Donald Trump na McConnell: aba-Repubulika barakariye ivyavuye mu matora aheruka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na Sam Cabral
BBC News, Washington
Amakuru y’uko aba-Democrats bagumanye inama nkenguzamateka ya Amerika inyuma y’amatora yo hagati muri manda yatumye haba ukwagirizanya mu mugambwe w’aba-Repubulika.
Abanegura uwahoze ari umukuru w’igihugu Donald Trump bamwagiriza ko ari we yatumye baronka amajwi make, mu gihe abandi ba-Repubulika babishira ku mukuru w’inkehwa mu nama nkenguzamateka, Mitch McConnell.
Hagati aho, Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) yerekanye ikimenyetso gikomeye ko Perezida Joe Biden azokwitoreza ikindi kiringo.
Urugamba rwo kurwanira Inama nshingamateka rworwo gushika ubu ntirurarangira.
Aba-Repubulika baracafise amahirwe menshi yo gutsindira inama nshingamateka, ivyogira ingaruka zikomeye ku migambi ya Perezida Joe Biden.
Hagati aho, ubwiganze muri ino nama bugenda bugabanuka mu gihe amajwi akibandanya guharurwa.
Mu mpera z’indwi iheze, ibinyamakuru vya Amerika vyatangaje ko aba-Democrats batsindiye intebe zibiri z’Inama nkenguzamateka muri Arizona na Nevada, ivyabahaye akaryo ko kubandanya bayiganziye.
Ejo ku wa Mungu, buramatari w’intara ya Maryland, Larry Hogan asanzwe anegura uyo yahoze ari umukuru w’igihugu, yabwiye imboneshakure CNN ati: "Aya ni amatora agize gatatu yikurikiranya Trump atwononeye.
"Yavuze ko tuzoruhishwa no kwama dutsinda. Jewe rero ndambiwe no gutsindwa”.
Ariko, umunyamakuru wa BBC muri Amerika y’Uburaruko, Anthony Zurcher, avuga ko ikibazo nyaco ari ukumenya nimba abanywanyi ba Trump bazomuhinduka mu minsi n'amayinga biri imbere.
Kahise katwereka ko umugambwe uramutswa Maison Blanche mu bisanzwe utakaza intebe mu matora yo hagati muri manda. Amajwi y’aba-Democrats muri uno mwaka afatwa ko ari yo ya mbere menshi ku mugambwe usanzwe uri ku butegetsi mu myaka n’imiburiburi 20.
Umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi yabwiye ikiganiro This Week c’imboneshakure ABC News ati: “Abahinga i Washington baguma batubwira ko tutashobora gutsinda kubera kahise, kahise, kahise”.
Ariko aba-Democrats “ntitwigera twemera ibivugwa n’abahinga” hanyuma bibanda cane cane “ku budasa hagati yabo n’abakeba babo”, nk’uko uyu mutegetsi mukuru w’aba-Democrat akomoka muri California abivuga.
Umupfasoni Pelosi yari mu bategetsi bake cane ku wa Mungu bashigikiye ko Perezida Biden yitoreza ikindi kiringo mu 2024.
Umuhanuzi mukuru wo muri Maison Blanche Anita Dunn yabwiye CBS News ko umukuru w’igihugu atarazwa ishinga n’ivyo “urundi ruhande ruriko rurakora canke uwundi mukandida ashobora kuba ariko arakora”, kandi ko vuba azotangaza ingingo yiwe.
Avuga ko ivyavuye mu matora yo hagati muri manda aheruka "bikomeye cane” ku migambi y’umugambwe kandi Biden abona ko ari we “muntu nyawe wo kubandanya intambwe tugezeko”.
Mu gihe Biden yokwitoreza ikindi kiringo, ashobora kuba mu rugamba nk’urwa 2020 na Trump yitezwe n’abatari bake ko kuri uyu wa kabiri atangaza ku mugaragaro ko azokwitoza mu 2024.
Igikorwa co gutangaza ko azokwitoza giteje icuka n’umutima uhagaze incuti ziwe za kera mu mugambwe, aho bamwe mu banywanyi b’uyu yahoze ari umukuru w’igihugu bifatira mu gahanga abamunegura, cane cane umukuru w’inkehwa mu nama nkenguzamateka, Mitch McConnell.
Ku wa Mungu, Stephen Miller yahoze ari umuhanuzi wa Trump muri Maison Blanche yabwiye imboneshakure Fox News ati: "Isura y’umugambwe w’Aba-Repubulika yubatswe na Mitch McConnell si nziza, ntiryoshe, ntibonwa neza kandi n’abatora ntibayiyumvamwo”.










