Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburundi bwatswe uburenganzira bwo gutunganya 'Rally' y'uno mwaka
Ishirahamwe rijejwe gutegura amahiganwa yo gusiganwa n'imiduga ku rwego rw'isi FIA ryabaye rirambura Uburundi uburenganzira bwo gutegura Rally mpuzamakungu yobereye i Ngozi muri uku kwezi kw'umunani.
Amwe mu makuru BBC Gahuzamiryango yaronse avuga ko iyo ngingo yafashwe bitewe n'utunenge tw'integuro twoba twarigaragaje mw'ishirahamwe ryo mu Burundi rijejwe gutegura iryo higanwa, hamwe n'amanyanga mw'ikoreshwa ry'amafaranga yarigenewe.
BBC imubajije kuri iyi ngingo ya FIA, Alain Franck Kavamahanga, icegera c'uwurongoye ishirahamwe rijejwe gutegura Rally ku rwego rw'Uburundi, yemeye ko bahagaritswe. Ariko yamirira kure imvo zivugwa ko zijanye n'amanyanga canke utunenge dufitaniye isano no gutegura iryo higanwa.
Avuga ko ishirahamwe ryabo ryahagaritswe kubera rifise ibirarane vy'amafaranga ritaraheza kuriha.
Agira ati: "Iyo duteguye ihiganwa, hariho amafaranga dutegerezwa guha FIA. Uyu mwaka baciye batubwira bati ntidutegure Rally, ahubwo tubanze duheze kuriha ivyo birarane hama nitwaheza tuzoheze tuyitegure mu mwaka uza".
Alain Franck Kavamahanga avuga ko Rally yo ku rwego mpuzamakungu ari yo yonyene yahagaritswe. Ashimangira ko iyo ku rwego rw'igihugu yoyo igifise uburenganzira bwo gutunganywa.
Uretse ku bahiganwa, ugusiba kw'iri higanwa ni uruhombo no ku badandaza batandukanye. Bamwe muri bo ni abafise inzu zakira ingenzi. Bahora babukura mu cibo kubera iyo Rally ibaye bakira isinzi ry'abakiriya bava mu mihingo yose y'Uburundi no mu bihugu bitandukanye.
Nko mu mwaka wa 2025, Rally mpuzamakungu yitabwe n'Uburundi, Urwanda, Kenya, Tanzaniya, Uganda na Zambiya.