Ubudagi bwahagaritse 25 bagirizwa umugambi wo gutembagaza ubutegetsi
Na Paul Kirby
BBC News

Ahavuye isanamu, DPA Picture Alliance
Abantu 25 bafashwe mu Budagi bakekwa kuba bariko barategura gutembagaza reta.
Amakuru y’aho mu Budagi avuga ko uwo mugwi w’abantu bo muri ‘extreme droite’ kandi bigeze kuba ari abasirikare bari bateguye gutera inyubakwa y’inama nshingamateka, Reichstag, hanyuma bafate ubutegetsi.
Umuntu wo mu miryango yubahwa avugwa nka Prince Heinrich XIII, w’imyaka 71,bivugwa ko ari we yari indongozi muri uwo mugambi.
Ku bw’abashikirizamanza ku rwego rw’igihugu, ni umwe mu mugwi w’abantu bari imbere muri uwo mugambi bafashwe mu ntara 11 zo mu mu Budagi.
Abariko barategura uwo mugambi bivugwa ko barimwo abo mu muhari w’ivyiyumviro bikaze (extremiste) wa Reichsbürger, wari usanzwe ushinzwe ijisho n’igiporisi c’Ubudagi kubera ibitero birimwo intureka n’insiguro zishingiye ku rukoba ku bibazo vy’igihugu. Baranka kandi kwemera Ubudagi bwa none.
Abandi bikekwa bavuye mu muhari QAnon w'abemera ko igihugu cabo kiri mu minwe ya reta 'y'ibitito (myths)' irimwo ubutegetsi bwo mu kinyegero buguma bukwega bujana iyo bushaka.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Nancy Faeser yijeje Abadagi ko abategetsi bazokoresha inguvu zose z'amategeko "ku bansi ba demokrasi."
Bigereranywa ko abagabo n’abagore 50 boba bari muri uwo mugwi, washaka gutembagaza intwaro ya repuburika ukayisubiriza igihugu gishasha gishingiye ku Budagi bwo mu 1871 -ubwami bwitwa Reich ya Kabiri (Second Reich).
Umugore avugira ibiro vy’abashikirizamanza yavuze ati ”nta zina ry’uwo mugwi turamenya.”
Abaporisi 3.000 nibo bagiye muri ico gikorwa c’imikwabu 130 yabaye henshi mu gihugu cose, hakaba hari n’abantu babiri bafatiwe muri Australia no mu Butaliyano. Abafashwe bagapfungwa vyitezwe ko basambishwa uyu munsi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji ajejwe ubutungane Marco Buschmann yanditse kuri Twitter ko hariko haraba igikorwa gikomeye co kurwanya iterabwoba kandi hikekwa kuba hari hateguwe ”igitero gikomeye ku nzego zamuka kw’ibwirizwa shingiro”.
Umushikirizamanza ku rwego rw’igihugu avuga ko uwo mugwi watanguye gutegura gutembagaza ubutegetsi biciye mu ntureka kuva muri Munyonyo mu 2021 kandi ko abo muri komite yo kubitegura, Rat, kuva ico gihe bakora amanama buri igihe.
Umushikirizamanza yavuze ko bari bamaze gupanga n’ibisata vy’ubutegetsi bwabo birimwo amagara, ubutungane n’imigenderanire n’amakungu. Abagize uwo mugwi bumva ko bari gushika ku migambi yabo bakoresheje ”uburyo bwa gisirikare n’intureka ku baserukira inzego z’igihugu” harimwo no kwica.
Abakora amatohoza bivugwa ko bamenye uwo mugwi igihe batora ko hari umugambi wo kunyuruza mu kwezi kwa Ndamukiza(4) w'akagwi kiyita United Patriots (Inkundagihugu zunze Ubumwe).
Nabo nyene bari mu bagize uwo mugambi wa Reichsbürger kandi ko woba wari wateguye kunyuruza umushikiranganji ajejwe amagara Karl Lauterbach bakongera bagatuma haba ibihe nk’’ivy’intambara yo hagati mu gihugu” kugira harangire demokrasi mu Budagi.
Heinrich XIII ava mu muryango w’i bukuru wa kera uzwi nka Reuss, watwaye ibice vy’intara ya none yo mu buseruko ya Thuringia gushika mu 1918. Abana bose b’abahungu b’uwo muryango bahabwa izina rya Heinrich hamwe n’igiharuro.
Uretse gutembagaza reta, ababitegura bari bafise imigambi yo gishinga ishami rya gisirikare, ririmwo abasanzwe n’abahoze mu gisirikare , nk’uko amakuru avuga.
Barimwo abahoze mu nzego za gisirikare zidasanzwe.
Intumbero y’iryo shami rya gisirikare kwari ukuvanaho inzego za demokarasi mu butegetsi bwo hasi , nk’uko abashikirizamanza bavuga.
Umwe mu bariko barakorwako amatohoza ni uwuri mu ngabo za Special Commando , abaporisi basatse inzu n’icumba vyiwe mw’ikambi ya gisirikare ya Graf-Zeppelin muri Calw mu bumanuko bushira uburengero bwa Stuttgart.












