Israel yakoze igitero c’ijoro ku bitaro al-Shifa muri Gaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Sean Seddon
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Ingabo za Israel zakoze igitero mw’ijoro ryakeye ku bitaro al-Shifa muri Gaza, amakuru akavuga ko hakoreshejwe vya bimodoka bitamenwa n’amasasu asanzwe hamwe n’inkoho zikomakomeye.
Umuvugizi w’igisirikare ca Israel avuga ko IDF (igisirikare ca Israel) yakoze “igitero ntahusha mu bibanza vyateguwe” muri ivyo bitaro.
IDF ivuga ko "abategetsi bakuru bakuru b’uno muhari w’iterabwoba Hamas biyegeranirije” muri ibi bitaro kandi ko ari naho bategurira ibitero.
Ababibonye bavuga ko ubwoba ari bwinshi muri iki kigo co mu gisagara ca Gaza.
BBC yumvirije umugabo umwe yavuganye na mwenewabo akamufata ijwi ryahanahanywe mu murwi wa WhatsApp rivuga riti: "Ibimodoka vy’intambara biradukikuje. Twinyegeje mu mahema. Twumva ibimodoka birasa mu micungararo y’urupangu”.
Mu mashusho atagenzuwe yacishijwe ku mbuga hwaniro, humvikana ibikoho binini binini mu micungararo y’ibi bitaro.
Mu rindi jwi ryarungikiwe abanyamakuru rivuye muri ivyo bitaro, Muhammad Al-Sayyid avuga ati: "Abasirikare bari hano mu rupangu. Hari abapfuye n’abakomeretse, kandi abasirikare bahagaritse bamwe mu rwaruka. Ibintu hano vyifashe nabi cane”.
IDF ntiyigeze itangaza ku mugaragaro ko yategekanya gutangura igitero gishasha kuri al-Shifa.
Mu butumwa bwa videwo bw’imbere y’aha, umuvugizi mukuru wa IDF Daniel Hagari yavuze ko igisirikare ca Israel cariko gikorera "ku nkuru nyayo y’igendereza yasaba igikorwa cihutirwa".
Yavuze ko ibitaro vyari gushobora kubandanya ibikorwa muri ico gitero akaba kandi yabwiye abarwariyeyo be n’abakozi ko atari ngombwa ko bahava.
Yavuze ko abahungiye muri ibi bitaro bari gushobora kuvayo bakoresheje inzira yateguwe, imbere yo gusaba Hamas “kwishikana idatevye”.
Itangazo y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza rivuga ko iki gitero ari “ihonyangwa ryeruye ry’amategeko mpuzamakungu ajejwe agateka ka muntu”.
Amajana y’abanya-Palestina bataye izabo batse indaro muri ivyo bitaro vyigeze guterwa n’ingabo za Israel muri ino ntambara.
Ibitaro Al-Shifa ni vyo vyari ikigo nyamukuru c’amagara y’abantu muri Gaza imbere y’ino ntambara, ariko ibikorwa vyavyo vyaraburabujwe n’ino ntambara imaze amezi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amategeko mpuzamakungu araha ibitaro ubudahangarwa mu gihe c’intambara – ariko birashobora gutakaza ubu burenganzira bwo gukingirwa mu bihe kanaka iyo biriko bikoreshwa mu “bikorwa bibangamira umwansi”.
Israel imaze igihe kitari gito yagiriza Hamas ko ikoresha ibigo vy’ubuvuzi mu kunyegeza ibikorwa vyayo, ivyo uno muhari ufashwe mu mugongo na Irani uhakana.
IDF ivuga ko yatoye imiyoboro musi y’ibi bitaro yakoreshwa na Hamas, hamwe n’ibirwanisho vyayo, mu gitero yakoze kuri al-Shifa muri Munyonyo (11) 2023.
Ingabo za Israel zakoze kandi igitero gikomeye ca gisirikare ku bitaro Nasser – ikigo c’ubuvuzi ca Gaza kigira kabiri - mu kwezi kwaa kabiri.
Abaganga babwiye BBC ko bahagaritswe, bakambikwa ibitambara mu maso baranakubitwa muri ico gitero, ivyatumye umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire Lord Cameron asaba "insiguro ku banya-Israel ".
Igihe itera ibi bitaro vya Nasser, IDF yavuze ko yahatoye ibirwanisho yongera ibona n’ibimenyetso vyerekana ko hari abanyurujwe bari bapfungiwe muri ico kigo.
Igisirikare ca Israel catanguje igitero muri Gaza inyuma y’aho abarwanyi ba Hamas bagandaguriye abantu bababa 1200 mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu 2023 ikongera ikanyuruza abandi 253.
Ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara y’abantu buvuga ko abantu barenga 31.300 bamaze kwicwa muri aka karere k’Abanya-Palestina kuva ico gihe.












