India: Abakobwa babiri bavukana batowe bamanitswe, bikekwa ko bafashwe ku nguvu

Igipolisi ca Uttar Pradesh kivuga ko catanguye amatohoza yimbitse, ko ubu kirindiriye ibipimo vyo kwa muganga

Ahavuye isanamu, UPPOLICE TWITTER

Insiguro y'isanamu, Igipolisi ca Uttar Pradesh kivuga ko catanguye amatohoza yimbitse, ko ubu kirindiriye ibipimo vyo kwa muganga
Yatangajwe

Abakobwa babiri b’imiyabaga batowe bamanitswe ku giti mu ntara y’Ubuhindi ya Uttar Pradesh, bikikekwa ko boba baranyurujwe bagasambanywa ku nguvu.

Igipolisi kivuga ko ibi biziga vyatowe ku muhingamo w’ejo ku wa gatatu mu karere ka Lakhimpur. Catanguye amatohoza inyuma y’uko umuryango wabo umenyeshereje ko bari banyurujwe bagasambanywa ku nguvu.

Abagabo batandatu bahagaritswe bagirizwa gufata ku nguvu no kwica.

Igipolisi kivuga ko ibi biziga vyarungitswe kugira bikorweko amatohoza.

Aba bakobwa bompi bari bafise imyaka 18 bava mu muryango w’aba Dalit, umuryango uri hasi cane mw’idini ry’aba Hindu. 

N’aho ibwirizwashingiro riwukingira, uwu muryango umenyereye uhura n’ikibazo c’ikumira n’itoteza – urubanza rwo mu 2020 rwari rwerekeye umukobwa w’imyaka 19 w’umu Dalit yasambanijwe ku nguvu n’ikirwi c’inkozi z’ikibi zigaca zimugandagura mu ntara ya Uttar Pradesh rwateje uburakari igihugu cose, runerekana ingene abagore b’aba Dalit babangamiwe.

Eka n’uru nyene rwateje imyiyerekano yakozwe n’ababa mu karere hamwe n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.

Ibinyamakuru vy’akarere bivuga ko nyina wabo yavuze ko aba bana babiri batwawe n’abagabo bari ku mapikipiki. Avuga ko yatewe igihe yagerageza kubatesha.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uyu muryango uvuga ko wahavuye utangura kurondera aba bakobwa ugahava ubasanga aho bamanitswe ku giti.

Umukuru w’igipolisi c’akarere Sanjeev Suman avuga ko aba bakobwa bajanywe mu murima w’ibikaju ari naho banigiwe gushika barasandaba.

Imboneshakure NDTV isubiramwo Suman avuga ati: "Abagirizwa gukora iri bara baciye bamanika ibiziga vyabo ku giti kugira bise n’uko biyahuye”.

Nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, igipolisi nticorohewe igihe cagera iwabo w’abo bakobwa nijoro mw’ijoro ryo ku wa gatatu, aho abanyagihugu bari bifatanije n’uwo muryango mu myiyerekano.

Igipolisi kirinubwa cane mu bwoko bw’aba Dalit. Inyuma y’ubu bwicanyi bw’i Hathras, abategetsi bagirijwe ko ari ba sindabibazwa, ko ahubwo bakingira ubwoko bw’abakire.

Umuryango w’uyu mukobwa yagandaguwe uvuga ko yaciye aturirwa ku nguvu udahawe akaryo ko kumusezera ubwa nyuma.

Intara ya Uttar Pradesh iri mu buraruko bw’Ubuhindi niyo ya mbere ifise abantu benshi, barenga imiriyoni 200 – ikaba kandi ari yo irangwamwo ubukozi bw’ikibi bwinshi bukorerwa abagore n’aba Dalit.

Ubwicanyi buherutse gukorerwa aba bakobwa babiri bwashavuje umukuru wa reta y’intara ya Uttar Pradesh Yogi Adityanath mu gihe abatavuga rumwe nawe bamwagiriza ko arongoye reta itagira amategeko.

Akhilesh Yadav  wo mu mugambwe Samajwadi Party yanditse kuri Twitter ati:  "Muri reta ya Yogi, imihimbiri irahohotera ba nyina na bashiki babo imisi yose, birateye isoni.

Reta yategerezwa gukora amatohoza kuri iki kintu, ababikoze bagahanwa bimwe vy’akarorero”.

Umukuru w’umugambwe Mayawati Bahujan Samaj Party avuga ko inkozi z’ikibi i Uttar Pradesh ata bwoba zifise kubera reta “ishira imbere ibitari vyo”.

Priyanka Gandhi wo mu mugambwe Congress party nawe nyene yifatiye mu gahanga Adityanath, avuga ko "gushikiriza amajambo y’ibinyoma mu binyamakuru no ku mboneshakure ntaco bifasha mu mategeko”.