Imvo n'Imvano na Femi Dejaba

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Ndabaramukije mwese nongera ndabashimira kuba mwahisemwo kwumviriza ikiganiro Imvo n'Imvano co kuri uno wa gatandatu itariki 22/02/2025.

Mu kiganiro c'uno munsi turaba turi kumwe n'umutumire ari we Minani Felicien, azwi cane kw'izina rya Femi Dejaba.

Femi ni umucuraranzi w'umurundi w'inararibonye, akongera akanarangura ibikorwa vyinshi mu gisata c'ubugiraneza.

Aheruka gusohora igitabo yise Les Affres de l'Exil au Service de ma Nation, ari naco iyi Mvo n'Imvano iza kwibandako.

Muri ico gitabo avuga ku buzima bwiwe kuva akiri umwana muto mu misozi ihanamiye Bujumbura benshi bita Bujumbura rural; ashika aho aba icamamare mu muziki mu Burundi; ingene yakozweko n'urwimo rwo mu Burundi eka mbere no mukarere; ivyatumye afata inzira y'ubuhungiro itamworoheye, yamushikanye mu Rwanda, muri Congo, muri Tanzania no muri Norvege aho aba ubu.

Femi azwi kandi cane mu Burundi kubera ibikorwa vyiwe vyo guteza imbere abarundi bo mu bwoko bw'Abatwa, mu gihe muri rusangi usanga barasigajwe inyuma no gukumirwa.

Femi yaratugendeye muri Studio za BBC i London turayaga, araturirimbira, anatanga impanuro.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Robert Patrick Misigaro.