Kenya: Hamaze gutorwa ibiziga 21 vy’abapfuye mu kwisonzesha mu masengesho

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi ca Kenya kimaze gutora ibiziga 21 hafi y’igisagara ca Malindi kiri ku nkengera y’ibahari Indiyano, mu matohoza kirimwo ku muvugabutumwa avugwa ko yabwiye abayoboke biwe ko bokwisonzesha gushika bapfe.
Ibiziga vy’abana bapfuye biri muri ivyo bimaze kuzurwa, igipolisi kikavuga ko kiriko kirahiga n’ibindi.
Izi mva ntoya ziri mw’ishamba rya Shakahola, ari ho abanywanyi 15 b’Ishengero Mpuzamakungu ry’Ubutumwa Bwiza (Good News International Church) bashoboye kurokorwa mu ndwi iheze.
Umuvugabutumwa Paul Mackenzie Nthenge ari mu minwe y’inyamiramabi, akaba arindiriye kurengutswa.
Ikimenyeshamakuru ca reta, KBC, kivuga ko ari we arongoye iryo shengero, kikavuga ko gushika ubu hamaze gutorwa imva 58.
Mackenzie avuga ko ata caha yiyagiriza, ariko ntiyashoboye kurekurwa ku ngwati. Ashimangira ko ishengero ryiwe yaryugaye mu 2019.
Avuga ko yabwiye abanywanyi biwe ko bokwisonzesha kugira ngo bashobore “kubona Yezu/Yesu”.
Ikinyamakuru co muri ico gihugu The Standard candika ko abajejwe amatohoza yo kwa muganga bazofata ibipimo vya ADN/DNA kugira ngo barabe koko ko aba bantu bishwe n’ukwisonzesha.
Igipolisi cahagaritse Mackenzie ku wa 15 Ndamukiza (4) inyuma y’aho gitoreye ibiziga bine vy’abantu bavugwa ko bisonzesheje gushika aho bapfa.
Victor Kaudo wo mu kigo Malindi Social Justice Centre yabwiye imboneshakure Citizen TV ati: "Turi muri kino kibira tugashika ahantu tukabona umusaraba munini kandi muremure, duca tumenya ko abantu barenga batanu bahahambwe”.
Ikinyamakuru The Standard candika ko uyu muvugabutumwa yoba yahaye ibigwati bitatu amazina ya Nazareth, Bethlehem n’Ubuyudeha, akabatiza abayoboke biwe mu bidengeri vy’amazi imbere yo kubategeka kwisonzesha.
Kenya ni igihugu kigendera ku madini, kandi haramaze kuba abantu bahendahendwa bakinjira mu mashengero canke mu masengesho mabi kandi atagendera ku mategeko.













