Hamas yarasambanije abagore ku nguvu yongera irabaca ingingo ku wa 7 Gitugutu , nk'uko BBC yabimenye

Ahavuye isanamu, BBC/Nik Millard
BBC yabonye kandi yumvise ivyemeza ko habaye gusambanya ku nguvu, guhohotera bishingiye ku gutsina hamwe no guca (guhimbura canke gukata) ingingo abagore mu gihe c'ibitero vya Hamas vyo ku wa 7 Gitugutu (10).
MURAGABA: IYI NKURU IRIMWO AHO HAVUGWA MU BURYO BWERUYE CANE IHOHOTERWA RISHINGIYE KU GITSINA HAMWE NO GUSAMBANYWA KU NGUVU
Abantu benshi bari mu gikorwa co kwegeranya no kumenya umwidondoro w'ibiziga vy'abishwe muri ico gitero batubwiye ko babonye ibimenyetso vyinshi vy'abakubaguwe bifatiye ku gitsina, harimwo abo ibiyunguyungu vyavunitse, abatemaguwe n'abatabaguwe, kandi ko abakorewe amahano barimwo abana, abayabaga n'abageze mu za bukuru.
Intahe ya video y'umwe mu babibonye mw'isabukuru y'umuziki ya Nova, yeretswe abamenyeshamakuru n'igiporisi ca Israel, irerekana ido n'ido ryo gusambanya ku nguvu no kwica umwe mu bagize ivyo vyago.
Ama video y'abagore bari gusa kandi buzuyeko amaraso bafashwe amasanamu na Hamas ku munsi w'igitero, hamwe n'amafoto y'ibiziga yafatiwe aho vyabereye mu nyuma y'aho, yerekana ko ababateye bakoreye abagore amabi ashingiye ku gitsina.
Abakorewe amahano vyibazwa ko ari bake barokotse kugira bavuge bo nyene ivyabashikiye.
Ibihe vyabo vya nyuma biriko biraterateranywa bitanzwe canke bivuzwe n'abacitse kw'icumu, abegeranije abapfuye, abakozi bo mu buruhukiro bw'abapfuye hamwe n'ama video ari ku mbuga z'abateye.
Imbere y'aho, igiporisi cari careretse abamenyeshamakuru imwe mu ntahe ziteye ubwoba y'umugore bafashe amasanamu yari mu giteramo ca Nova umunsi w'igitero.
Avuga ko yabonye abagwanyi ba Hamas bariko barasambanya bakurakuranwa umugore bongera bamuca ingingo imbere y'uko umwe mu bari bamuteye amurasa mu mutwe yongera abandanya kumusambanya ku nguvu.

Ahavuye isanamu, BBC/Nik Millard
Muri iyo video, uwo mugore azwi nk'icabona S yigana abo bateye baterura bahanahana uwo bakorera amahano.
''Yari agihema,'' nk'uko ico cabona kivuga. ''Yariko arava amaraso mu mugongo.''
Arabandanya avuga ido n'ido ry'ingene abo bagabo baciye ingingo zimwe zimwe z'uwo yariko arakorerwa amahano.
''Baraciye ibere ryiwe barita mw'ibarabara,'' nk'uko avuga. ''Bariko bararikinisha.''
Uwo yariko arakorerwa amahano yaciye ahabwa uwundi mugabo yambaye umwambaro ubaranga (uniforme).
''Yaciye amwinjizamwo [igitsina], aca amurasa mu mutwe imbere y'uko arangiza. Ntiyanadugije n'ikareso yiwe; ararasa agaca asesa [intanga]''.
Umwe mu bagabo bari muri iyo sabukuru twavuganye yavuze ko yumvise ''urwamo n'amaborogo y'abantu bariko bicwa, basambanywa ku nguvu, bacibwa imitwe''.
Ku kibazo cacu co kumenya ingene azi ko ari vyo - kandi atabibonye - ko amaborogo yumva asigura ko hari abariko barahohoterwa bishingiye ku gitsina aho kuba ayandi mahano, yavuze ko yemera ko uko yavyumva ata kindi kwari ugusambanya ku nguvu.
Inyandiko yagize abicishije mw'ishirahamwe rifata mu mugongo [abaciye mu bihe bigoye] rivuga ko ivyo bintu vyari 'ivy'abataye ubuntu''.
''Bamwe mu bagore basambanijwe ku nguvu batarapfa, abandi basambanijwe bakomeretse, abandi bari bamaze gupfa igihe abo bakozi b'iterabwoba basambanya ku nguvu ibiziga vyabo,'' nk'uko inyandiko yiwe ivuga. '' Numva hari ico nategerezwa gufasha, ariko nta na kimwe nashobora gukora.''

Ahavuye isanamu, BBC/Dave Bull
Igiporisi kivuga ko gifise ''vyinshi'' cabwiwe n'abiboneye amabi ashingiye ku gitsina yakorewe abagore, ariko ko ata vyinshi gishobora kuvuga birenze aho ku gitigiri cabo. Igihe twavugana nta n'umwe mu bacitse kw'icumu cari bwavugishe.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe akazi, May Golan, yabwiye BBC ko bakeya mu bantu bakorewe amabi ashingiye ku gitsina barokotse muri ivyo bitero, kandi ko bose bariko baravurwa indwara zonona amagara yo mu mutwe.
''Ariko ni bake, bake cane. Benshi bishwe bunyamaswa,'' niko avuga. ''Ntibashobora kuvugisha umuntu - yaba jewe canke uwundi uwari we wese wo muri reta [canke], umumenyeshamakuru.''
Video zafashwe na Hamas zirimwo imwe y'umugore umwe, yambitswe amapingu hanyuma agatwarwa nk'imbohe aboneka ko yatemaguwe ku maboko kandi yavuye n'amaraso menshi mu bwicarariro bw'ipantaro yiwe.
Mu yandi ma video, abandi bagore batwawe n'abagwanyi bagaragara bari gusa canke batikwije.
Amafoto menshi yo ku mbuga [za internet] inyuma y'igitero yerekana ibiziga vy'abagore bari gusa kuva mu mafyinga kumanuka, canke agahuzu ko munsi gatabuye uruhande rumwe, amaguru agenda arakonakona, n'ibimenyetso vy'uko ibice vy'igitsina n'amaguru vyabo vyasinzikajwe.
''Biboneka ko Hamas yigiye kuri ISIS muri Iraq, ivyabereye muri Bosnia, gukoresha ibiziga vy'abagore nk'ibigwanisho,'' nk'uko bivugwa na Muganga Cochav Elkayam-Levy, umuhinga mu mategeko mu kigo ca Davis Institute of Internal Relations kuri kaminuza y'Abeheburayi (Hebrew University)
''Ndahinda agashitsi menye gusa ido n'ido ry'ivyo bari bazi vyo gukorera abagore: guca ingingo zabo, guca ikirindirindi ingingo z'igitsina cabo, kubasambanya ku nguvu. Biteye ubwoba kumenya ivyo bintu.''

Ahavuye isanamu, BBC/Dave Bull
''Naravuganye n'abakobwa batari munsi ya batatu ubu bari mu bitaro kubera kwononerwa bikomeye amagara yo mu mutwe kubera amahano babonye abasambanywa ku nguvu,'' niko umushikiranganji May Golan yambariye. ''Bigize abapfuye hanyuma barabiraba, kandi baravyumvise vyose. Kandi uwo mutwaro ntawo bashoboye.''
Umukuru w'igiporisi ca Israel Yaacov Shabtai yavuze ko benshi mu barokotse ico gitero bibagora kuvuga kandi ko yibaza ko bamwe muri bo batazokwigera bavuga ivyo babonye canke baciyemwo.
''Abahungu n'abakobwa bakiri bato 18 bari mu bitaro vy'abarwaye mu mutwe kuko bananiwe no kubaho uko bahora,'' niko avuga.
Abandi bivugwa ko bafise ingendo zo gushaka kwiyahura. Umwe mu bakorana n'abafasha abarokotse yabwiye BBC ko bamwe baja bamaze kwiyahura.
Vyinshi mu vyemezo vyavuye mu bakorerabushake begeranya ibiziga barungitswe inyuma y'igitero, hamwe n'abandi bakiriye ibiziga igihe vyaba bishikanywe mw'ikambi ya gisirikare ya Shura kugira hasuzumwe umwidondoro wavyo.
Umwe mu bakorerabushake bagiye kwegeranya ibiziga akorana n'ishirahamwe ry'idini ryitwa Zaka yambwiye ko yabonye ibimenyetso vyo kuborezwa igufa no kugirwa bigiriti birimwo, nk'uko yavuze, umugore yibungenze (atwite) yatabuwe inda imbere y'uko yicwa, umwana wiwe nawe akaziburwa imbugita akiri mu nda ya nyina.
BBC ntiyashoboye guhinyuza mu buryo bwigenga ibi bivugwa, kandi ibinyamakuru vyo muri Israel na vyo vyaragize amakenga kuri zimwe mu ntahe z'abakorerabushake bagiye mu bikorwa vyo muri ico gihe c'inyuma y'ibitero vya Hamas.
Uwundi, Nachman Dyksztejna, yatanze intahe yanditse y'uko yabonye ibiziga vy'abagore babiri ahitwa Be'eeri amaboko n'amaguru yabo aboheye ku gitanda.
''Umwe yakorewe amahano ashingiye ku gitsina hakoreshejwe imbugita ishinze mu gitsina ciwe, ibice vy'imbere vyose navyo vyagiye ahabona,'' nk'uko iyo ntahe yanditse ivuga.
Mu kibanza cariko kiraberamwo isabukuru, avuga ko udusago duto duto ''twari twuzuye ibirundo vy'abagore. Impuzu zabo zari zitabuye mu gice co haruguru, ariko hepfo ho bari uko zabaremye (bari gusa). Ibirundo n'ibirundo vy'abagore [...] Uravye wegereye neza imitwe yabo, warabona ko barashwe rimwe mu bwonko umwe wese.''
Ibiziga amajana vyaregeranijwe n'abakorerabushake ahariko harabera isabukuru.

Ahavuye isanamu, BBC/Dave Bull
Abakoze amatohoza bemeza ko muri iyo minsi ya mbere y'akajagari inyuma y'ibitero, mu gihe ibice bimwe bimwe vyari bikiriko biraberamwo intambara, amahirwe yo gushobora kugenzura neza ahabereye ivyaha, canke gufata ibimenyetso vy'aho vyakorewe, yari make canke yabacitse.
''Mu minsi itanu ya mbere, hari hakiri abaterabwoba ku butaka bwa Israel,'' nk'uko May Golan avuga. ''Kandi hari amajana n'amajana y'ibiziga ahantu hose. Bari bahiye, nta ngingo bari bafise, bari batemaguwe bunyama".
''Cari ikivunga c'abishwe n'abakomeretse,'' nk'uko umuvugizi w'igiporisi Dean Elsdunne yabwiye abamenyeshamakuru.
''Igikorwa ca mbere kwari ukumenya umwidondoro w'abapfuye n'abakomeretse, n'ubwo bitaba bibereye ahakorewe icaha. Abantu bari barindiriye kumenya ivyashikiye ababo.
Abakozi bo mw'ikambi ya gisirikare ya Shura, aho ibiziga vyazanwa kugira bisuzumwe umwidondoro, nibo bahaye abakoze amatohoza bimwe mu vyemezo bikomeye cane.
Ibi vyemezo vyavuye mu kibanza c'amahema categuwe ubwo nyene hamwe na za konteneri zikanyisha [zikonjesha] zashizwe muri iyo kambi kugira higwe umwidondoro.

Ahavuye isanamu, BBC/Dave Bull
Igitigiri c'abahaguye kiragoye kumenya, imvo imwe ikaba ari ingene ibiziga vyari bimeze (vyayoberanye).
''Kuba benshi ho ni benshi,'' bivugwa n'uwundi musirikare yariko arakora yasavye ko twokoresha izina ryiwe rya mbere gusa, Avigayil. ''Biragoye kuvuga. Naregeranije bimwe mu biziga vy'abantu bari bahiye kandi sinashobora kumenya ivyo bari baciyemwo. Hari n'ibiziga bitagira igice co hepfo - Abo sinzi ko basambanijwe ku nguvu. Ariko abagore bigaragara ko basambanijwe ku nguvu? Barahari benshi. Barenzeko mbere.''
''Rimwe na rimwe usanga ku muntu hasigaye agace gato k'umubiri,'' niko muganga Elkayam-Levy yambwiye. ''Kumbure usanga ari urutoke, ikirenge canke ikiganza, ariko bagerageza kumenyerako umuntu. Abantu barahiye baracika iminyota. Nta na kimwe casigaye [...] Nshaka kuvuga ko tutazokwigera tumenya ingene abo bantu bangana".
Ukwabo, bamwe muri abo bakora kuri ico kibazo bavuga abantu baharurwa ''mu mirongo'' bishwe ariko bagaca bihutira kugabisha ko ivyemezo bikiriko biregeranywa biterateranywa.
Umugwi urongowe na muganga Elkayam-Levy, wo kwegeranya intahe z'ivyaha bishingiye ku gutsina, usaba ko amakungu yokwemeza ko ivyabaye ku wa 7 Gitugutu bishobora kuba ivyaha bikorerwa zina muntu.
''Turabona ibintu biguma bigaruka,'' niko yambariye. ''Si ivyapfa gushika. Vyakorwa bikurikiza integuro igaragara. Kwari [...] ugusambanya ku nguvu nk'ihonyabwoko.''
Avigayil yemera ko hari isano mu mahano yakozwe uravye ibiziga vyashikira mw'ikambi ya Shura.
''Hari ibintu ubona ko vyakorwa kumwe kuko abagore bo mu kibanza kimwe wasanga bakorewe ibisa,'' nk'uko avuga.
''Hashobora kuba hari igitigiri runaka c'abagore basambanijwe ku nguvu mu buryo bumwe, hanyuma tukabona ko busa n'ubwakoreshejwe ku bindi biziga; hanyuma uwundi mugwi w'abagore batasambanijwe ku nguvu ariko barashwe incuro nyinshi mu buryo bumwe nyene. Biboneka rero ko imigwi itandukanye y'abaterabwoba yari ifise uburyo butandukanye bwo gukora amahano.''

Ahavuye isanamu, BBC/Dave Bull
David Katz wo mu mugwi wo kurwanya ubukozi bw'ikibi buciye kuri internet nawo uri mu bakora amatohoza, yabwiye abamenyeshamakuru ko hakiri kare cane kwemeza ko amabi ashingiye ku gitsina yari yashizwe mu nteguro y'igitero, ariko ko amakuru yavuye mu materefone y'abagwanyi ba Hamas yerekana ko ''ibintu vyose bisa n'ivyakorwa hakurikijwe integuro".
Reta ya Israel yerekana inyandiko ivuga ko zafatanywe abagwanyi ba Hamas zisa n'izishigikira iciyumviro c'uko amabi ashingiye ku gitsina yateguwe. Yasohoye ibice vy'ama video y'isambishwa rya bamwe mu bagwanyi bafashwe aho baboneka bavuga ko abagore bakorewe ivyo muri iyo ntumbero.
Mu ndwi iheze, ishami rya ONU ryitaho abagore ryasohoye itangazo rivuga ko ''ryiyamirije ata guhingitanya ibitero bunyamaswa vya Hamas '' kandi rihagaritswe umutima n'ibiguma vyegeranywa ku mahano ashingiye ku gitsina muri ico gihe c'ibitero''.
Muganga Elkayam-Levy yavuze imbere y'uko iryo tangazo risohoka ko amasezerano muzamakungu y'uburenganzira bw'abagore yatevye cane kwishura ku busabe bwo gushigikirwa.
''Ayo niyo mabi atohojweko cane kurusha ayandi muri kahise ka zina muntu,'' nk'uko yambwiye.
''Israel yo ku wa 7 Gitugutu si igihugu kimwe n'icavyutse ku munsi ukurikira,'' nk'uko vyavuze n'igiporisi Yaacov Shabtai.
Muri ayo mahano y'ivyashikiye abagore ngaha, Captain Maayan wo mu mugwi wa Shura wo kugerageza kumenya umwidondoro avuga ko ibihe vya mbere bikomeye cane ari igihe abona ''ingene baba basize ingohe, n'amahereni baba bambaye muri ico gitondo''.
Ndamubaza aho bimukora, nk'umugore.
''Iterabwoba,'' niko yishuye. ''Biradutera ubwoba.''
Uwundi yatereye muri iyi nkuru ni Scarlet Barter






