Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Benzema, Modric, Rice, Kovacic, Colwill, Ansu Fati
Inter Miami yemereye Lionel Messi umushahara w’imiriyoni 50 z’ama-euro ku mwaka kugira ngo akinire uno murwi wo mw’ihiganwa ryo muri Amerika MLS mu kiringo c’imyaka ine, igihe uno musatirizi wa Argentina w’imyaka 35 azoba asezeye Paris St-Germain muri rino ci. (Sport)
Umusatirizi w’Umufaransa Karim Benzema w’imyaka 35, azokwimukira mu murwi Al-Ittihad wo muri Arabia Saoudite inyuma y’aho amasezerano afitaniye na Real Madrid azoba arangiye muri kuno kwezi. (ESPN)
Umukinyi wo hagati wa Croatia Luka Modric w’imyaka 37, na we nyene yamenyesheje Real Madrid ko yiteguriye kwemera umushahara w’imiriyoni 120 z’ama-euro yemererwa n’umurwi wo muri Arabia Saoudite mu myaka itatu y’inkino iri imbere. (Okdiario iciye kuri Sport)
Newcastle yiteguriye guhangana na Manchester United mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 24 asanzwe akinira Napoli. (Gazzetta dello Sport iciye kuri Mirror)
Manchester United yiteze kwegera ku mugaragaro umurwi Chelsea kugira irabe yo woyiha Umwongereza akina hagati Mason Mount w’imyaka 24. (Sky Sports)
Umukinyi wo hagati wa West Ham umwongereza Declan Rice w’imyaka 24 yipfuza kwigumira muri Premier League kandi ariko arategura kwanka ivyo yemererwa na Bayern Munich, mu gihe Arsenal na Manchester United zimwipfuza cane. (Mail)
RB Leipzig irashobora kugurisha umukinyi w’inyuma wayo, umunya-Croatia Josko Gvardiol ku miriyoni 100 z’ama-euro. Manchester City iripfuza uyu mukinyi w’imyaka 21, mu masezerano yiwe hakaba harimwo ingingo ivuga ko umurwi umwipfuza utegerezwa kurekura imiriyoni 114 z’ama-euro. (Times)
Manchester City iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati wa Croatia Mateo Kovacic w’imyaka 29 asanzwe akinira Chelsea. (Football Insider)
Umumenyereza wa Celtic umunya-Australia Ange Postecoglou ashobora kwemezwa nk’umumenyereza mushasha wa Tottenham hatarenze mu ntango z’indwi iza. (Sun)
Umukinyi w’inyuma wa Manchester City umunya-Portugal Joao Cancelo w’imyaka 29 nta cizere na gito afise c’uko ashobora kwimukira burundu muri Bayern Munich muri rino ci, kandi ntashaka gusubira gukina mu Bwongereza - haba muri City canke mu bakeba bayo ba Arsenal. (Abendzeitung – mu kidagi)
Bayern iriteguye kwakira muri rino ci imirwi yoza irondera Abadagi Serge Gnabry na Leroy Sane, bompi bafise imyaka 27, kandi bakina ku ruhande, co kimwe n’umusatirizi wa Senegal Sadio Mane w’imyaka 31 inyuma y’umwaka umwe imuguze muri Liverpool. (Mail iciye kuri Bild)
Chelsea yanse igiciro c’imiriyoni 30 z’amapawundi atangwa na Brighton ku mukinyi w’inyuma w’Ubwongereza Levi Colwill w’imyaka 20, yari amaze umwaka akinira aba ba Seagulls iyo yari yaratijijwe. (Mail)
Inter Milan iriko irasya itazambaye kugira irabe ko yoronka Umwongereza Trevoh Chalobah w’imyaka 23 akina inyuma muri Chelsea. (Standard)
Roma iriteguye kugurisha umusatirizi wayo, Umwongereza Tammy Abraham w’imyaka 25. (Telegraph)
Aston Villa igihe guhangana na Newcastle ku mukinyi w’inyuma wa Arsenal umunya-Ecosse Kieran Tierney w’imyaka 25. (Times)
Barcelona irashaka kugurisha umusatirizi wa Espagne Ansu Fati w’imyaka 20 muri rino ci, ariko ntiyerekwa ivyo yemerewe vyo kwimukira muri Wolves, ku miriyoni 30 z’ama-euro zigeretsweko umunya-Portugal akina hagati Ruben Neves w’imyaka 26. (Sport)
Atalanta ishaka imiriyoni 60 z’ama-euro muri rino ci kugira ngo yemere kurekura umunya-Danemark Rasmus Hojlund w’imyaka 20 asanzwe ariko araronderwa na Manchester United. (Football Insider)
Wolves yahambije West Ham, Newcastle na Aston Villa mu rugamba rwo kurondera Umwongereza James Ward-Prowse w’imyaka 28 akina hagati muri Southampton. (Sun)
Napoli iriteguye guhangana na AC Milan ku musatirizi wa Arsenal umunyamerika Folarin Balogun w’imyaka 21 muri rino ci. (Mirror)
Umusatirizi wa Espagne Marco Asensio w’imyaka 27 yafashe ingingo yo kwimukira muri Paris St-Germain igihe amasezerano yiwe na Real Madrid azoba arangiye muri rino ci (Athletic)