Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Eriksen, Mane, Pogba, Lukaku, Raphinha, Vinicius Jr
Manchester United yemereye umukinyi wo hagati wa Danemark Christian Eriksen w’imyaka 30 ko ishobora kumwakira mu gihe amasezerano afitaniye na Brentford azorangira mu mpera z’uku kwezi. (The Athletic)
Kubona Manchester United irondera Eriksen ntibisigura ko yahagaritse kurondera Frenkie de Jong w’imyaka 25 ari imbere ku rutonde rw’abo irondera, mu gihe ibiganiro bibandanya hagati y’uyu mukinyi wo hagati w‘Ubuholande n’umurwi wiwe wa Barcelona. (Mail)
De Jong avuga ko aryohewe kwumva United imurondera ariko ko ubu ari mu murwi wa mbere kw’isi. (Metro)
Bayern Munich iriko irategura imiriyoni 34.6 z’amapawundi mu rugamba rwo kurondera umusatirizi w’umunya Senegal Sadio Mane inyuma y’aho Liverpool yankiye ibiciro bibiri vya mbere kuri uyu mukinyi w’imyaka 30 ubu. (Bild, iciye kuri Mail)
Juventus iri hafi yo kwemerera amasezerano umukinyi wo hagati umufaransa Paul Pogba w’imyaka 29 yiteze gusezera mu murwi wiwe wa Manchester United igihe amasezerano afitaniye nayo azoba arangiye muri kuno kwezi. (Fabrizio Romano)
Manchester City ishobora kegeranya amafaranga arenga imiriyoni 200 z’amapawundi mw’igurishwa ry’abakinyi muri rino ci mu gihe uyu murwi urondera kuzana umukinyi wo hagati wa Leeds United, umwongereza Kalvin Phillips w’imyaka 26. (Telegraph)
Umusatirizi wa City umunya Brezili Gabriel Jesus w’imyaka 25 yipfuza kwimukira muri Arsenal kugira ngo asubirane n’umumenyereza w’aba Gunners Mikel Arteta yahoze ari icegera c’umumenyereza muri Etihad Stadium. (Evening Standard)
Umusatirizi wa Everton Richarlison w’imyaka 25 yanse kwimukira muri Arsenal – mu gihe Chelsea na Tottenham Hotspur ivugwa ko ari yo mirwi uyu musatirizi wa Brezili yipfuza kwimukiramwo. (UOL iciye kuri Liverpool Echo)
Inter Milan iriko irasatira mu rugamba rwo kugura umusatirizi wa Chelsea Romelu Lukaku w’imyaka 29, uyu mubirigi kaba yiteguye kugabanirizwa umushahara kugira ngo asubire muri uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano, Serie A. (Fabrizio Romano)
Real Madrid iri hafi yo gushika ku masezerano mashasha n’umusatirizi wa Brezili Vinicius Jr w’imyaka 21. (Goal)
Leeds United yashitse ku masezerano yo ku munwa yo kugura umukinyi wo hagati w’umunya Espagne Marc Roca w’imyaka 25, asanzwe akina muri Bayern Munich amasezerano y’imyaka ine ku miriyoni 12 z’ama euro hamwe n’uturusho. (Fabrizio Romano)
Umunya Nigeria Victor Osimhen asanzwe aronderwa na Arsenal avuga ko azofata ingingo kuri kazoza kiwe mu ci inyuma y’aho uyu musatirizi wa Napoli w’imyaka 23 yemereje ko hari imirwi yo mu Bwongereza no muri Espagne imurondera. (Standard)
Umukinyi w’inyuma wa Manchester City umuyapani Ko Itakura w’imyaka 25 araronderwa na Borussia Monchengladbach. (Lyall Thomas, iciye kuri Mail)
Chelsea iriko iraraba ingene yoronka umunyegori wa Lazio umunya-Albania Thomas Strakosha w’imyaka 27 mu gihe umunya Espagne Kepa w’imyaka 27 yova muri uyu murwi muri rino ci. (Fabrizio Romano)
Umukinyi wo ku ruhande wa Leeds Raphinha w’imyaka 25 araronderwa cane n’imirwi ya Arsenal na Tottenham Hotspur muri rino ci, mu gihe hari amakenga ko Barcelona itazoronka uburyo bwo kugura uyu mukinyi mpuzamakungu wa Brezili. (The Athletic)
Tottenham na Juventus yatewe akagere mu rugamba rw’iyi mirwi rwo kurondera umutaliyano Destiny Udogie w’imyaka 19 akina ku ruhande rw’ibubamfu inyuma mu murwi Udinese. (Sun)
Umukinyi wo hagati wa Uruguay Lucas Torreira w’imyaka 26 azosubira muri Arsenal inyuma Fiorentina itafiye ingingo yo kutagumya burundu uyu mukinyi inyuma y’ikiringo yari amaze akinira uyu murwi yari yatijijwemwo. (Standard)
West Ham iripfuza kugura umubirigi Adnan Januzaj w’imyaka 27 akina hagati muri Real Sociedad. (Mirror)
Nantes yamenyesheje ko yipfuza kugura umunyegori wa Nottingham Forest umukongomani Brice Samba w’imyaka 28. (Football Insider)
Wolves iracafise icizere ko izoruhira kuronka umunya Portugal akina hagati Joao Palhinha w’imyaka 26 asanzwe akinira Sporting Lisbon n’aho Fulham iriko ikora uko ishoboye ngo imutware. (Sun)
Bournemouth niyo ihabwa amahirwe imbere ya Nottingham Forest na Fulham yo kuronka umwongereza akina hagati Joe Rothwell w’imyaka 27 asanzwe akinira Blackburn Rovers. (Football Insider)