Uyu mugore yanditse igitabo ku rupfu rw’umugabo wiwe yagirizwa ko yishe

Ahavuye isanamu, FACEBOOK/KOURI RICHINS
Umugore wo mu ntara ya Utah yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yandikiye igitabo abana, avugamwo amagorwa yagize inyuma y’urupfu giturumbuka rw’umugabo wiwe.
Ubu yagirizwa ko ari we yamwishe.
Kouri Richins, nyina w’abana batatu, yahamagaye igipolisi mw’ijoro rimwe ryo mu kwa gatatu 2022 ababwira ko umugabo wiwe, Eric Richins, yari akanye umuntu amukozeko.
Yasiguriye abategetsi ko yari yateguriye umugabo wiwe ikinyobwa c'uruvange (cocktail) ca vodka, haciye amasaha makeya asanga ntagikoma.
Umuganga amupimye, yasanze Richins yapfuye yishwe n'urugero rurenze rwa fentanyl.
Uyu muganga yavuze ko, ufatiye ku rugero iki kiyayuramutwe gishobora kwicirako umuntu, mu mubiri wiwe harimwo incuro zitanu.
Umuti
Nk’uko inyandiko zo mu bucamanza zivyerekana, hagati ya Kigarama (12) 2021 na Ruhuhuma (2) 2022, uyu mugore yarungikiye ubutumwa bugufi (SMS) umuntu yari asanzwe akurikiranwa n’ubutungane, amusaba imiti yo kurwanya ububabare bw'umurwizatunga yari arwaye umugongo.
Kouri Richins yararonse ibinini vya hydrocodone hanyuma aca asaba imiti isa n’iyo Michael Jackson yafashe, neza na neza fentanyl.
Haciye imisi itatu, amaze kuronka iyo miti, yasangiye imfungurwa za Saint-Valentin (umusi mukuru w’abakundana) n’umugabo wiwe yaciye arwara mu nyuma.
Mu nyandiko za sentare dusoma tuti : "Eric yibajije ko yari yahawe isumu. Yabwiye umugenzi ko umugore wiwe yariko aragerageza kumuroga ».
Haciye indwi zibiri, uyu mugore yaciye agura iyindi fentanyl.

Ahavuye isanamu, KPCW
Ku wa 04 Ntwarante (3), uyu mugore Richins yahamagaye igipolisi hagati mw’ijoro akibwira ko yasanze umugabo wiwe atikoma, nk’uko bivugwa n’abashikirizamanza bajejwe uru rubanza.
Yasiguriye abategetsi ko yari yamuhaye Moscow Mule – ikinyobwa c’uruvange gikozwe mu nzoga ya vodka – mu gitanda hanyuma aca kuryama iruhande y'umwe mu bana biwe yariko ararazirana.
Mu nyuma yahavuye asubira mu cumba akoze ku mugabo wiwe yumva arakanye.
Iki gitabo
Ibi birego bije inyuma y’amezi abiri uyu mugore yanditse igitabo c’amasanamu citwa "Are You With Me ?" (Uri kumwe nanje?) mu ntumbero yo gufasha abana guhangana n’urupfu rw’umukunzi wiwe.
Uyu mugore Richins yabwiye iradiyo KPCW yo muri ako karere ko ico gitabo kizomuzanira "amahoro", we n’abana biwe.
Mu kiganiro na KPCW mu kwezi guheze , yavuze ati : "Twaranditse iki gitabo kandi twizeye ko kizozanira ihumure, atari ku muryango wacu gusa, ariko kandi no ku yindi miryango ibayeho uko".
Yatuye igitabo ciwe umugabo wiwe Richins, avuga ati "umugabo wanje adasanzwe kandi umuvyeyi w’igitangaza".
Hampande y’ubwicanyi, uyu mugore Richins yagirizwa gutunga GHB, ikiyayuramutwe gikoreshwa mu kwinezereza kandi gikunze gufatwa ko gitera ugusambanya ku nguvu.
Azoburanishwa ku wa 15 z’uku kwa gatanu (ni ukuvuga hirya y’ejo kuwa gatanu) kugira ngo bafate ingingo niba uwagirizwa ategerezwa gupfungwa vy’agateganyo mu kurindira ko urubanza rucibwa.










