Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Banderol: Menya iyi misile nshya y'Uburusiya imeze nk'indege zitajamwo umupilote
Biragaragara ko Uburusiya bwatangiye gukoresha misile nshya yitwa Banderol mu bitero byayo kuri ukraine. Impuguke zivuga ko ari misile igizwe n"ubwoko bw'indege zigenda ata mupilote arimwo, igisasu hamwe na bombe."
Ikoreshwa ry'iyi ntwaro nshya y'Uburusiya ryatangajwe bwa mbere mu kwezi kwa gatatu n'impuguke yo muri Ukraine mu bijyanye n'ikoranabuhanga n'itumanaho by'indamara, Serhiy Beskrestnov.
Nk'uko abivuga, izi misile zimeze nka 'drone' zitwa "Banderol", zimaze ibyumweru byinshi zigabye igitero mu gace ka Odessa.
Zifite moteri y'indege kandi zigenda ku muvuduko wa kilometero 400-500 mu isaha.
Iyi mpuguke isobanura ko bene ubu bwoko bushobora kuguma mu kirere igihe kirekire, zigasuzuma intego, mbere aho guhita iyirasa nka Shahed.
Mu ntangiriro z'ukwezi kwa gatanu, Beskrestnov yatanze raporo kuri "Banderol" maze ayidondora nka drone igera kure, yihuta cyane kandi ifite umutwe w'igisasu c'ibiro bigera ku 100.
Nk'uko abivuga, ishobora kuguruka gushika ku birometero 200 ku butaka bwa Ukraine.
Ibyo tuzi kuri Banderol
Undi musesenguzi mu bijyanye n'igisirikare wo muri Ukraine, Oleksandr Kovalenko, yaje gutanga amakuru arambuye kuri iyi ntwaro ya Banderol.
Muri Mata (3), indege enye zitagira abapilote zabonetse mu kirere hejuru y'inyanja yirabura, zigenda ku muvuduko mpuzandengo wa kilometero 500 ku isaha. Zarashwe ziturutse mu burengerazuba bwa Crimea, intara yigaruriwe n'Uburusiya, zigenda zitambitse ku butumburuke bwa metero 500.
Zagurutse mu ntera ya kilometero 140-150. Nk'uko Kovalenko abivuga, inzira y'iyi ndege yari igororotse, idahindukiye ibumoso cyangwa iburyo.
Ariko, ibi byahindutse mu ntangiriro z'ukwezi kwa gatanu. Byaranditswe ko "Banderol" ishobora guhindukira kandi ishobora kugenda ku muvuduko wa kilometero 750-800 mu isaha.
Kovalenko yatangaje ko ku itariki ya 3 z'ukwezi kwa gatanu, iyo ndege ya drone yagurutse ku butumburuke bwa metero 500, ariko ubwo yambutse inkombe, yamanutse igera kuri metero 100 kugira ngo yirinde gufatwa n'ingabo zirinda ikirere.
Ubuyobozi Bukuru bw'Ubutasi muri Ukraine bwemeje ibi bushyira ahagaragara ifoto ya "Banderol" n'ibisobanuro by'imiterere yayo kw'igenekerezo rya 12 z'ukwezi kwa Gatanu.
Ni misile y'akaga.
Urebye mu miterere iyiranga, isa n'indege zidatwarwa n'umupilote zo muri Ukraine zitwa "Peklo", "Palyanytsia." Ni ubwoko bw'indege zitagira abapilote na misile.
Bishobora kuraswa kuva ku butaka cyangwa se mu ndege.
Nk'uko amakuru y'ubutasi ya Ukraine abivuga, "Banderol" iraswa iturutse ku ndege za drones za "Orion" (zizwi ku rindi zina nka "Inokhodets"), kandi mu gihe kizaza Uburusiya burateganya kuzohereza ikoresheje kajugujugu za Mi-28N.
Iyi ni Orion, indege nini ipima toni imwe, uburebure bwa metero 8 kandi ifite amababa ya metero 16.3, ishobora kuguma mu kirere amasaha 24 ikazamuka kugeza kuri kilometero 7.5.
Umunyamakuru wa BBC uri muri Ukraine mu ngabo zirwanira mu kirere yemeje ko Abarusiya bakoreshaga "Banderol".
Abagenzuzi ba gisirikare bavuga ko iyi ndege ya drone ishobora guteza akaga gakomeye. Oleksandr Kovalenko avuga ko ubushobozi bwo kuyirasa n'umuvuduko wayo bituma bigorana kuyibona no guyitangira.
Ikinyamakuru cyihariye cya Defense Express cyizera ko Uburusiya burimo kugerageza gukora "missile ihendutse" "yo kugaba ibitero kuri Ukraine."
Uburusiya ntabwo bwasohoye amakuru kuri iyo misile.