Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi i Bulaya kuri uno wa kabiri
Arsenal ibona ko umukinyi wo hagati wa West Ham umwongereza Declan Rice w’imyaka 24 ari we aza imbere mu bakinyi izorondera mu ci riza, kandi irizeye ko izokubita hasi Chelsea mu rugamba rwo kumurondera. (Times)
Uwujejwe kwinonora imitsi muri Borussia Dortmund Sebastian Kehl ari mu nteguro z’ibiganiro n’umukinyi wo hagati umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19 hamwe n’abavyeyi biwe, akavuga ko ata murwi n’umwe uramushikira umusaba. (Kicker – mu kidagi)
Umufaransa akina inyuma William Saliba w’imyaka 21 avuga ko "aryohewe cane" muri Arsenal mu gihe ibiganiro ku masezerano mashasha bibandanya. (Independent)
Arsenal yahawe amahirwe yo kuronka Umubirigi akina ku ruhande muri Brighton Leandro Trossard w’imyaka 28, akaba yiteguye gusezera uyu murwi muri kuno kwezi. (Independent)
Dortmund iripfuza kugura umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United umunya- Suède Anthony Elanga w’imyaka 20, asa n’uwasubiye inyuma muri Old Trafford kubera iduga rya Alejandro Garnacho. (Talksport)
Manchester United iri mu biganiro na Inter Milan ku munya-Hollande akina inyuma ku ruhande rw’i buryo Denzel Dumfries w’imyaka 26, aho bariko baharira ku kiguzi c’imiriyoni 35 z’amapawundi. (TuttoMercatoWeb – mu gitaliyano)
Tottenham iracari mu biganiro na Sporting Lisbon kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi w’inyuma wa Espagne Pedro Porro w’imyaka 23, ariko ikaba idashaka gushitsa imiriyoni 45 z’ama-euro zisabwa mu masezerano yiwe. (90min)
Umunya-Brezili w’imyaka 26 akina ku ruhande Raphinha avugwa ko aronderwa na Arsenal nta mugambi afise wo kuva muri Barcelona muri kuno kwa mbere. (Mundo Deportivo – mu ki espagnol)
Newcastle United iriko iraraba ko yogura abakinyi bo hagati ba Chelsea, Abongereza Conor Gallagher w’imyaka 22, na Ruben Loftus-Cheek w’imyaka 26, hamwe kandi n’umunya-Maroc akina ku ruhande Hakim Ziyech w’imyaka 29 muri kuno kwezi. (Telegraph)
Uwujejwe kwinonora imitsi muri RB Leipzig Max Eberl avuga ko "hari ibimenyetso bigaragara" ko umufaransa akina hagati Christopher Nkunku w’imyaka 25 azoruhira kwimukira muri Chelsea. (Bild iciye kuri Mail)
Newcastle yahambije Leicester City mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Fiorentina umunya-Argentina Nico Gonzalez w’imyaka 24, ariko uyu murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A ntushobora kumurekura musi y’imiriyoni 40 z’amapawundi. (TuttoMercatoWeb)
Barcelona iripfuza kugarukana umusatirizi wa Gabon Pierre-Emerick Aubameyang w’imyaka 33, asanzwe akina muri Chelsea ariko ifise ubwoba ko amategeko atabiyirekurira. (Telegraph)
Everton na Newcastle bari mu biganiro vyo kurondera kugura umukinyi w’inyuma wa Bayer Leverkusen umunya-Equateur Piero Hincapie w’imyaka 21, asanzwe kandi yipfuzwa na Tottenham. (Football Insider)
Leeds United yongereje amafaranga ishobora gutanga gushika ku miriyoni 22 z’amapawundi ku mukinyi wo hagati wa Angers umunya-Maroc Azzedine Ounahi w’imyaka 22 yitwaye neza mu gikombe c’isi yose ca 2022. (90 Min)
Chelsea na Tottenham zakuyemwo akarenge mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Everton umwongereza Anthony Gordon w’imyaka 21. (CaughtOffside)
Tottenham na Liverpool ziri mu mirwi yemerewe umukinyi wo ku ruhande, umunya-Hollande Arnaut Danjuma w’imyaka 25 asanzwe akina muri Villarreal, ariko uyu murwi wo muri Espagne umaze kwakira Everton na Bournemouth yahoze akinamwo yonyene imushaka.(Relevo)
Umusatirizi wa Orlando City na Uruguay Facundo Torres w’imyaka 22 avuga ko Arsenal yavuganye nawe kugira ngo imugure. (Goal)
Chelsea iriteguye gukoresha imiriyoni zirenga ijana z’amapawundi mu kurondera abandi bakinyi batatu muri kuno kwa mbere inyuma y’aho ironkeye umusatirizi wa Ukraine Mykhailo Mudryk. (Football Insider)
Manchester United na Arsenal zigiye kurwanira umunya-Brezili akina ku ruhande Luiz Henrique w’imyaka 22 asanzwe akina muri Real Betis. (Fichajes – mu ki espagnol)