n’uko bashikirije ivyo bazi kuri ubu bwicanyi, Pierre-Claver Ndayicariye arahumuriza, akavuga ko ata muntu n’umwe aragira ingorane mu gihe cose uyu murwi umaze ukora.
Ati: "Tumaze imyaka ine dukora, nta muntu n’umwe arabangamirwa kubera yatanze inkuru, kubera yakoze ibibi, kandi yiyizi kandi bamuzi.
“Nta ngorane zihari kubera Abarundi barinjiye mu rungendo rwo kurondera ukuri kubafasha kwinjira mu gikorwa co kunywanisha Abarundi bose ata n‘umwe ashizwe ku ruhande”.
Kuva Uburundi buronse intahe y'ukwikukira mu 1962, bwagiye burangwamwo ubwicanyi bushingiye ku mvo za politike no ku moko hagati y'Abahutu n'Abatutsi.
Ubukunze kuvugwa cane ni ubwabaye mu 1972-73 bugahitana Abarundi benshi bo mu bwoko bw’Abahutu ariko bukaba butabonwa kumwe na bose.
Mu cegeranyo casohowe n’uyu murwi mu mpera z’umwaka wa 2021, umurwi CVR watangaje ko ubwo bwicanyi ari "ihonyabwoko ryakorewe Abahutu", ivyateye impari mu Barundi bamwe bamwe, bavuga ko ico cegeranyo gifise aho gihengamiye canke ko bimwe mu bikivugwamwo ari "ikinyoma".
Vyatumye Perezida Evariste Ndayishimiye we nyene ubwiwe avuga ko mu gihe "ukuri kwoza gutuma mu gihugu haduka indyane twopfuma tuguheba", hari mu kiganiro yahaye abanyagihugu ku wa 28 Kigarama muri uwo mwaka yishura ku bibazo bitandukanye ku buzima bw'igihugu.
Umugwi CVR ufise igikorwa co kurondera ukuri ku makuba yagiye arashikira Uburundi kuva ku gihe c'ubukoroni mu 1885 gushika mu 2008.