Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igura n'igurishwa ry'abakinyi rikomeye kuri uyu mugoroba (19.08.2022)
Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta yavuze ko umukinyi w'imbere ku ruhande w'uwo mugwi, Bukaya Saka, yimirije gushira umukono ku masezerano mashasha.
Yagize ati:"Mfise icizere kinini ko uruhande rwacu n'urwa Bukayo tuvyumva kumwe - igisigaye n'ukubishira mu nyandiko", (Romano via Arsenal.com)
Arteta yavuze kandi ko umugwi wiwe ushaka kwihweza neza abakinyi ufise ubu imbere yo kwiyumvira kugura abandi bashasha mu mwanya usigaye w'igura n'igurishwa.
"Ategerezwa kuba umukinyi mwiza, dushaka kuzana umukinyi wo ku rwego rwo hejuru, atari kuba ari umukinyi gusa."
Umukinyi wa Real Madrid, Casemiro muri iki gitondo yasezeye abo bahora bakinana muri uwo mugwi inyuma yo kwemera kuja gukinira umugwi wa Manchester United. Umumenyereza wa Madrid, Carlo Ancelotti yemeje mu gitondo ko uwo mukinyi yimirije gusezera ikibuga ca Bernabéu. (Skysport)
Umuyobozi mukuru wa Borussia Dortmund Hans-Joachim Watzke yamiriye kure inkuru zivuga ko uwo mugwi ushobora ugura Cristiano Ronaldo.
Bivuye ku nkuru z'ikinyamakuru BILD co mu Budagi cavuze ko Dortmund ishobora kuzana uwo mukinyi wa Manchester United.
Watzke yagize ati:"Ndamukunda, kuvugisha ukuri n'iciyumviro ciza - kubona Cristiano akinira kuri Signal Iduna Park. Ariko nta masezerano n'amwe dufitaniye, kuri ivyo rero tureke kubandanya tubivuga." (Sky sport football)
Umumenyereza wa Newcastle Eddie Howe yabwiye Real Madrid ko yokwibagira kugerageza kugura umukinyi Bruno Guimaraes bivuye ku nkuru zivuga ko bariko baragira inguvu zo kumugura.
Uwo munye Brezil w'imyaka 24 yari yaguzwe amapawundi imiliyoni 40 mu kwezi kwa mbere mu mugwi wa Lyon, bamubona nk'uwushobora gusubirira Casemiro ariko arerekeza muri Machester United.