Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Pogba, Kane, Osimhen, Onana, Rice, Pulisic
Chelsea iramaze gusezererwa n’abakinyi batari bake muri rino ci kandi bari mu murwi mukuru.
Muri bo harimwo Kai Havertz yimukiye muri Arsenal, Mateo Kovacic yimukiye muri Manchester City na Mason Mount yimukiye muri Manchester United.
Cesar Azpilicueta yimukiye muri Atletico Madrid, mu gihe abandi nabo nka Kalidou Koulibaly yimukiye muri Al-Hilal, umunyegori Edouard Mendy na we akaba yimukiye muri Al-Ahli, N'Golo Kante nawe akaba agiye muri Al-Ittihad.
Hagati aho, umusatirizi wa Chelsea David Datro Fofana w’imyaka 20, yamaze kwimukira muri Union Berlin yo muri Bundesliga ku ntizo mu kiringo c’umwaka umwe w’inkino. Uno mu nya Côte d'Ivoire yakinye inkino zine mu murwi mukuru wa Chelsea kuva yimukiye muri uno murwi mu kwa mbere avuye muri Molde.
Ni mu gihe kandi Christian Pulisic ashobora kwimukira muri AC Milan, ikaba yiteguye gukora ibishoboka vyose kugira imuronke, aho yoba ahambije mugenziwe bahoze bakinana muri Chelsea Ruben Loftus-Cheek na we nyene aherutse kwimukira muri uno murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A.
Ikinyamakuru casohotse uno musi Star kirangwa ahanini n’amajambo yavuzwe n’umukuru wa Napoli Aurelio De Laurentiis, aho yavuze ko Paris St-Germain ari yo yonyene ifise ubushobozi bwo kugura umusatirizi wayo Victor Osimhen ku miriyoni 170 z’amapawundi.
Aya majambo yatumye imirwi Manchester United na Chelsea igabanya umunoho wo kurondera gukwegakwega uno munya Nigeria kugira ngo ashobore kwimukira muri Premier League.
Ikinyamakuru Mirror naco nyene kiravuga kuri ano majambo y’umukuru wa Napoli Aurelio De Laurentiis, aho agabisha imirwi yo mu Bwongereza ikanuriye amaso uno musatirizi wayo Victor Osimhen ko, nimba imukeneye, yokwitegura kurekura amafaranga itari bwigere irekura ku mukinyi uwo ari we wese.
Nk’uko vyandikwa na Express, umumenyereza mushasha wa Chelsea Mauricio Pochettino ariko araca ku biti no ku mabuye kugira ngo aronke umukinyi wo hagati wa Brighton, umunya-Equateur Moises Caicedo "ku giciro ico ari co cose yosabwa ".
Kandi bisa n’uko uno mukinyi w’aba ba-Seagulls ashigikiye igiciro uno murwi ushaka kumutangako c’imiriyoni 100 z’amapawundi, inyuma yo kuvuga ati: "Sinshobora kwanka kuko ni umurwi ukomeye, ufise kahise gakomeye, kandi umurwi mwiza".
Ikinyamakuru The Sun kivuga ko Bayern Munich iriko irihweza ingene yorondera umukinyi wa Manchester City umunya-Argentina Julian Alvarez aherutse guterura igikombe c’isi yose mu gihe kizigenza w’Ubwongereza Harry Kane yohitamwo kuguma muri Tottenham.
Ni mu gihe ESPN yandika ko Kane yipfuza cane kwimukira muri uno murwi wo muri Bundesliga, ariko Tottenham ikaba imaze kwanka incuro zibiri zose amahera atangwa na Bayern.
Hagati aho, ikinyamakuru Telegraph candika ko Kane, ashobora guhabwa amasezerano mashasha aho yohembwa umushahara w’ibihumbi 400 vy’amapawundi ku ndwi mu gihe umumenyereza mushasha Ange Postecoglou yoshobora kumwumvisha akaguma mu Bwongereza, ni mu gihe amasezerano afitaniye na Tottenham azorangira mu ci riza.
Ayandi makuru
Umukinyi wo hagati wa Juventus Umufaransa Paul Pogba w’imyaka 30 yemererwa imiriyoni 128 z’amapawundi mu myaka itatu kugira yimukire mu murwi wo muri Saudi Arabia. (Gazzetta dello Sport, mu gitaliyano)
Umusatirizi wa Tottenham Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29 aripfuza cane kwimukira muri Bayern Munich muri rino ci mu gihe uno murwi uherutse gutahukana ihiganwa rya Bundesliga uriko urihweza ingene wongereza amahera ku ncuro ya gatatu. (ESPN)
Bournemouth iri imbere y’imirwi ya Tottenham, West Ham na Wolves mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Bristol City Umwongereza Alex Scott w’imyaka 19. (Teamtalk)
Chelsea iriko iritegura gutanga amafaranga ya mbere ku musatirizi wa Lyon Umufaransa Rayan Cherki w’imyaka 19. (ESPN)
Everton iripfuza umusatirizi wa Manchester United umunya-Suede Anthony Elanga w’imyaka 21. (Foot Mercato, mu gifaransa)
Umunya-Hollande yavukiye muri Brezili Gustavo Hamer w’imyaka 26 akina hagati muri Coventry ni we mukinyi agira kabiri ariko araronderwa na Burnley. (Telegraph)
Manchester United iri hafi yo kugera ku masezerano na Inter Milan ku munyegori wa Kameruni Andre Onana w’imyaka 27. (Sky Sports)
Nottingham Forest iri mu biganiro na Manchester United ku masezerano ku munyegori w’Umwongereza Dean Henderson w’imyaka 26, ikaba kandi iriko iraraba ko yorondera umunyegori wa Wolves umunya-Portugal Jose Sa w’imyaka 30. (Telegraph)
Arsenal yizeye ko izoba yamaze kuronka umukinyi wo hagati wa West Ham Umwongereza Declan Rice w’imyaka 24, imbere y’uko abakinyi b’uno murwi bafata indege ku wa Mungu ibashikana muri Amerika mu myimenyerezo itangurira amahiganwa y’umwaka w’inkino uza. (Sky Sports)
Southampton iriko irihweza ingene yoronka umukinyi wo ku ruhande wa Hoffenheim umunya-Danemark Jacob Bruun Larsen w’imyaka 24. (Mail)
Arsenal yahambije Tottenham na Chelsea mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Celta Vigo umunya-Espagne Gabri Veiga w’imyaka 21 – ariko Paris St-Germain yoyo nta we ikeneye. (Le10Sport, mu gifaransa)
Manchester City iriteguye kurondera umukinyi w’inyuma wa Manchester United Harrison Parker w’imyaka 16 mu ‘kwihora’ United iriko iragerageza kurondera amahasa y’imyaka 16 Jack na Tyler Fletcher. (Manchester Evening News)