Imyiyerekano muri Kenya: Umuvyeyi agandariye akana kiwe k'agakobwa karashwe kiyicariye mu nzu

    • Umwanditsi, By Njoroge Muigai & Anne Okumu
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Ku musi wa mbere, igihe imyiyerekano yariko iraba hirya no hino muri Kenya, akana k'agakobwa k'imyaka 12, Bridgit Njoki kari kicaye imbere y'imboneshakure muhira iwabo mu nzu ibayabaye.

Ntikari kazi ko imishamirano yariko iraba hagati y'abari mu myiyerekano n'igipolisi citwaje ibigwanisho yari kumusanga mu cumba aho yibera.

Urusoro rumwe rwatoboye igisenge c'inzu rurasa Njoki mu mutwe, nk'uko nyina wiwe Lucy Ngugu yavyiganiye BBC. Mu masaha make, yaciye acikanira mu bitaro.

Ariko ariyuha iryosozi muhira iwe mu micungararo y'umugwa mukuru Nairobi, Ngugi yagize ati:"Yari vyose kuri jewe. Ni we wenyene nari mfise.

"Nipfuza kuba umuvyeyi wa nyuma arize kubera urupfu rw'umwana wiwe. Umwana atagira agatosi. Iyo n'imiburiburi yaba ariko arakinira hanze... ariko imbere mu nzu? Mana yanje, ibi birababaje."

Njoki n'umwe mu bakiri bato bahitanye n'imidurumbanyo yabaye muri Kenya muri uku kwezi guheze. Nk'uko bivugwa n'akanama k'igihugu kajejwe agateka ka zina muntu muri Kenya (KNCHR), abantu boba bashika 70 barapfuye abandi amajana barakomekera mu myiyerekano ikomeye itatu yabaye kuva itariki 17 z'ukwezi kwa Ruheshi(6).

Abari mu myiyerekano - ahanini irongowe n'urwaruka - biyamiriza ubuzima buzimvye, amakori y'umurengera, ideni rya reta ribandanya kwiyongera hamwe n'igipolisi bagiriza gukoresha inguvu z'umurengera.

Itariki 7 z'ukwezi kwa Mukakaro(7), umusi Njoki yiciweko, abategetsi barugaye amabarabara akomakomeye mu kwitegurira iyo myiyerekano.

Ama video yarerekanye igipolisi kiriko kirarasa ivyuka bikoroza amosozi, mbere ahandi mu tundi duce tubamwo abantu, hari hakoraniye abari mu myiyerekano, bariko barakoresha amasoro nyayo yica.

"Urusoro rwaciye mu gisenge c'inzu. Rwarinjiye rushikira kuri Njoki aho yari yicaye ku ntebe," uko ni ko nakuru wa Njoki, Margeret Njeri avuga.

"Ubwo nyene, nyina yaciye amutora aca amuzana mu nzu iwanje, amugaragura araba ico abaye:'Mama, umwana wanje baramurashe!' Sinashoboye no guterura umwana wanje."

Uwo muryango wibaza ko utegereye ahariko harabera imishamirano, kubera bibera i Ndumberi, ikigwati kiri nko ku birometero bibiri uvuye kw'ibarabara rikuru.

Nyina wa Njoki agira ati:"Nari nzi neza ko ari urusase. Ukuntu rwakubise kw'ibati, rwavuze cane. Cane."

Igipolisi cariyamirije ibivugwa n'uwo muryangi, kivuga ko ata rusoro rwari gushobora kuva kw'ibarabara rikuru gushika ku nzu yabo. Ariko ikiziga ca Njoki co cerekana ibindi.

Ibipimo vyo kwa muganga vy'ako gakobwa k'imyaka 12 vyerekana ko abaganga bagakuyemwo urusase, kandi ko igikomere c'umutwe wako "catewe no kuraswa n'inkoho".

Njoki yari mu mwaka w'indwi mw'ishure rya Benson Njau i Ting'ang'a, mu kigwati kibegereye. Nk'umwana wa mbere w'umukobwa, yakora ibikorwa vyo mu rugo eka yari akanyamuneza mu muryango.

Nakuru wiwe agira ati:"Yaba uwa mbere misi yose mw'ishure. Yagamburuka, yakurikira neza kandi yifata neza cane.

"Mbere n'ingene yavuga. Yari umukobwa mwiza. Yakunda gukorera mw'isengero. Yafasha abo bavukana. Yantekera indya. Yari vyose."

Se wiwe yarajumarariwe, ntakivuga. Abo bavukana na bo nyene barumiwe. Agahinda karabishe, mu gihe intebe ya Njoki igaragara.

Amakungu yariyamirije impfu z'abantu mirongo bishwe nka Njoki.

Onu yavuze ko itewe impungenge n'ubwo bwicanyi, irananrbagura igipolisi ca Kenya gikoresha "amasase yica" ku bari mu myiyerekano.

Ibi bisa no gusubiramwo ivyabaye mu mwaka uheze, aho nk'uko bivugwa na KNCHR, abantu barenga 50 bishwe n'igipolisi mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta.

Ubu prezida ruto yafashe ingingo zikomeye.

Mw'ijambo ryiwe ryakurikiye imyiyerekano yo kw'itariki indwi Mukakaro, aho abantu 38 bishwe, nk'uko bivugwa n'akanama k'igihugu kajejwe agateka ka zina muntu, Ruto yagize ati:"Umuntu wese azofatwa ariko araturira ibintu vy'uwundi muntu canke ivyo atunze narashwe mu kuguru, ajanwe kwa muganga hanyuma mu bucamanza. Ntimumwice, ariko mumurase neza mumuvunagure amaguru."

Ruto yagiriza abo batavuga rumwe muri politike guhamagarira abantu gutera imidurumbanyo kugira bamukure ku butegetsi hadakurikijwe amategeko, ariko abo batavuga rumwe barabihakana.

Hagati aho, dusubiye i Ndumberi, umuryango wa Njoki utera akamo ko kurangiza iyo midurumbanyo.

Nyina agira ati:"Nzoshingura Njoki, ariko sinzigera nibagira umusi wa Saba Saba [Itariki 7 z'ukwezi kwa Mukakaro]. Mureke Njoki abe ikimazi ca nyuma c'iyi myiyerekano."

Imyiyerekano yo kwiyamiriza reta ibandanya, yahinduye politike ya Kenya.

Kandi uko iyo myiyerekano ibandanya, izina rya Njoki n'iryo abandi benshi bapfuye ryacitse ikimenyetso - c'ukutagira akanenge, Reta irenza urugero, no kudashaka kugira ico ibazwa.

Nyina wa Njoki avuga ati: "Nitureke guturira igihugu cacu. Reka tugire ibiganiro. Reka tuganire. Turi abavukanyi, ndiko ndatakambira reta yacu - ibi ntibigasubire gushikira uwundi muvyeyi uwo ari we wese."

"Ntihagire uwundi mwana apfa nka Njoki."