Kenya: Umwana w'umukobwa w'imyaka 12 yagiye ku bagabo babiri mu kiringo c'ukwezi kumwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwana w'umwigeme w'imyaka 12 yaratabawe n'abategetsi ba Kenya inyuma yo kujanwa ku mugabo ku nguvu incuro zibiri zose mu kiringo c'ukwezi.
Se w'ako gakobwa, aba mu karere ka Narok mu burengero bw'umugwa mukuru Nairobi, yagategetse kuja ku mugabo w'imyaka 51.
Karatorotse gaca kaja ku mugabo w'imyaka 35 imbere y'uko gatabarwa n'uwujejwe agateka k'abana hamwe n'abategetsi bo muri ako karere.
Muri Kenya, kwubakana n'umwana adashikana imyaka 18 n'icaha.
Uwugwanira agateka k'abana avuga ko yahawe inkuru z;uwo mukobwa igihe yariko aratabara uwundi mwigeme.
Joshua Kaputah wo mw'ishirahamwe riharanira amahoro mu karere ka Narok, yabwiye BBC ati:"Se yamushingije ku mugabo ashaje kugira amubere umugore. Nta kundi yari kubigenza atari guca aja ku mugabo akiri muto."
Kaputah yongerako ko ubukene n'iyugarwa ry'amashure kubera ikiza ca coronavirus vyagize uruhara runini mu kwiyongera kw'igitigiri c'abakobwa baja kwubaka bakiri abana.
Agira ati:"Imiryango imwe irashonje, babonye rero akaryo ko kuronka inkwano y'inka zibiri canke zitatu, birabagerageza."
Ikinyamakuru Standard co muri Kenya kivuga ko, inyuma y'aho uwa mbere atangiye inka zine nk'inkwano, uwo mwana w'umukobwa yaranse ubwo bugeni, aca arakubitwa arashaya na bavyarawe.
Uwo mwana yoba yabwiye Standard ati:"Naratorotse, hanyuma kubera ntashobora kugaruka kwa dawe kubera natinya ko angirira nabi, natorokanye n'umugabo w'imyaka 35, afise uwundi mugore."
Kaputah avuga ko, se wiwe yamurondeye akamutora aca amusubiza kuri uwo mugabo w'imyaka 51.
Igihe Kaputah yashika ari kumwe n'abaserukira reta, uwo mugabo yari yamaze guhunga.
Igipolisi kiriko kirarondera se w'uwo mukobwa n'abo bagabo babiri babanye n'uwo mwana w'umukobwa, bose bahunze nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vyaho.
Mu gihe bohamwa n'icaha, bashobora gupfungwa ikiringo kingana n'imyaka itanu n'ihadabu rishobora gushika ku muliyoni y'ama shikingi ya Kenya (10.000$).










