Abari mu myiyerekano muri Kenya batanye mu mitwe n'imigwi ibarwanya

    • Umwanditsi, Anne Soy
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abanya Kenya bari mu myiyerekano batanye mu mitwe n'uturwi tuyirwanya, bikekwa ko dushigikiye reta, hagati mu mugwa mukuru Nairobi.

Iyi myiyerekano yatunganijwe iminsi 10 inyuma y'urupfu rw'umwigisha Albert Ojwang, yari asanzwe azwi ku mbuga hwaniro, yaguye mu gasho aho yari yapfunzwe kubera yahamagariye ko umupolisi mukuru yirukanwa mu kazi.

Igipolisi cari cavuze ubwa mbere ko Ojwang yapfuye azize ibikomere yiteye, ariko biba ngombwa ko bisubirako inyuma y'aho ibipimo vyo kwa muganga vyerekaniye ko ashobora kuba ahubwo yaragiriwe nabi. Abapolisi babiri barahagaritswe kubera urwo rupfu rwiwe.

Iyi myiyerekano ije mu gihe hasigaye iminsi mike ngo muri Kenya bibuke umwaka ushize habaye iyindi myiyerekano aho abayitunganije bagavye igitero ku ngoro y' inama nshingamateka.

Kuri uno wa kabiri, habaye utugwi tw'imisore twagavye ibitero ku bari mu myiyerekano mu mugwa mukuru Nairobi, aho twagenda ku mapikipiki twitwaje ibibando.

Amasanamu ya video yerekana urwo rwaruka ruriko rugenda rubangabanganye n'abapolisi, bagenda batera imyuka yokera mu ntumbero yo kuburagiza abari mu myiyerekano.

Ikigo c'itangazamakuru Reuters cari catangaje ko hari babonye ikiziga c'umuntu kw'ibarabara gifise igikomere ku mutwe, ariko umuvugizi w'igipolisi ca Kenya yavuze ko ivy'uwo muntu yapfuye atavyo azi. Ikigo c'itangazamakuru AFP na co gisubiramwo amajambo y'umuntu akora mu bitaro avuga ko uwo muntu yari agihumeka ariko aremvye cane.

Abapolisi barungitswe mu bibanza bitandukanye vy'igisagara, mu nzira yo gutangira abari mu myiyerekano, ngo ntibagere ahari amahwaniro canke ngo bashike ku nyubakwa za leta.

Icegera c'umukuru w'igipolisi Eliud Lagat yatanze imihoho, mu gihe amatohoza akibandanya ku rupfu rwa Ojwang.

Ariko abaharanira ubrenganzira bw'abandi bashaka ko akurwa mu kazi, kubera ari ikirego ciwe cari capfunzwe uwo mugabo Ojwang w'imyaka 31 yari yamenyekanye kubera gukoresha imbuga hwaniro mu gushikiriza ivyiyumviro vyiwe,

Umwe mu bari mu myiyerekano yabwiye BBC ati: "Ntidukwiye guterwa ubwoba. Ntidukwiye kugondozwa, dushaka ko Lagat atanga imihoho."

Uwundi agira ati: "Dushaka ko atanga imihoho kandi dushaka ko afatwa. Dushaka ko yicara ngaha akishura ibibazo. Aracari ku rutonde rw'abahembwa, aracigina amafranga yavuye mu maboko y'abanyagihugu."

Icuka kibi kiracari cose i Nairobi. Ibikorwa vyinshi hagati mu gisagara vyari vyahagaze kandi biraboneka ko hari abantu bake cane mu mabarabara.

Imyiyerekano yo mu mwaka uheze, yari yatunganijwe n'abakiri bato, yari iyo kwiyamiriza integuro y'itegeko rigenga amafranga, yateganya kuzana amakori mashasha. Vyageze aho abari mu myiyerekano binjira inama nshingamateka ku wa 25 Ruheshi, bituma reta iheba ivyo yasaba muri iryo tegeko.

Nta makori mashasha ahari muri uyu mwaka, ariko abaharanira uburenganzira bafise intumbero yo gukomereza muri uwo mwuka ngo bahamagarire abantu bose guhagarika akazi ku munsi wa gatatu uza.