Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Sterling, Martinez, Depay
Chelsea iriko irihweza ko yozana umusatirizi wa Manchester United Cristiano Ronaldo, ni mu gihe yamaze kubwira uyu murwi w’aba Red Devils ko ashaka kugenda muri rino ci. (Athletic )
Ronaldo w’imyaka 37 ashobora kuba yipfuza kwinjira muri Chelsea, ariko aba ba Blues ntibarafata ingingo yo kurondera ku mugaragaro uyu munya-Portugal. (ESPN)
Umukuru wa Barcelona Joan Laporta hamwe n’umuserukizi Jorge Mendes bariko na bo nyene baravugana barabira hamwe nimba uyu mukinyi yahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Real Madrid ashobora kugaruka mw’ihiganwa La Liga. (AS – mu ki Espagnol)
Ronaldo kandi aremera ko ashobora kwemera kugabanirizwa umushahara wiwe w’amapawundi 500.000 ku ndwi muri Manchester United. (Independent)
Ibiganiro bigeze kure hagati ya Chelsea n’umurwi Manchester City ku musatirizi w’Umwongereza Raheem Sterling w’imyaka 27, uyu murwi watahukanye ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League ukaba umushakako imiriyoni 50 z’amapawundi. (Sky Sports)
AC Milan iriko irakora uko ishoboye kugira ngo irabe ko Chelsea yoyitiza umunya-Maroc akina ku ruhande Hakim Ziyech w’imyaka 29. (Athletic)
Abarongoye Manchester United barabonanye na bagenzi babo bo muri Ajax mu mpera z’indwi iheze kugira ngo bavugane ku mukinyi w’inyuma w’umunya-Argentina Lisandro Martinez w’imyaka 24, aba-Red Devils bakaba bemera kumutangako imiriyoni 39.6 z’amapawundi. (Mirror)
Tottenham iriko irashaka kumenya ivyerekeye umusatirizi wa Barcelona, umunya-Hollande Memphis Depay w’imyaka 28, akaba ashobora kuva i Camp Nou ku miriyoni 17 z’amapawundi. (Sport - mu ki Espagnol)
Tottenham kandi iri hafi yo gushika ku masezerano na Barcelona kugira uyu murwi wa La Liga uyitize umukinyi w’inyuma wayo, umufaransa Clement Lenglet w’imyaka 27. (Fabrizio Romano)
Umukinyi w’inyuma wa Villarreal umunya-Espagne Pau Torres w’imyaka 25, aracaronderwa na Tottenham n’aho Lenglet ashobora kuba ari hafi yo kuza. (Mirror)
West Ham yiteze gukubita hasi Everton mu rugamba rwo kurwanira umusatirizi w’umwongereza Jesse Lingard w’imyaka 29 kuri gusa. (Mail)
Umusatirizi wa Tottenham Steven Bergwijn w’imyaka 24 yateye akagere Everton na Manchester United yompi yariko imurondera, akaba ashima kwimukira muri Ajax. (De Telegraaf)
Everton na West Ham yompi irashaka kugura umunya-Albania Armando Broja w’imyaka 20 asanzwe akina muri Chelsea, uyu musatirizi akaba ari ku giciro c’imiriyoni 30 z’amapawundi 30. (Mail)
Newcastle iracarondera umukinyi wo ku ruhande, umufaransa Moussa Diaby w’imyaka 22 asanzwe akina muri Bayer Leverkusen. (Sky Sports)
Leeds United iri mu biganiro kugira urabe ko yoronka umukinyi wo ku ruhande, umunya-Colombia Luis Sinisterra w’imyaka 23 asanzwe akinira Feyenoord. (Express)
Leeds iri hafi yo gushika ku masezerano y’imiriyoni 20 z’amapawundi hamwe n’uturusho ku mukinyi wa RB Leipzig umunyamerika Tyler Adams w’imyaka 23, ni mu ntumbero yo gusubiriza Kalvin Phillips inyuma y’aho uyu mwongereza yimukiye muri Manchester City. (ESPN)
Leeds kandi iri mu biganiro na Club Bruges kugira irabe ko yoronka umubirigi akina imbere Charles de Ketelaere w’imyaka 21. (Mail)
Brighton iripfuza umunya-Argentina akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Nicolas Tagliafico w’imyaka 29, akaba ashobora kuva muri Ajax ku miriyoni 3.3 zonyene z’amapawundi. (Sussex Live)
West Ham yatewe akagere n’umurwi wo mu Bufaransa Lille ku miriyoni 20 z’amapawundi yatanze ku mubirigi akina hagati Amadou Onana w’imyaka 20. (Athletic)
Crystal Palace, Southampton na Nottingham Forest yose irashaka Morgan Gibbs-White w’imyaka 22 asanzwe akina muri Wolves. (Talksport)