Idris Elba: “inkuru zacu nyafrika bazivuga ukutari ko”

Idris Elba: “inkuru zacu nyafrika bazivuga ukutari ko”
Yatangajwe

Idris Elba, rurangiranwa mu gukina za ‘film’ yatanguje ikigo i Accra muri Ghana, co “guhingura inkuru nyafirika”.

Avuga ko imico n’ibindi biranga Afrika bishikirizwa abanyafrika n’isi mu buryo budahuye n’ukuri.

Uyu Mwongereza azwi muri ‘cinema’ ya Hollywood’ (USA) afise inkomoko za Ghana na Sierra Leone.

Avuga ko agiye gukorerayo cane, co kimwe n’ahandi bafise inkuru bashikiriza mu buryo bwa sinema.